IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Egide NDAYISENGA wa BONESHA FM yarekuwe

Egide NDAYISENGA wa BONESHA FM yarekuwe

mardi 7 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Egide NDAYISENGA, umumenyeshamakuru wa Radio BONESHA FM, imwe mu nsamirizi zasambuwe, yahora apfungiwe mu gasho ko mu ntara ya Cibitoke kuva ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana yarekuwe.

Ingingo y’ukurekura uwo mumenyeshamakuru yafashwe na parake nkuru y’intara ya Cibitoke. Uwo mumenyeshamakuru yafatiwe mu ntara ya Cibitoke, umuporisi yamuhagaritse akaba atamubwiye n’ico yagirizwa.

Amakuru ava mu ntara ya Cibitoke avuga ko icegeranyo c’amatohoza mu giporisi bamugizeko basanze ata cemezo c’ivyo yagirizwa. Uwo mumenyeshamakuru yoba yari yagirizwa ko yariko arondera amakuru arungikira abamenyeshamakuru b’Abarundi bahungiye mu Rwanda.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.