Accueil > Amakuru > u Burundi > COSYBU na CSB zihamagarira abarundi kutitabira umunsi mukuru w’ (...)
COSYBU na CSB zihamagarira abarundi kutitabira umunsi mukuru w’ abakozi
mercredi 29 Ndamukiza 2015, par
Inani mpuzamasendika CSB na COSYBU zirasaba Reta kwubahiriza ubwigenge bwo gushikiriza iciyumviro n’imyiyerekano, zisaba irekurwa ry’abafashwe bari mu myiyerekano ryo kwiyamiriza ukwitoza ubugira gatatu kwa Petero Nkurunziza.
Inyuma yaho ku munsi w’Imana hatanguye imyiyerekano mu gisagara ca Bujumbura co kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, iyo myiyerekano ibaye mu gihe Uburundi bwari bwimirije gufatanya n’amakungu mu guhimbaza umunsi mukuru wahariwe abakozi n’akazi. Abarongoye izo nani z’amasendika y’abakozi hano mu Burundi CSB na COSYBU bahamagarira abarundi kutitaba ibirori vyo guhimbaza uwo munsi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi, utegekanywa kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 1 Rusama.
Izo nani zisaba kandi ababijejwe ko ibirori vyo guhimbaza uwo munsi, vyokungurizwa ku rindi sango bitumwe n’iyi myiyerekano iriko iraba yo kwiyamiriza ukwitoza ubugira gatatu kwa Petero Nkurunziza. Izo nani zisaba kandi ko abafatiwe mu myiyerekano borekurwa n’iradiyo RPA ikugururwa.
Floxella Karire
Messages
29 Ndamukiza 2015, 12:57, par Ntakarutimana Eric
Babanze Barabe Neza Ntibahamagarire Abakozi Mu Ngorane Zimigumuko Yabatemera Ikiringo Ca Gatatu Ca Nkurunziza,abajejwe Umutekano Bazobakingire Nanje Ndabifurije Umusi Mukuru Mwiza Kuko Naje Ariyo Nja
29 Ndamukiza 2015, 14:06, par JEI
TUZOKWITAKUKONTAMVONIMWEIHARIYOTUMATUTITABA,UMUSIMUKURUWABAKOZI,NIHOMUZOBONAKOABARUNDIBAMAZEKURENGERA,MACAKUBIRI
29 Ndamukiza 2015, 16:44, par emmanuel
IBY’UMUNSI MUKURU W’UMURIMO NA RPA BIHURA BITE?? UZIKO HARI ABANTU BATEKEREZA NK’ABASAZI KOKO!!!!
29 Ndamukiza 2015, 23:12, par john
Ntawoja kumunsi mukuru uwakorera agwaye ahubwo rabe neza
30 Ndamukiza 2015, 07:07, par chako ni chako elihoud
bwira amakungu bamufatire ibihano