IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Donald Trump:" Barack Obama ntaco yamariye abirabure "

Donald Trump:" Barack Obama ntaco yamariye abirabure "

mardi 4 Myandagaro 2015

Donald Trump, umwe mu bamenyesheje ko azohiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yavuze ko abirabure b’abanyamerika bamushigikiye kuko Barack Obama ata na kimwe yigeze abamarira.

Abicishije ku mboneshakure ABC,Trump yavuze ko Obama nk’umukuru w’igihugu yakoze akazi gake cane, igihugu kikaba gifise imiliyari ibihumbi 18 z’amadeni kandi zibandanya kwiyongera kandi ibihugu nk’u Bushinwa na Mexique byateye intambwe ikomeje mu bucuruzi.

Donald Trump yavuze ko yamye yiyumvira ko Obama azoba umurongozi mwiza w’igihugu kandi ko yari kuba yarakoze ikintu gikomeye akorera abirabure b’Abanyamerika baba muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.Yavuze ko ata kintu na kimwe yakoze kuko abirabure babayeho nabi.

Trump ashaka kwitoza kuba umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika abivuze inyuma y’aho abaye uwa mbere mu matora yo gutora uwuzoserukira umugambwe w’aba Republicain mu matora y’Umukuru w’Igihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.