IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Dlamini Zuma na Augustine Mahiga basaba Reta gukorana na UA kugira (...)

Dlamini Zuma na Augustine Mahiga basaba Reta gukorana na UA kugira harungikwe abasoda ba MAPROBU

samedi 9 Nzero 2016

Umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika Dr Nkosazana Dlamini Zuma ari kumwe n’umushikiranganji w’imigenderanire mu gihugu ca Tanzaniya Dr Augustine Mahiga basaba Reta y’Uburundi gukorana n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika kugira harungikwe vyihuta abasirikare bo mu rwego rwa MAPROBU.

Mu rugendo umushikiranganji w’imigenderanire mu gihugu ca Tanzaniye yagize i Durban mu gihugu ca Afrika y’Epfo kuwa gatatu igenekerezo rya 5 Nzero 2016,ari kumwe n’umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika bamenyesheje ko batewe impungenge n’ibihe vya politike,umutekano n’agateka ka zina muntu Uburundi burimwo kuko bishobora kugira ingaruka mu karere kose.

Bamenyesheje ko ari ngombwa ko hagira igikozwe kugira ibiganiro atawe bikumira bibe,kandi muri uwo mwanya hakamenyeshwa ko amabi yose ategerezwa guhagarara,gutyo inzego za Reta n’abanyagihugu bagakingirwa.

Bamenyesha ko banezerejwe no kuba ibiganiro vyarasubiye gutangura mu Buganda ariko bakamenyesha ko bizeye ko ibiganiro i Arusha bizobandanya nkuko yasabwe n’umuhuza Yoweri Museveni.

Ku bijanye n’abasirikare bo mu rwego rwa MAPROBU,umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika n’umushikiranganji w’imigenderanira muri Tanzaniya bamenyesheje ko urwo rwego ata yindi ntumbero bifise atari iyo gufasha abarundi gutorera inyishu ibibazo bibahanze.

Bamenyesheje ko abogira ico bafasha mu Burundi bokorera hamwe mu ntumbero yo gufasha abarundi gutera imbere mu nzira y’amahoro n’umutekano.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.