IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > FENADEB isaba ko abana bapfunzwe borekurwa

FENADEB isaba ko abana bapfunzwe borekurwa

mardi 16 Ruheshi 2015

Mu gihe amakungu ahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umwana w’umunyafrika,ihuriro ry’amishirahamwe akorera mu gisata c’abana mu Burundi FENADEB ,risaba Reta y’uburundi kurekura abana bose batarakwiza imyaka yo gupfungwa ,bapfungiwe mu mabohero ya Mpimba n’ibohero ry’I Gitega.

Umunsi mpuzamakungu wahariwe umwana wahimbajwe ku civugo:«Imyaka 25 inyuma y’ishirwako umukono ku masezerano agenga agateka no kubaho neza kw’Umwana:Turwize inguvu mu kurwanya abana bubaka izabo hataragea muri Afrika.»

Mw’itangazo FENADEB yasohoye kuri uwo munsi,imenyesha ko uwu munsi ugeze hari amabi akorwa mu bice bitandukanye vy’igihugu kuva kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza,2015,aho naho abana akaba aribo bahasinzikarira.

FENADEB imenyesha ko abana 6 bamaze gupfa bahitanywe n’amasasu,10 barakomereka,94 barahagarikwa hanyuma bararekurwa,ariko abana 18 baracapfunzwe,muri abo 13 bapfungiwe mw’ibohero rya Mpimba I Bujumbura,5 nabo bapfungiwe mw’ibohero ry’I Gitega.

FENADEB ikibutsa ko umukuru w’igihugu yashikirije abarundi kw’igenekerezo rya 6 Rusama,2015,ko ata mwana numwe azopfungwa kubera yagirizwa kuba yaragiye mu myiyerekano.Igasaba umushikirizamanza mukuru wa Republika gukurikiranira hafi ikibazo c’abana bapfuye abandi barakomereka mu myiyerekano.

FENADEB isaba abakorera bose mu gisata co gukingira abana,amashirahamwe mpuzamakungu,amashirahamwe adaharanira inyungu za politike kuguma barikanuye mu gukingira agateka k’umwana,ikibutsa gukingira umwana ari igikorwa c’uwariwe wese,ariko ko Reta ariyo iza imbere na cane cane mu gihe c’umwumvikano muke mu gihugu.

Messages

  • Ewe FENADEB uratwenza kwa leta ya peter abana ntibavugwa ngo barapfunzwe bamwe yasekura mw isekuro nabo uzobavugira emwe vuga utahe kwa leta ntakagongwe jewe twarabanye mwishamba ndabazi ok pastor Ewe FENADEB uratwenza kwa leta ya peter abana ntibavugwa ngo barapfunzwe bamwe yasekura mw isekuro nabo uzobavugira emwe vuga utahe kwa leta ntakagongwe jewe twarabanye mwishamba ndabazi ok pastor bosco

  • JEWE NKUMUNT NKUNDA IGIHUGU NABARUNDI BAGENZIBANJ NIFUZAYUKO TWOJA MUMATORA BAKAVA MWIBARABAR TUGATOR NIYONZIRA YAMAHOR NTAYINDI OK

  • 50% mukubashimira, ariko hariho ikintu mukwiye kwitwararika noguhimiriza, naconiki abavyeyi (abarezi) mubabwire Ko igihecose bazobona abanababo hajumuntu akabajana mubintu vyinyigaragamvyo intambara nibindi bahutagize ningoga kubimenyesha abajejwe umutekano bababwire Ko hariho abantu batwaye umwanawabo kumukoresha ibintu bitamikwiye. Ikindi mwebwe mwiyemeje guharanira agatekakanyu gerageza ntimutinye gushinga ijisho kurabobatwara abana mubitabakwiye mubabwireko igihecose uzobugiye gukora ibintu bitabereyeko abana babinamwo ukaramuka ubonye umwana abirimwo mukuremwo mbere umuherekeze imuhira. Ivyovyovyose mvize bikozwe polisi yigihugu ikaramuka ifashe umwana izokwihutira nokuraba abobabatangaje kwabanababo batwawe nabanturunaka mubintubitabagenewe maze nibasanga harumuvyeyi/ umurezi yabivuze ntakibuza polisi izoca ishira uwomwana abavyeyibiwe. Bene data dushinga amashirahamwe tuzeturibuka gufashanya na reta nabenegihugu tudatoranije. Nkubu wumvirije ibibivuzwengaha ntakajambo koguhamagarira uwowese akoresha umwana ivyatariyemerewe gukora kwategerezwa kuzobihanirwa, canke umuvyeyi abona umwana atwawe nabantu bibirandage ndabimenyeshe abajejwe umutekano konawe azobibazwa nkuwagize uruhara mugukoresha umwana ibitanukwiye. Numvisengo reta nifungure abana gusa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.