IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > COSYBU na CSB ahamagarira abakozi guhagarika imirimo biyamiriza rya tagisi (...)

COSYBU na CSB ahamagarira abakozi guhagarika imirimo biyamiriza rya tagisi ry’amafaranga 42

samedi 28 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Amahuriro y’amasendika yo mu Burundi COSYBU na CSB ahamagarira abakozi bose guhagarika imirimo biyamiriza rya tagisi ry’mafaranga miringo ine n’abiri hamwe n’uko Reta itagabanije igiciro c’igitoro kandi kw’isoko mpuzamakungu kiguma kigabanuka gushika ku mafaranga 1700 kw’iritiro.

Amashirahamwe agera kuri 479 harimwo n’ayo masendika COSYBU (Conféderation des syndicats du Burundi) na CSB (Conféderation syndicale du Burundi), yari yagabishije ku wa 25 Ruhuhuma uno mwaka amenyesha ko agiye guhagarika ibikorwa, mu gihe itegeko ryo kuduza amafaranga yo guhamagara ku mihora itandukanye n’igitoro camanuwe ku bice bike bitosubirwamwo. Abarongoye ayo mashirahamwe rero, bavuga ko hamwe Reta yotanguza ibiganiro nabo, biteguye kuyaga, ariko hamwe yokwica amatwi nk’uko vyabaye ku makete menshi bavuga ko bamaze kwandikira umukuru w’igihugu, ntibaronke inyishu kw’iduzwa ry’ivyo biciro, kuva kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 27 uku kwezi turimwo, ayo mashirahamwe avuga ko ashobora guca amenyesha ihagarikwa ry’imirimo, kandi ko babirekurirwa n’amategeko.

Imvugo ikaba yahavuye iba ingiro, guhera ku munsi wa kane igenekerezo rya 5 Ntwarante akaba ariryo sango ryo guhagarika imirimo ryatanzwe n’ayo mahuriro y’amasendika nk’uko vyashikirijwe na Tharcisse Gahungu arongoye ihuriro ry’amasendika COSYBU (Conféderation syndicale du Burundi).


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.