IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Dlamini Zuma asaba Reta y’Uburundi kwemera irungikwa ryihutirwa (...)

Dlamini Zuma asaba Reta y’Uburundi kwemera irungikwa ryihutirwa ry’abasirikare ba MAPROBA

samedi 26 Kigarama 2015

Umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika amenyesha ko irungikwa ry’abasirikare b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika bo mu rwego rwa MAPROBU ata yindi ntumbero rifise atari gufasha Reta y’Uburundi n’abanyagihugu.

Mw’ikete umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika Nkosazana Dlamini Zuma yandikiye umukuru w ‘igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza asaba Reta y’Uburundi kwemera irungikwa ryihutirwa ry’abasirikare bo mu rwego rwa MAPROBU,yamenyesheje ko iki gikorwa gikenewe cane kandi babikora bisunze ivyo bishinze harimwo gutorera inyishu ibibazo vya Afrika.

Umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika amenyesha ko biteguye guharira na Reta y’Uburundi kugira bumvikane ku nzira n’uburyo vyokworosha irungikwa ry’abasirikare ba MIPROBA biciye mu mwumvikano n’imigenderanire myiza.

Nkosazana Dlamini Zuma amenyesha ko irungikwa ry’abasirikare ba MAPROBU n’igikorwa cabo bizofasha mu kugabanya urugero rw’indyane n’amabi,bikazofasha mw’ishirwa mu ngiro ry’utwigoro tw’akarere n’umukuru w’igihugu Yoweri Museveni mu guteza imbere ibiganiro.


Van Naris Mugisha

Messages

  • uwumkecuru bamucunge ntabeariko akoreshwa kukontivyunvikana

  • jewe ukondabibona namba Uyu mufasoni nimbanawe yariye igiturire. mura gaba izongabo zigomba kuza gukor a ivyo Minuar yakoz e murwanda. bazobabaje kwica abategetsi bacu ntaneza yigihugu izobiba zanye.ntimwemere

  • jewe ukondabibona namba Uyu mufasoni nimbanawe yariye igiturire. mura gaba izongabo zigomba kuza gukor a ivyo Minuar yakoz e murwanda. bazobabaje kwica abategetsi bacu ntaneza yigihugu izobiba zanye.ntimwemere

  • Ebana bajane mugihugu canyu urekane n’uburundi sha.nayo ivyo kuvunga ngo boza kunguvu nibaze ko mutatuboshe amaboko Bombe nazo ziriho nico zagenewe

  • reta ntiyemeribibintu kuko bazobabaje gukingirinkozi zibibi nukuzihibirwanisho hamumutekano urushirize guhungabana, kuko bazobangamiribikorwa vyareta vyokugarukanumutekano kugirango CNARED igumisaba amananiza......

  • mbe mupfasoni aho igihugu cawe giherukiye guturira abakimbizi ntiwabibona? katagisirikare warungiceyo ngo kize gucungera umutekano? mu Burundi niho ubona citaha wa muhimbi... We

  • Yataye umutwe nka baNyangoma kerabavuga aayamuhe ngotuzomukura kunguvu ubunaho ngo ibiganiro. Uyumukecuru nawe yariyavuze ngo bazobarungika atakimanje gusabwa , noneho ubunaho ngo bumvukane numukuru wigihugu. Ntiwemere bazoca bakugira na Havyarimana, abo bari Kuri mission ya babirigi nubumwe bwaburaya. Kanastinda baciye umugani ngo ushaka umuhutu umutuma umuhutu nyene, muhabere magabo.

  • Mbeboba baje gukoriki kotuzineza ko ingabo z’igihugu zikwiye kandi zishoboye?Nibabitumwako mu makungu hanyuma ngohaze izindi mva makungu?Ntabodukeneye Mu Gihugu cacu kuko boba ari:<ABACANGERO BA LOUIS MICHEL.>Turaziko aterekwa intwaro ihari yitorewe n’abene gihugu.

  • Murarabeneza Ntibagaruke Kudukoloniza Abarundi Duce Ubwenge,batugombako Ibicuruzwa Aho twaraguzwe

  • Ntibaze bakaza jewe mbona uburundi kobwaririwe ingero ariko ntihazobura uwo niyahurirako kuko abonabashaka kuza gutanguza ihonyabwoko mubasangira akabisi nagahiye uretse yamihimbiri ifisubwenge buraba mukuzimu ariko kirimwabagabo ntantambweniimwe bazoduterana ndabibutse ugumutsi bagize mumabarabara nahonyene akantugatocane kudeta yabakoroni Imana irayanka abobakoroni bacabaha inkoho barugara zifatwazose igihugugishishikara kogorora ubunaho ngohavutse akandikagwi GWAGASORE yavuzeko abatovyi nimihimbiri bazokwaho uwuzowatsa tuzowumuzimirizako mwarabonye akarorero kokwegamira inzovu iguhonyoye ucumeneka

  • Birakunaniye pepepepepe!

  • Babajyane mu Rwanda kuko ari abicanyi bo mukarere bose babarizwa (M23, Abo ba sindumuja,.. ) kongeraho n’ibyihebe byo muri mukotanyi biyobowe na Runywamaraso Kagame.

  • Uwumugore Bamucunge Kweli! Ntaduhende Wosanga Akoreswa N’akagwi Kabantu Bipfuje Kwica Abanyagihugu Bamwe Bamwe Bikabananira Gushikako. Muburundi Abo Basirikare Ntagikorwa Cabo Boronka Bakora. Ingabo Z’uburundi Ntizananiwe ,Nicogituma Bishoboka kar iumugambi Udashobora Guhumuriza Abarundi.Imvugo Yiw Ntitandukanye Nagato Niya CNARED.

  • Bamucunge Ntabe Ariko Akoreshwa Na Cnared Kugira Ayîhe Inguvu . Abobasirikare Ntibakenew Guko Abuburundi Ntibananiw? Abontakindi Bagamije Atari Kuza Kwica Abanyagihugu Bamwe Bamwe.

  • nibaze tutarahona nihatari urubanza rumwe rumara zi2 kuko ubu mugutaha muhira ni 17:00 mwunvagute regasimwe muzobahemba nibaze nyamba atarukuduhema ahandiho turahona?

  • nibaze tutarahona nihatari urubanza rumwe rumara zi2 kuko ubu mugutaha muhira ni 17:00 mwunvagute regasimwe muzobahemba nibaze nyamba atarukuduhema ahandiho turahona?!?!?!?!

  • Imana,idufashe,abo,basirikare,baze,ibiriko,biraba,birateye,agahinda,abo,bavuga,ko,amahoro,arumusesekara,nibobicanyi,nibaba,ataco,biyagiriza,nibareke,baze.

  • imana,idufashe,abo,basirikare,baze,ibiriko,biraba,birateye,agahinda,uwukinga,ikibaba,akavuga,ngo,umutekano,niwose,umunsi,bamushikiye,mumuryango,azovyemera,

  • Uyo Nkosana navugishe ukuri areke kwitwaza ngo bashaka kurungika abasirikare, erega abazi intumbero yiwe nibeshi kandi turazi imigambi yiwe na USA Hamwe na Kagame http://youtu.be/aBF0_chyWgE

  • HAA!ARIKO HAKENEW UMWUMVIKANO GUT KUR LETA IRIKO ISASIKA INGANDA!UA IFISE AMATEGEKO IGENDERAKO!BATOY ITEGEKO RYO KURUNGIKA INTEKO HAMA RETA IKANKA,NIBISUNG AYANDI MATEGEKO HAMA BABARUNGIKE KD NICO AMATEGEKO ABEREYEHO,IMBERE Y’ITEGEKO NTAMISHIKIRANO!HABAY KUMVIKANA MUKUMVIKANA KUBIHONYANGA AMATEGEKO BIKWEG IMVURURU!

  • haaa!!! barundi muragabe kuko abo basoda bohanze ntakindi kibazanye atari gufasha inyanka burundi kugandagura inzego zatowe nabany agihugu cane cane urimbere ni umukuru wigihugu. nibaje mudwanda kwaka inkoha abarasa abanyagihugu na makambi bareke kwitwaza ihonyabwoko abahutu abatutsi abatwa turi bamwe.

  • ikintu kimwe , ega ntibashobora kuvyemera , kuko ,bibakoraho ,,mwebwe nimufate ingingo murekurigwa namategeko, muze ,

  • Hejuru yiwe hari IMANA.Nakomeze adadaze,mbega umuntu atewe akivuna,ahogusimirwa ngohiyamirizwe abadushuhuriyeko izombwebwe za kagome,leta nonifatirwibihano?Intwaro za Buyoya ko rebellion yatera abapfa kayomakungu atakurumunwa kuwundi;canke nuko aba roberi barabahutu?Twarabahinyuye,nimurushigishe tumorunwa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.