IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Florent Geel:’’ Hakenewe igikorwa vyihutirwa ku bibazo ca politike mu (...)

Florent Geel:’’ Hakenewe igikorwa vyihutirwa ku bibazo ca politike mu Burundi’’

mardi 15 Kigarama 2015

Florent Geel aserukira ishirahamwe mpuzamakungu rihuza amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu amenyesha ko amashirahamwe yigenga aharanira agateka ka zina muntu afise amakenga ko ibintu bishobora kwunyuka mu Burundi.

Florent Geel amenyesha ko ibiganiro bihuza abarundi bihagarikiwe n’Ubuganda bitariko biratora inyishu mu gihe nyaco, hakenewe icokorwa vyihutirwa ku kibazo ca politike kiri mu Burundi.

Kubwiwe,ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bategerezwa gushira inguvu ku Burundi mu ntumbero ziboneka zo kubuhamagarira gusubira kuja mu biganiro,vyituma hashingwa Reta ihurikiwemwo na bose,iyo nayo igatunganya amatora.

Haraheze ukwezi,inama y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yasavye ko ONU yorungika abasirikre bayo,ariko gushika ubu ONU yashimye gushiraho umurwi muto urongowe n’intumwa yayo kugira afashe mu guteza imbere ibiganiro.

Mu gihe bitegekanijwe ko inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu izokorana i Geneve kuri uno wa kane igenekerezo rya 17 Kigarama 2015,Florent Geel amenyesha ko bizeye ko ingingo zikomeye zizofatwa harimwo kurungika umurwi wa politike n’uwabapolisi uzokurikirana ibibera ku rubuga.

Florent Geel avuga ko hageze kugira igikorwa ku Burundi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • wapi twarabamenye ikibagenza sineza kuko biba murebagusa muceceke
    umuntumwe yica abantu bangana kuriya mukorikise akavuyo gusa! international
    regugee????????????????????????????????????????????????????????????

  • international refugee in Africa my goodness ???????????????????????????????? ntakigenda cyanyu iyo misore nimwe muyitwara twarabamenye kugira umuriro ukomeze wakenye ntimurabantu!

  • Ewe FLORENT GEEL shira INENGO kuri iryo ZURU RYAWE uyo muti wawe wa LETA nfata kibanza nta MURUNDI n’umwe yitabiriye amatora akitorera INZEGO zirongoye IGIHUGU UNO MUNSI Azokwemera KUVUGURUZWA nayoMAZURU YANYU KATWE TWOCA dufata IMIHETO n’IMWAMPI BUNO NYENE pu pu pu pu pu pu

  • Kuvuga Uravuze Gushira Mungiro Naho Murakorako Mugasha

  • Weho Wa Wavuga Ukuru Iyaba Abandi Bose Babifiseko Ubushobozi Biyumvira Nkawe Kandi Bakanabishira Mungira Ikibazo C’uburundi Kiba Carakemutse. Raba Rero Muve Mumvugo Muje Mubikorwa Kukwo Abarundi Barambiwe Nubwicanyi Barimwo.

  • Nibaze birabire ibiriko birakorwa muburundi kuko inkuru mbarirano irutwa niyo wiboneye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.