IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > FNUAP mu Burundi iramutswa umuyobozi mushasha

FNUAP mu Burundi iramutswa umuyobozi mushasha

jeudi 19 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Umupfasoni Mandong Suzanne niwe agiye guserukira ishirahamwe FNUAP ( Fonds des Nations Unies pour la Population) mu Burundi, akaba yiyemeje kuzoshigikira cane imigenderanire mu bijanye no gufashanya hagati y’Uburundi n’iryo shirahamwe.

Kuri uno wa kane, icariho c’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi no gufashanya n’ayandi makungu, Helmenegilde Niyonzima, yakiriye umupfasoni Suzanne Mandong agiye guserukira ishirahamwe FNUAP mu Burundi.

Uwo mupfasoni wo mu gihugu ca Cameroun yashitse mu Burundi kuwa 15 Ruhuhuma 2015. Mandong Suzanne yashimiye Reta y’Uburundi kubona yaremeye igenwa ryiwe hamwe no kuba yaciye imwemerera gutangura amabanga yiwe vuba na vuba.

Suzanne Mandong akaba yiyemeje gukomeza imigenderanire Uburundi bwari busanzwe bufitaniye n’iryo shirahamwe, na cane ko bamaze kwongereza n’ubushobozi bw’iryo shirahamwe kugira rishobore kwishura kuri bimwe bimwe mu vyankenerwa Uburundi buba bukeneye mu gukomeza ukubaho neza kw’abantu.

Tubamenyeshe ko Suzanne Mandong asubiriye uwitwa Ismaela Mbengue. Uwo nawe akaba yari yarangije amabanga yiwe mu kwezi kwa Kigarama 2014.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.