IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Didier Reynders asaba UA na UE gukingira abanyagihugu mu Burundi

Didier Reynders asaba UA na UE gukingira abanyagihugu mu Burundi

lundi 14 Kigarama 2015

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu Didier Reynders ahamagarira inama y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu,n’inama y’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika gufata vyihuta ingingo zo gukingira abanyagihugu b’Uburundi.

Mw’itangazo yashikirije kuri uno w’Imana igenekerezo rya 13 Kigarama 2015,Didier Reynders yamenyesheje ko yiyamiriza amabi yasubiye kwibonekeza mu Burundi,akorwa n’abari mu mirwi irwanya Reta hamwe n’abari mu nzego z’umutekano.

Muri iryo tangazo,Reynders yibukije ko umuntu wese akora amabi azobibazwa ku gatwe kiwe,asaba kandi abarongoye Uburundi gukorana n’umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU witaho agateka ka zina muntu hamwe n’indorerezi z’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.

Mu gihe hategekanijwe kuri uno wa mbere igenekerezo rya 14 Kigarama inama y’abashikiranganji b’imigenderanire mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya,Didier Reynders yamenyesheje ko ashobora gusaba iyo nama gukurikiranira hafi ibibera mu Burundi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • ababirigi baribaziko bazokanga reta mukuisunikira mubiganiro naCNARED none vyarabataye kuwamazi. baribaziko bizokworoha none biriko birabakomerana, gushigikira cnared ninkogukwirikirimbwije. muzomaramaratu...toka shetani....

  • NUKURI NIBAKORE UKO BASHOBOYE BARUNGIKE INGABO ZIZA GUKINGIRA ABENIGIHUGU, NAYUNDI BAZOSANGA HASIGAYE UMWENIGIHIMBA KUKO IGIPORISI CASAZE NTICIBANGA UMUNYAGIHUGU.

  • ngira igitigiri cabakenewe kobopfa kugiramuze gutabara kirihafi gukwira..murarekuza utunwa gusa ngomurikuvuga nayabantu bahonye mwanka gutabara.. nne abatwarebo bazotwara bande kobahej narirya reta ivugako atakurenza 3 izoc,itwemerera guvyara benshi kugira turihe abobariko barica

  • Uwobumva muvuga womengo murakunda abarundi nuburundi, mwebwe nyene abategura bagatanga nuburyo bukagenda bukaza burarenganira mu Rwanda baba iwanyu, none ahokwicarira abobantu mwahaye icubahiro bakomandira kumaterefone abazagukoramabi mugihugu cuburundi mucamuvuga ngomwiruke Burundi kandi ababifisemwo uruhara mubasize iwanyu? Twarabahinyuye nimugende.

  • Uwobumva muvuga womengo murakunda abarundi nuburundi, mwebwe nyene abategura bagatanga nuburyo bukagenda bukaza burarenganira mu Rwanda baba iwanyu, none ahokwicarira abobantu mwahaye icubahiro bakomandira kumaterefone abazagukoramabi mugihugu cuburundi mucamuvuga ngomwiruke Burundi kandi ababifisemwo uruhara mubasize iwanyu? Twarabahinyuye nimugende.

  • Ikibabaje ni uko baza gukingira abanyagihugu amazi yarenze inkombe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.