Accueil > Amakuru > u Burundi > Col BARATUZA : Umusirikare azokwankirwa kurungikwa mu makungu azokorera mu (...)
Col BARATUZA : Umusirikare azokwankirwa kurungikwa mu makungu azokorera mu Burundi
samedi 21 Ntwarante 2015, par
Mu gisirikare c’Uburundi bamenyesha ko ritabaye irya mbere abasirikare bariko bitegurira kurungikwa kugarukana amahoro mu makungu basabwa imyidondoro yabo. Umuvugizi w’ico gisirikare amenyesha ko umusirikare azokwankirwa kurungikwa muri AMISOM azobandanya akazi kiwe mu Burundi, mu gisikare.
Ubuserukizi bw’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika buheruka gusaba ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi ko bwokora umwidondoro ukwiye w’abasirikare bari muri bataillon ya 34 bariko bategurirwa kurungikwa kugarukana amahoro mu bikorwa vya AMISOM.
Mw’ikete ryo mw’ibanga riheruka kurungikirwa umushikiranganji w’ukwivuna abansi Général Major Pontien Gaciyubwenge, ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi bwasavye ko bworungikirwa imyidondoro y’abasirikare bose bari muri bataillon ya 34 iriko yitegurira kurungikwa muri AMISOM muri Somaliya, kugira ubwo buserukizi busuzume neza ko imfashanyo ziriko zitangwa mu basirikare b’abarundi barungikwa kugarukana amahoro muri Somaliya, atari izihabwa abantu bafise ivyo bagirizwa muri kahise mu bijanye n’ububisha bukomeye kuri kiremwa muntu.
Bubicishije mu gisata kijejwe gufashanya n’umutekano, ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi, busaba ko hoba umwidondoro ukwiye w’umusirikare w’umurundi wese ari muri bataillon igira iya 34 iriko yitegurira kurungikwa muri Somariya mu bikorwa vya AMISOM.
Umuvugizi w’igisikare c’Uburundi Colonel Gaspard BARATUZA arahakana ko ivyo vyasabwe n’ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika vyoba bifitaniye isano n’ibiheruka kwagirizwa bamwe mu basirikare b’abarundi ko bakoze ihohoterwa rifatiye ku gitsina ku bakobwa n’abagore b’abasomariyakazi, hamwe n’ubwicanyi ndengerabutungane buheruka kwagirizwa bamwe mu basirikare b’abarundi, ku barwanyi bari bishikanye mu ngwano iheruka kubera mu ntara ya Cibitoke.
Mu kiganiro c’abavugizi bose b’inzego za Reta cabereye mu ntara ya Muyinga kuri uwu wa gatanu, Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, yamenyesheje ko ritabaye irya mbere abasirikare bariko bitegurira kurungikwa mu makungu kugarukana amahoro basabwa imyidondoro. Ku kibazo c’ukumenya ico igisirikare c’Uburundi kizokora ku musirikare azoba yagirijwe ivyaha yoba yarakoze muri kahise mu bijanye n’ububisha bukomeye kuri kiremwa muntu, Colonel Gaspard Baratuza yishura ko uwuzokwankirwa kurungikwa mu makungu azoguma mu Burundi mu bindi bikorwa vy’akazi kiwe mu gisirikare c’Uburundi.
- Colonel Gaspard BARATUZA, mu kiganiro n’abavugizi bose b’inzego za Reta
Tubibutse ko mw’ikete ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi bwarungikiye Général Major Pontien Gaciyubwenge, umushikiranganji w’ukwivuna abansi, bamusavye ko n’imiburiburi iyo myidondoro y’abo basirikare b’abarundi bo muri Bataillon ya 34 yoba yashikiriye ubwo buserukizi kw’igenekerezo rya 27 Ntwarante 2015.
Muri iyo myidondoro, umusirikare wese azomenyesha itariki y’amavuka yiwe, aho yavukiye, amazina y’abavyeyi biwe, aho yakoreye hose, hamwe n’abari bamutwara ku rwego rwo hejuru. Iryo kete ry’ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi rivuga ko iyo myidondoro izofasha kugira hasuzumwe ko imfashanyo za Reta zunze ubumwe za Amerika zidahabwa abantu bagirizwa kuba barakoze ububisha, mu guhungabanya agateka ka zina muntu muri kahise.
Egide Nduwimana
Messages
21 Ntwarante 2015, 16:42, par Nuwera
Komera nyakwubahwa Baratuza uvuzeneza, abarundi tuzikwaribenewacu kandituziko birirwabavugako bakund’abarundi nu burundi bakomeje ukurikwamwe kudodobereza inzegozitandukanye zomugihugu cacu cu Burundi hiryanohino babwira amakungu atandukanye ngonimukoribi mwongere mukorenibi kuraba hamwenaba muntumbero yokugira dusubire iyotwavuye ngodukore ibintu vyotuma twankana canke turyana! Mwamakungumwe muzotahirakure nimwishinga ubujambo bwabarundi bamwebamwe muzozakwisanga mwaratandikiriye ibitabaraba canke musigaye mwitwa ko namwe murimubariko barenyegeza akariro kokwongera kuryanisha abarundi (Libiya, atc) !!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!???????????????????????????.
21 Ntwarante 2015, 18:58, par Nkeshimana J.Bosco
iyo myidondoro nikorwe mu maguru masha kandi birinde gushiramwo amanyanga.nimba hari imbonerakure canke abo mw’iperereza bashizwemwo babakuremwo vyihutirwa
21 Ntwarante 2015, 19:24, par CIZA Jean
Umuvugizi avuga neza kuko kuva 1972 dukora igisoda kandi twahembwa make abaho twarabayeho izo mission zo zije vuba. iyo udaciye uva mukazi ntangorane. ikindi naco umututsi yiyumvireye kuja gutanga raport muri embassade yarakoze kuko abagize irya bataillon ya 34 harimwo abariho muri 1972
21 Ntwarante 2015, 21:09, par Birandengeye
Mon colonel, nagira iwo azoboneka ko yasinzikaje agateka ka muntu abwirizwa kubogozwa hanyuma agacibwa urubanza.
22 Ntwarante 2015, 16:00, par I
Wewe Birandengeye, kugerubu nturabona kwarukubiyumvira ukutarikwo? Uwo Col. Baratuza yabivuzekurya kubera yamazekubonako harimwo akarenganyo akabonako abarundi kuvakera bamye barangwa nubwitonzi n"Ubuntu atirero ntavyokunyinyurana nabantu atabasirikarebacu bazoheza bakomeze imirimoyabo yagisoda ngaha Burundi.
23 Ntwarante 2015, 09:43, par matana
kuva uburundi buba uburundi IGISIRIKARE CACU NTICARI BWACAFURE .raba bafashe IMBONERAKURE BAZIRUNGIKA MURI SOMALIE nizo zakoze amarorerwa bikaca vyitirirwa ABASODA .turiyamirije ababarungika yo.
23 Ntwarante 2015, 16:19, par Nuwera
Muranyumviye ukuntu uyumuntu yiyise Matana ahokuvuga abahutu jubabaragiye mugisida aciye yivugushango Imbonerakure! Kugira bwabuhutu namamvuga butazigushishoza ntiburabukwe icoyashatse kuvuga? Rekerakazi ababishinzwe ureke kucuzanamwo ivyabobavukanyibawe bi Mbonerakure Gahini yishemwenewabo Abel ntacovyamumariye na Yuda wi Sikayota yagambaniye Yezu ntacivyamumariye vugukuri ntacokwonona.
25 Ntwarante 2015, 15:19, par Vyisi Lio
Ewe Burundi Urahanzwe! Nagombandabibutseko Mwihevye Kuko Ndabiraba Abasirikare Ntibazobihanganira Mugombakubakura Amata Mukanywa