Accueil > Amakuru > u Burundi > Crispus Kiyonga: ’’ Ibiganiro ntivyabaye kugira higwe abobitumirwamwo’’
Crispus Kiyonga: ’’ Ibiganiro ntivyabaye kugira higwe abobitumirwamwo’’
samedi 9 Nzero 2016
Umushikiranganji wo kwivuna abansi mu gihugu c’Ubuganda Crispus Kiyonga amenyesha ko icatumye ibiganiro bihuza abarundi bitaba kw’igenekerezo rya 6 Nzero 2016 i Arusha,umuhuza yabanje kwitonda kugira yige neza abotumirwa muri ivyo biganiro.
Mu kiganiro yahaye iradiyo y ‘abongereza BBC kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 8 Nzero 2016, Crispus Kiyonga yavuze ko mu gihe ku ruhande rwa Reta bamenyesheje ko hari amakenga ku batumiwe mu biganiro i Entebbe vyabaye ngombwa ko babanza kwiga abotumirwa mu biganiro i Arusha.
Crispus Kiyonga yavuze ariko ko,ibiganiro atawe bikumira,bihuza abegwa n’ikibazo ca politike bose mu Burundi, arivyo vyonyene bizotuma igihugu c’Uburundi gisubira mu mahoro n’umutekano vyabonetse bibanje kugorana.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi mu gihugu c’Ubuganda yavuze ko ibiganiro bitegerezwa guhuza baba Reta,abamaze gufata ibirwanisho hamwe n’abagirizwa ko bashatse gutembagaza ubutegetsi kuko aribo ikibazo c’Uburundi aribo kiraba imbere y’abandi bose.
IGIHE
Messages
9 Nzero 2016, 07:41, par NTIBUMVA
URUMUGABO WIJUNJA NI JAMBO PEEE!BABWIREE.
9 Nzero 2016, 09:15, par Mpozamarira Erias
Komera Nyakubahwa, abonabo batagomba koboja mubiganiro sabarundi ?ndibaza barafise ico batinya ,kuko abobagabo babonye uzakubavugira amabi yabo, amaraso acabahagararana. vyanka vyakunda abobanka kobatoja mubiganiro bazobijamwo kuko bose na bana Buburundi. ukwo nukudatahura kwabo.
9 Nzero 2016, 11:31, par BANDYA
WAVUGA MUTAMA NUKO UBWIRA INTUNVA BACA UMUGAN MU KIRUNDI UWUTOSORA IFUKU YAMIZA AKATSI MUMASO
9 Nzero 2016, 11:56, par Alexis
Uvuze Ukuri Kuko Ntanumwe Atemererwa Kugira Ico Ashikir4je Mugihe Ibiriko Birab Bimubabaza
9 Nzero 2016, 11:56, par LCB
Mwararozwe ubugugu Ingabire iruta izindi n’urukundo igihe cose muciyunvira gushihana mukaba mwiteze yuko ari Museveni canke uwundi uwariwe wese azobafasha gutorera umuti w’urwo rwanko mufitaniye ntiragakira akimuhana kaza Invura ihise
9 Nzero 2016, 14:02, par Falcon
Komera mutama,abo ba DD nabo bacagura abo bavugana mubiganiro bamenye ko igihugu c’uburundi umurundi wese agifiseko uruhara,banse ibiganiro ubu burundi bwacu tuzobutabagura kuko iri sitongo rya base naba nyina.
10 Nzero 2016, 07:06, par Mabinya
Ivyo Biganiro Barabe Ntibiducanishemwo Barabe Bamurek Amare Ikiringo Ciwe