IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Compte yo guterera amatora yuguruwe mw’Ibanki nkuru y’igihugu

Compte yo guterera amatora yuguruwe mw’Ibanki nkuru y’igihugu

mardi 26 Rusama 2015

Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’umunyamabanga wa Reta y’Uburundi akaba n’umuvugizi wayo, avuga ko Reta yunganiwe n’abo basanzwe bafashanya imaze kwegeranya uburyo butari buke bukenewe mu matora.

Muri iryo tangazo, Firipo Nzobonariba avuga ko ubwo buryo bumaze kwegeranya n’ubundi buzotangwa nk’intererano ku w’uvyipfuza gufasha mu matora yo kw’igenekerezo rya 05 Ruheshi 2015 ku Bajenama b’Amakomine n’Abashingamateka, igenekerezo rya 26 Ruheshi 2015 ku matora y’umukuru w’igihugu, n’igenekerezo rya 17 Mukakaro 2015 ku matora y’Abakenguzamateka.

Mu ntumbero yo gushira mu ngiro icemezo Reta yihaye co gutsimbataza ingendo ya Demokarasi ishingiye ku burenganzira bw’abenegihugu bwo kwitorera bo nyene indongozi zabo kuva ku nzego zo hasi gushika kuzo hejuru, Reta irateye akamo Abarundi bose bakunda igihugu cabo kandi banyuzwe n’iyo ngendo ya Demokarasi, kugira akigoro bagatanga agatererano uko koba kangana kwose, ku bushake bwabo, kugirango basahirize utwigoro tumaze kugirwa n’abagenzi b’Uburundi.

Iyo ntererano yoshirwa kuri Compte yuguruwe mw’Ibanki Nkuru y’Igihugu (BRB) ifise inomero 1110/232 yitiriwe « Amatora 2015 ».


Aristide Nizigire

Messages

  • Ndanse guterera amatora y’ubusuma kandi infashanyo zanigiwe mu menshi n’uumuntu umwe ku nyungu ziwe gusa abanyagihugu bakaja mu marira afatiye mu buzima bwose. SINDI UMUJA.

  • None inyuma y’amatora tuzobaho gute? mbe guhera ubu ntakintu nakimwe kizokogwa muri leta kombona amahera yose bayakatishije mumatora? tuzoshobora kubaho atamakungu adufasha? je mbona abategetsi bikunze baheba twebwe abanyagihugu.

  • Nuko nuko, twikure akagaye k’abazungu

  • Karabananiye! Reka turabe iyo bija.

  • Karabananiye! Reka turabe iyo bija.

  • Wandayamutaye nawe ngurushirangaji abana nimiryango turabuze ivyotubagaburira kubera izonyaga zanyu zidahaga zizohagivu turanka ayo tubaha mwirigwa muraturasa mutwica mudahaga amaraso imana ibuca ibuca iberka yoyo si Pier ntakigintango kiburiherzo

  • hahahaa ego nivyiza tubirindire turabe iyo bijana ariko mana garukira uburundi

  • Birateye isoni nikigongwe kubona umushingantahe nkawe wemera ako kagaye Ngo Uri umuvugizi WA leta aho woheba ako kazi kumugayo woba iki hako wicafuza ukongera agacafuza abo wibatutse kubera onda ndende yabo mufadikanyije. Aho ntuboma ko ataco tuzoshikako muburundi Ata mfashanyo turonse yibihugu vyarutura, please my leaders your reputations are going down even if you seem to be blinded of what’s happening.

  • Tugiye tubonye kabisa n’ababashigikiye ari umunsi abazokwicuza vyabaye trop tard,usa na papa wanje kandi ndibaza ko nimyaka mungana urambabarira sindakubwiye nabi ariko amaso yawe nivyo uvuga vyerekana ko uvyo uvuga nivyo wa tamitse kandi vyerekana ko utinya no kuvuga ukuri kuberiki utoba incungu y’uburundi ko igihugu kigiye habi?nabo bazoja gutora bazoba ba bafashije gusahura igihu izuba riva !!!

  • Ndaje ntange iconshoboye kuronka mwuwo mufuka wogushigikira amatora 2015

  • burets gato nibindi tuzobona:ngo dutere?indege irariw ngo ni reta yitore nabanyagihugu non dusubire ?nimury inguvu zacu nitw twabihay

  • TWIYEMEJE GUTANGA KUGIRAMATORA AKORWE ABABAZUNGUTUBAZEYEHO AKAZIRI BATUZANAMWO IBINTU BIZIMVYE KUBIKORA BWACA BAKUBWIRA NGUGENDERE KUMATEGEKO YABO NKAMWE YOKUGIKORONI UKANKA NAVYABINDIBAKUZANAMWO BAKABIGUTANA . TWIYEMEJE GUSHIGIKIRA DEMOCRATIE TWENEYE VYASEBIKUNZE.

  • biratey intimba nukuri!bimwe bavuga rero nivyo?urukwavu rurakura rukonka umwana?

  • Murasara nimutange muyo mivye igihugu cacu turabizi.Izo nda zanyu zizura ivu.

  • Dans 3 jours, c,est la fin du mois. Vous n,aurez pas d,argent pour payer les salaires a vos policiers (l,armee elle est en fuite). Le dollar est a 2000bif aujourd,hui. Attendez-vous a une hausse spectaculaire du carburant. Le pays est de facto sous embargo. Le regime Nkurunziza ne pourra pas tenir jusqu,au 26 aout. Ne parlons pas de l,apres-Nkurunziza II.
    A Philippe Nzobonariba: nous restons intransigeants. On negociera tout sauf sur le 3eme mandat.

  • hari petole mifise nka kadafi aho mwikurako abazungu nawe nyene vyaramutaye ku wa mazi . MU RAISONNA GUTE

  • MWE BAGABO MUMARAMARE NEZA!!! JE NARABABWIYE NIMBA BIRYA BIHUGU BITANGA IMFASHANYO BIZIHAGARITSE NTACO MUZIGEZAKO!!!ICONZICO NUKO NKURIKIJE IVYO WAMUVUGISHWA N’IMANA YAVUZE NTAMATORA AZOBA. ARACARI KIRIMWABAGABO NESTOR 8emeKINANIRA GITERANYI MUYINGA. I’m steel young but i wanna become something for saving my contry.from I borned, every thing i thought ,i thought for my country.

  • Ba bagabo ntibagira n ’ agasoni kabisa! Mbe ntibotora muri amwe banyuruza? Ubu ngira barahaye barabona ko vyari bikenewe kugwanya ya masiha no kugwanya isesagurwa ry’ itunga. Mbe sibo banafise imishara minini nibatubike umukanda amezi 2 ko bari trop zélés bayegeranye bareke gukora my nkovu abo baniguye mukunyonora nutwo batari bafise

  • quand on a coupé les aides pour le Rwanda , ce pays a pu résister alors pourkw pas le burundi !!

  • Haha Turapfuye nonoho!!!!
    Mbe aho RETA isaba intererano abanyagihugu kandi bugarijwe nubukene nitore yamfanshanyo yatangwa kuri compte ya BRB yogufasha abatuririwe ibintu vyabo muri marché central de Bujumbura.
    Canke nibasubize ya ndege bagura gushika nubu tutarayikubita ijisho.

  • Tuzoterera uko Imana izodushoboza abarundi twifuza amahoro numutekano c est tous point et train

  • Nta nudusoni nadukey abo bagabo bagifise ,bake intererano kubishwe n inzara?Tange imihoho harengeranye.

  • Nimurekure iyo mandat hama amahera Kataboneka!

  • Yezu ntananirwa kandi ntaho satani yigeze atsinda mubana b’Imana,igihe kirageze muzomubona Uwo Mwana w’Imana ivyo akara,yihoreye kera mwibaza ngo ntawuhari ariko umunsi nisaha bikagera muratangara kandi umwe wese kuco yakoze ingero bakwiranye azoyironka,yaduhaye ubwenge ngo tubukoreshe mubibereye aranaturinda kugeza ay magingo ntaco twatanze kuko har benshi batagihari ariko ntavyo tubona reka rero yikorere.

  • Bavuga ngo ibice 99,9% biratekanye mugabo ivyo bice bike bingana na 0,1% bituma OBR itakaza 9 milliards ku ndwi! none mwumva reta ya Peter ifise iki? Noneho Capitale Bujumbura yose nta kigenda kuko Komine 9 kuri 13 nizo ziriko ziriyamiriza Nkurunziza. Abasigaye naho boreka urugamba turi mukurutsinda! Ikindi naco, akagaye n’agasuzuguro k’abo bagabo kararenze. Aha bikuyeko umuzungu ngo hari ico bazokwishoboza? Rindira turabe. Numva ngo Nkurunziza yabitse amahera imiliyaridi hariya i Ngozi i Buye nazane aterere arabe ko bizokunda? Imana ingomba iyagarukane muri bene yo.

  • ndabafwinze nukuri kubona mu shaka guta igihugu mumanka none Imana yabaremye kugira mugume mubutegetsi .namba ataburyo mufise ntimwo heba iyo mandat ababirekuriye arbo batwara kuberiki mwigungira muvyo muto shobora imyaka 10 uburundi buri muri crise idasanzwe mushaka niyindi myaka 5 nukuri ndasaba IMANA nyeninganji ibahane baba jane ilahe mwese mushaka kuduta mu manga

  • UBUKENE BUZURA INZARA NGO MUSHAKA AMAHERA.NUKURI ABO BAKURU NIBAJE HAMWE BAYATANGE HAMA TUBATORE

  • Njewe ikibazo mfise nikimwe banya kwubahwa muserukiye uburundi noneko mwuguruye compte kandi abahora badufasha bakuyemo kabo karenge ubwo izo milliards nabonye zizavahe,?? Ko nabanya gihugu bugarijwe nubukene? Yamara mwari gukarisha akenge mukahiyunvirako neza nayahandi murazanvya vyose.

  • ubwa mbere ndashimye ukungene RETA ibonye ko idashoboye amatora ikabona ko ikeneye intererano yabanyagihugu,nuko gusa babona amafaranga ariko ubundi bwo intererano bakeneye kubanyagihugu ni nyinshi cane ariko kuko bakunda amahera babona amahera gusa,mbe twoyatanga ayo mahera basaba amajwi boyiha?ariko jewe iyo numvise umugabo nkuwo yubahuka akavuga ibintu nkimvyo mugihe nkiki birateye umubabaro nagahinda abantu bariko barapfa ntaco bibabarira mbega bibaza ko ruriye abandi nabo rubibagiye?abavyeyi buzuranye amarira y ibibondo vyabo ntanikibahoza mu gihe nkiki baza kubasaba amahera ngo amatora ?ayo maraso amaze guseseka mbe ntaco ababarira?ARIKO JEWE NDUMURUNDI KANDI NDAKUNDA IGIHUGU CANJE NAGOMBA GUKEBURA ABARUNDI BOSE ,KUJA AMATORA YA MBERE MU MWAKA 2005 NAHEREYE KERA MVUGA NTAMUNTU YASHESHE AMARASO AZOSHOBORA KURONGORA IGIHUGU NEZA ABARUNDI NAGOMBA KUBASABA NGO MUKANGUKE MU MENYE UKURI MURABIRE KUBIHUGU BINDI HARI IKIBAZO MFISE MBEGA UMUYANGA YANZI WINKA YOSHOBORA KUBA UMWUNGERE?NYAHO VYAKABONETSE NI NGOMBA AZIBAGE ARI MWISHAMBA AHO ABANDI BATABONA MWIKEBUKE BENEWACU MUTORE INDONGOZI NZIZA

  • Uzi Ko Mutagira N’isoni Kuvuga Ngo Duterere Amatora Adakurikije Amategeko?Mbega Turinda Dusabwa Amahera Abayatwaye Mu Mahanga Ntimubazi?Nibayazana Bakomeze Gufukama Igihugu Mu Nda.Noneho N’ubukene Buzurinzara,nivyanka Ko Bayatanga Abayivye Murareka Iyo Mandat Ya 3,abishoboye Babikore.Canke Ikuzimu Bayarungike Ko Twifadikanije Nabo.Ahandiho Cira Birarura.

  • Abantu tuba mumahanga tuzoterera kuri iyi compte canke hari iyindi mwaduteguriye.
    Twihe agateka nakare akimuhana kaza imvura ihise.

  • ndashigikiye ico ciyumviro!turi hagati mugihugu turikumwe namwe

  • Mbe Pyllipo jewe nzi ko wari umushingantahe igihe wahora ugenda utuka abafrodebu mwibarabara ngo bariye bourse y umuhungu wawe wari muguturika na gahinda. Wahawe na ba DD kubera akarimi kawe ibitutsi watuka bene wanyu ico gihe ngo none ni duterere. Genda ugurishe kirya kizu cawe co mugasekebuye wakuye mu ba DD. Ntimugira imitima ngo duterere oya kweri nsanze murinda na bado iyo mandant ya 3 mwebwe mwenyene muzokwiyicira peter akataraza karahinda,

  • Abantu mutwara uburundi murinukiye KO nta ntwaro yigito irabaho mu burundi nkiya petero erega ni muterereze timujane kwa muganga arasara

  • Nkurunziza n’akarwi kiwe nibo bariko banyonora igihugu nibafate murayo. Banyonoye bagirishe amatora naho rwanje ntibazobona n’ifaranga ritoboye hagati.

  • Monsieur le President de la Republique du Burundi, ndazi ko muri incabwenge ari naci catumye abarundi babizigira bakabazeza amabanga ahambaye mu gihugu.
    En plus ndazi ko vous etes tres mur en politique. De plus, je ne doute pas que vous connaissez assez plus en politique regional. ibivugwa hanze ni vyinshi, mais je sais tres bien et je suis tres convaincu que vous savez la realite des choses.
    Le monde n’aime pas la verite, et, comme le monde est ainsi, le plus fort reigne. Ndavye rero aho ibintu bigeze, Monsieur le President de la Republique, reflechissez une seconde fois, avant de prendre une definitive decision. Mon conseil a vous Monsieur le President, n’aho umengo nogereranwa na atome devant vous, RONDERA une personse bien preparee dans votre parti, mumushigikire n’inguvu zose, abe umu candidat wanyu.
    Ndazi ko bitoroshe, ariko think twice again. Iherezo umengo si ryiza hamwe vyoguma uko biri uno musi. Kura agati mu mazi ubuze intozi kukajabukirako ngo zishike hakurya.
    Nkaba ntukanye, ungirire imbabazi.

  • MWABUZITIKE IBAHUNGISHA MUKENEYE AYO MUTEMBANA .NIBIZU MWUBATSE NTIMUKOREKO NINGORO YA CN DD NIVYARETA VYOSE .NTIMURAHIMBA AGATOKI KAMENYEREYE GUKOMBA KAMA GAHESE .GENDA MUYATOZE MUBAHUNZE BABAHUNGA KORERA YABAMAZE UHUUU NTANISONI MUGIRA UMUPFU...................

  • ABARUNDI TURAKENYE IBICIROVYADUGIJWE BITUGEJEJE AHATEMBA KWIFASHANYO Y’AMAKUNGU YAHAGAZE NTAKUNDI ABAFISE BARATANGA ARIKO ATARI KUNGUVU

  • Nyakubahwa mukuru wigihugu ko wahisemwo kwitoza bidakurikije amategeko nivyamatora ntivyoba ikibazo urakoresha ayufise nayasigaye kuri falcone 50 hama utumire abanyamakuru uti nije natsinze abapolici bacungane nuwuvyanka. Erega banse guterera amatora kubera witoje utarekuriwe n’amategeko hama Adolfe na bunyoni bakwongerereje ayufise woyabasubiza dans 5ans kuko marche centrale de bujumbura na onatel woronka umu client ubishatse

  • Nyakubahwa mukuru wigihugu ko wahisemwo kwitoza bidakurikije amategeko nivyamatora ntivyoba ikibazo urakoresha ayufise nayasigaye kuri falcone 50 hama utumire abanyamakuru uti nije natsinze abapolici bacungane nuwuvyanka. Erega banse guterera amatora kubera witoje utarekuriwe n’amategeko hama Adolfe na bunyoni bakwongerereje ayufise woyabasubiza dans 5ans kuko marche centrale de bujumbura na onatel woronka umu client ubishatse

  • Akimuhana kaza imvura ihise kandi ngo ubuntu burihabwa. Abarundi b’ umutima tuve hasi umwe wese n’ico afise duterere nkuko Leta isavye. Burya ngo tubiri tuvurana ubupfu kandi ngo isoro sosro igwira iyo ija. Amatora nagenda neza tuzoba tweretse amakungu n’ ibigodye vy’abarundi, ata kindi kibaraje ishinga atari gutoba no guteranya abene gihugu, ko muburundi hakiri abagabo kandi ko Imana ikidukunda. Dukure amaboko mumpuzu igiti ntikigukora mu maso kabiri. Kanura burakeye cambu ca nyakwigendera Ndadaye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.