Accueil > Amakuru > u Burundi > FIDH : Abantu barenga igihumbi baguye mu ntureka Uburundi buhitiyemwo
FIDH : Abantu barenga igihumbi baguye mu ntureka Uburundi buhitiyemwo
dimanche 24 Mukakaro 2016, par
Icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe agateka ka zina muntu (FIDH : Fédération Internationale des Droits de l’Homme) kivuga ko mu ntureka za poritike igihugu c’Uburundi gihitiyemwo, abantu barenga igihumbi aribo bishwe, abandi amajana umunani baburirwa irengero.
Muri ico cegeranyo berekana ingene agateka ka zina muntu kagiye karahungabana mu Burundi, bavuga ko ibikorwa vy’uguhungabanya agateka ka zina muntu vyabandanije kwiyongera, aho abantu barenga igihumbi bamaze kugandagurwa mu ntureka Uburundi buhitiyemwo kuva mu kwezi kwa kane 2015, abandi amajana umunani bakaba baranyurujwe, gushika ubu atawuramenya irengero ryabo.
FIDH ivuga ko abandi banyagihugu baharurwa mu majana bahagaritswe mu buryo bunyuranye n’amategeko. Nk’uko FIDH ivuga ko yabibwiwe n’abigeze gupfungwa, benshi muri abo banyagihugu bahagaritswe baraborejwe igufa, bagapfungirwa mu busho butazwi, aharangwa umunuko. Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe agateka ka zina muntu (FIDH : Fédération Internationale des Droits de l’Homme) rivuga ko abapfungirwa muri ubwo busho butazwi, aho bahohotera abatavuga rumwe n’ubutegetsi, benshi aba ari abafashwe bagirizwa ko bari mu mirwi irwanya ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.
Reta y’Uburundi ntirashikiriza ico ivuga kuri ico cegeranyo ca (FIDH : Fédération Internationale des Droits de l’Homme).
IGIHE
Messages
24 Mukakaro 2016, 14:30, par INTAGOHEKA
NIMUBANDANYE MUSHIKIR IZIBINYA ARIKO IMANA ISUMBIGABO KOMUTAVUGAKO HARIHO ABAZIZUKURI NABANDI BABESHEWE ARIKO NTANGORANE
24 Mukakaro 2016, 14:59, par Iragiryagahuturemy
Ewe Niyombare nubwo yatwaye uburundi amasaha make ndumvise koyishe abantubeshi akanyuruza beshi!?
Kandi ntitwokwibagira nibintu vyishi yononye mwayomasaha yarikwaratwara uburundi.
24 Mukakaro 2016, 15:07, par Scotty WERA
Reka kuza muransetsa mushaka ko reta ibivuga hiki? Namwe nimutegere ico mwiteze kizovuga muzoba mumbarira ,,,,,,
24 Mukakaro 2016, 16:50, par man bernard
none ko mutanga ama rapport?ababica ntibabikora mubona?vyiza mwokwinumira!
24 Mukakaro 2016, 16:56, par Kayoya
intureka gihitiyemo? canke intureka kirimo ?? kandi si intureka. ni ihonya bwoko!!!!!
24 Mukakaro 2016, 18:32, par NYAMITWE
NONIVYOVYOSE BIZOBAZWA BANDE HARIYA I THE HEGUE?NZOBA NDORA!!!
24 Mukakaro 2016, 18:34, par NYAMITWE
NONIVYOVYOSE BIZOBAZWA BANDE HARIYA I THE HEGUE?NZOBA NDORA!!!
24 Mukakaro 2016, 19:44, par KINYATA
MBE KOBAMA ARIMUBURUNDI MURISUDANI IBIZIGAVYABANTU VYUNZUYE MUMABARABARA KOTUNTUNVA AYOMA SHIRAHAMWE NAMBA AVUGIRA UBWOKO
24 Mukakaro 2016, 21:03, par Hutsi
Uyumwanditsi arankanze ngizekwugurura maze nzotangura gusoma umutwewamajambo nikanze ngirango za Mujeri ngozongeye kuduhekura.
Arikose ntakuntu barikwandika iyinkuru batongeye kutwereka abacu twatswe naza Mujeri mugihe bamwe iyotuvyibutse tumarumusi wose atacodushize kumunwa?
Canke harabamaze kuryoherwa nokubona abarundi bishwe!!!???
24 Mukakaro 2016, 21:45, par Islam Parents
Mwa
24 Mukakaro 2016, 21:46, par Islam Parents
Mwa
25 Mukakaro 2016, 06:16, par njoregwa
Uwusavyamahoro aronka amahoro. Uwusavye intambara aronka intambara imana icuyisavye nicoyiguha
25 Mukakaro 2016, 11:52, par tari
Nubwo muzorara muravuga ntaco bizomara kuko onu na banikimuni barariye ruswa kubona kuva igihe nkurumbi na karwi kiwe bakiciye abarundi mugabo bakabura ikibatabara kandi onu iraho mugabo yase gutabara abarundi mwibaza ko ibintu nkurumbi ariko arakorera abarundi ariwe yavyitumye murabo ba banikimuni nabandi hamwe nayo mashirahamwe nyene harimwo abarerekeye nkurunziza ngo aduhonye ivyo bavuga nivyo bandika bishobora kuba ataho bihuriye namba nibiri mumitima yabo nibo bamuteye imitwe atitwebwe tuzovuga twongere twandike ibikuvuga nabi ati mugabo ntuzugire nakimwe ubikorako ntangorane namwe nimwibaze bitokabayivyo nkurunziza nigiki arushije abandi ba perezida bose amakungu yakirahiye nukuraba neza twaraguzwe
25 Mukakaro 2016, 12:18, par Saïdi Anicet
Ego Sanga Atandenzarugero Irimwo.Niberekane Ukuri.Hama Abarundi Bigarure.
25 Mukakaro 2016, 13:26, par tari
Hanyuma ikindi bimwe mubihugu bikomakomeye namwebwe mashirahamwe mpuzamakungu mwatubwiye ngo kugira mudukurireho Nkurumbi ngonidukore ibishobokavyose twice ngonivyobizotuma mugira icomukoze vyihuse noneburya ntimubina kotwakoze none kwatacomurakora canecane kumukurako Nkurumbi? None mushaka twice tumare abarundi mubone kudufasha canke kudukorera icomwatwwmereye?
25 Mukakaro 2016, 15:20, par rukundo willy
jw ic nobivugak nuk umukuq wigihug yokund ab arongay
25 Mukakaro 2016, 18:06, par Hutsi
Uyumuntu yitwa Tari arikwaramena amabanga mumureke tumwumve abasenga ntimutezuke bazovugavyose.
26 Mukakaro 2016, 00:09, par Aba DD puuuuu!
@Hutsi wakivagundu we niwewe wiyise tari wakabiri, uwambere niwe mugabo uwakabiri niwewe kinywamaraso Hutsi
26 Mukakaro 2016, 14:15, par Hutsi
Sinkabe Tari yombaruwiwawe ngira simuburundi!
Utanguye gucamwo amacakubiri nomuvyiyumviro vyiwe?
Nakondihenze niwewe yavyanditse ubunaho uciye ukoresha irindizina ahubwo ndagufashe ntarindiye guca muvyumba!.