Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gabriel NTISEZERANA yasibijwe urugendo yogiyemwo muri Sénégal - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gabriel NTISEZERANA yasibijwe urugendo yogiyemwo muri Sénégal

Gabriel NTISEZERANA yasibijwe urugendo yogiyemwo muri Sénégal

samedi 4 Ndamukiza 2015, par Egide N

Urugendo rw’akazi umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi Gabriel NTISEZERANA yogiyemwo mu ntango z’indwi buca dutangura rwahagaritswe, inama nkenguzamateka y’Uburundi ikaba yahagaritse amafaranga yokoreshejwe na Gabriel NTISEZERANA muri urwo rugendo. Amakuru dufise avuga ko abategetsi bane bakomeye mu gihugu c’Uburundi batarekuriwe gusohoka igihugu.

Umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi abujijwe kuja muri urwo rugendo rw’akazi muri Sénégal, mu gihe na Piyo NTAVYOHANYUMA, umukuru w’inana nshingamateka yaheruka kwankirwa kuja mu Bubirigi, hamwe na Onésime NDUWIMANA yahora ari umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD, nawe nyene yagarukiye ku kibuga c’indege ca Bujumbura, yari agiye gufata indege imushikana mu Bubirigi, mu bikorwa yari agiyemwo vy’akazi. Bivugwa ko Onésime NDUWIMANA yoba gushika ubu atarasubizwa igitabu c’inzira ciwe (Passeport).

Amakuru dufise avuga ko abategetsi bane bakomeye mu gihugu c’Uburundi, batarekuriwe gusohoka Uburundi, abo nabo ni Piyo NTAVYOHANYUMA umukuru w’inama nshingamateka, Gabriel NTISEZERANA umukuru w’inama nkenguzamateka yaraye yankiwe kuzoja muri Sénégal, Mohamed RUKARA umuhuza w’abarundi, hamwe na Gerevasi RUFYIKIRI icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu. Abo bose bahorwa bose ko badashigikiye ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza.

Ukwo kunyinyurana hagati y’inzego zikomeye z’igihugu c’Uburundi kubaye inyuma y’aho havugiwe amakuru ko umukuru w’inama nshingamateka Piyo NTAVYOHANYUMA, ari kumwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi RUFYKIRI, umukuru w’inama nkenguzamateka Gabriel NTISEZERANA, hamwe n’umuhuza w’abarundi Mohamed RUKARA boba baragiye kwirabira umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, bamubwira ko atokwiyumvira kurondera ikiringo ca gatatu, kuko biboneka neza ko azoba yarenze amategeko, ibwirizwa nshingiro, hamwe n’amasezerano y’i Arusha.
Abo bategetsi bakomeye mu gihugu no muri CNDD FDD boba babwiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ko n’icuka ari kibi mu gihugu, bamuhanura ko yovavanura n’ivy’ugusubira kwitoza. Ayo makuru amenyesha ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaciye atangura kubaraba ribi, baca baba abansi biwe, ari nakwo kurondera kubakura, ahereye ku mukuru w’inama nshingamateka Piyo NTAVYOHANYUMA.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ku vyerekeye iyo Vision 2030 irashoboka kandi n’ ibindi bizoshoboka bisumba ibi bariko bategura! Niyo bitashika turiho abana bacu bazobibona. Hahirwa abizera batarinze kubibona. Tereze amaso imbere, rangamize murabe! Ehe bwa Burundi bushasha twasezeranwa burashitse!

  • None ko umukuru wigihugu ariko arashaka gukura abategetsi bakomeye mugihugu kubera batamushigikiye koyosubira kwitoza abatabishigikiye kwaribeshi niyabakura bose igihugu azogitwara arumwe?

  • ivyo vyerekana ko umutekano murino minsi utameze neza turavye ikugwa ryabategetsi bamwe bamwe nuko twosenga IMANA ikatujabutsa ikimanga kirimbere yacu ahothugeza amaso kuko abarundi twishakira amahoro gusa uwariwe wese azotwara UBURUNDI azoze akunda abarundi bose ata bwoko burabwe haronke akazi kuri bose atawusumba uwundi kuko vyibonekezako murikino gihe kuronkakazi muri leta arikibazo kiduhanze twese

  • @nduwimana
    agitwara ariumwe,oya da ,ubutegetsi burakundwa,aho ndakubwiye ko n’aba opposants bameze gute,na vital canke na pacifique babajanye kuba aba president b’inama nshingamateka bogenda bariruka kandi bagiye gukorera nkurunziza,nibo bosigara ba defenda 3è mandat kurusha n’abandi ba cndd fdd,wibaza iki,abo bose bakeregeza barementanya vyinshi nukugirango barabeko un jour bokwicara muri ivyo bibanza nayo abatabazibo bibaza ngo ni ugukunda uburundi n’abarundi,ihi bambewe

  • Nahora ndabivuga ngo teriyosema,muri cndd fdd bafashe incabwenge barakumira biyegereza impumyi ariko wokwikura Onesime Piyo ,Gervais,Gabriel,Umuhuza,nabandi nabandi ukacusigarana umugabo wowo mumenyeshamakuru Mukeshimana froline ukavuga ngo urakomeye.Nibabeshe,uwikoreye ibihunda arumva ariko uwikoreye urupfu ntiyumva.nkurunziza ateme amashami y,igiti kandi ariyo yicayeko abibona ubwo abo bamuhenda ntibabona ko kigira kimukorokane baraba.Ntarukondo bamufitiye.

  • Umusenzi wa mbere mugihugu!!!! Icombwira ko akija mu masengero na Camera inyuma!!!!!
    Ntamuntu ashobora gusenga kandi acuritse: Imitwe ya benshi muri twebwe nticerekeje ku Muremyi. Iracuritse yerekeje ku bintu (Amafranga, Ivyubahiro, Abagore/Abagabo, Ubutegetsi, Amazu, Amamodoka.).
    Twahenzwe imyaka 10 ngo dufise abasenzi mugihugu none rindira badute mumanga. Ariko tureme Iyaremye ikaduha abo bakegetsi (nako abategetsi) buca ibadukurako.

  • Umusenzi wa mbere mugihugu!!!! Icombwira ko akija mu masengero na Camera inyuma!!!!!
    Ntamuntu ashobora gusenga kandi acuritse: Imitwe ya benshi muri twebwe nticerekeje ku Muremyi. Iracuritse yerekeje ku bintu (Amafranga, Ivyubahiro, Abagore/Abagabo, Ubutegetsi, Amazu, Amamodoka.).
    Twahenzwe imyaka 10 ngo dufise abasenzi mugihugu none rindira badute mumanga. Ariko tureme Iyaremye ikaduha abo bakegetsi (nako abategetsi) buca ibadukurako.

  • Umwihevyi Peter nkurunziza pfakugerageza mugabo ndabona ko utazoharengana abarundi tuzohagukura kunguvu wanse kuhava kuneza .

  • Barundi Barindikazi muraraba neza uyo mugabo nkurunziza ntagisenga Imana yahor’asenga igihe mwamwizera mukamuh’utegesti

  • Vyoba vyiza twibutse ko ibwirizwa shingiro ryacu ari twebwe twaryitoreye hama tukaryubahiriza.tumenya ko hari abatavyemera ko ryotogwa.kandi nibuka ko CNDD-FDD itarimwo

  • nabamenyeshamakuru ntimutomora inkuru,ninde ababuza gusohoka igihugu?cnk ntibazi icabashingamateka bashinzwe?nyamara ndaguye ndagarutse ngo sibobabatumye baduserukire.nikobavuga.mbege gihahe yatumwe nande?igihe kitubikiye vyinshi

  • bareke bakome umusi dutora ibwirizwa shingiro mwagiye mumabarabara mubwirabanyagihugu ngontibaritore mugabo twararitoye munyuma babasaba kujahamwe murihindure murwamushinye reka rero ibirigize bigirabikore murasaze nahinye muzotzhirahe ?abavuye mumugabwe cn dd uhu mubita ibihangangekare atariko mwabita nibagende guhera2010 hariho ibihumbivyabantu bitaribwagerer gutora ububarageze nubuhavemyo igihumbi cabomwemera umugabwe uguma ukomeye ihindibihagange biravuka itsinzinikashi

  • Ikintu cose gifise intango kikongera kikagira niherezo. Biracana intege mugihe vyukuri twumva ko abategetsi 4 bose atanumwe yidegemvya ngo afate urugendo! Ivyo vyerekana ko vyukuri hari ukudadika kwa nyakwubaha umukuru w’igihugu,ariko hamwe nivyo ico nkundira Imana yaremye ijuru n’isi, izi vyose kandi ikora neza mugihe gikwiye. Itaraza gutunganya Sitiation yo mu Burundi bari bakwiye kwikebuka bakiyumvira aho yabakuye. Ubu rero iyo umuntu ahanuwe akagamika izosi, BIBLE ivuga ko azovunagurwa giturumbuka atakigitabara. Hamwe nivyo gusenga ni gukuru kuraca inzira aho zitari.

  • AHAA!IVYO MUBURUNDI VYAKOMEYE.UBU ABO MURUGO NIBO BARYANA AMENYO UBWABO.

  • Jewe ndibaza ikintucahinduye perezida wacu mbebasha yabay’iki?!
    Nonetwovugako ar’ugushaka gukingira amatungo baronse bivye? Nahocob’arico nicocotuma arik’akora ibintugutyo yoyema alavakubutegetsi acubahwa kuko arukwiba nabamubanjirije ntibemera yorema akagenda akirimwiza nicubahiro ciwe, ukondabibona nahoyokwemer’impanuro kuko yemera atemera akagenda. Ndaremye ntazonanira isi yose yamwamiye hamwe nabarundi isinzibatakimukeneye.
    Ariko ikintukimuhay’izonguvu nibiki mbaye nka Rufyikiri ati yob’afise inguvuzindizinyegeje naho ataduduriyeko jewe mbonayishimiye abamuhenze bamuraguriye azorindapfa arikubutegetsi iyo Shetani yaramuroshe hagusazirako azob’umuvyimba nta Shetani izorush’inguvu abanyagihugu namakungu. Imbwa yagiz’iti burakeye tuherek’abagabo nanje ngirendindirire hano ndabe niyatwara ikindikiringo nihonzoyemera ko Shetani ifis’ububasha bwinshi burenze.

  • Hahahaha ! reka muze mwakanura ! ariko aho yavuga nkurumbi pita ngo UWUZOTERA INTAMBARA IZOHERA MURUGO IWE IHERERE MU RUGO IWE ngivyo biriko birafata intumbero, arongera aravuga ati BA MUJERI ngabo ba baratanguye kubweja, hahahahahaha! ewe nkurumbi uravuga nabi pe ! kandi noneho ico uhahwe no gutora ucakwa no gutakara ! ubutegetsi wabuhawe nogutora tombora none raba burakwiyatse! mugaca muja ngaho niyo mihimbiri ngo ni mbonerakure mukihaya ngo mwaratsinze urugamba ! huuuuuuuh ! raba URWANDA rwatsinze urugamba aho rugeze rutera imbere ! urabe UBURUNDI aho rugeze rusubira inyuma ! iyo mutsinda intambaratuba turi imbere y"URWANDA incuro 2 ndabarahiye ! nnone ko mwiherewe n’umuyaga Nico gituma mwagitabaguye canka guhera ! ariko murabesha cabaheranye !

  • Turateye Ivyatsi Abantubandika Ivyoguteranya Abagumyabanga

  • Nkunda kurya yariye igifyera kimumena itama.
    kananira bagabo nawe ntiyimye
    nkurunziza ya bibiliya igeze he
    komeza gusenga vyafiriye
    ubu ho numva na Ala amstel urakwegwa
    Bagbo arakurindiriye iyari kugira umufashe irungu afitiyeyo
    hama musengane

  • Eeeeeehhhhhhhh!!! Leta ya CNDD FDD ntisezerana!!!!!!!. Iraguhinduka nk’inzoka yo mu nda. Abayikwirikiye mwakwirikiya ubwije. Kunde Uburundi (=Abarundi bose) kuruta ibindi vyose.

  • Yoooh,heba poritike ntakintu! Muti ibihangange bine tuuuzi mu gihugu ntivyidegemvya najewe umupeyiza ibutura ryatabuts,amatengatwa agendera hejuru ndidegemVYA aha mwumva atari jewe rupande merewe neza kubasumvya?

  • @Tubirabe,
    Nuwanka urukwavu ntagahakane ko ruzi kwiruka, kandi Ntugatwarwa na sentiment zawe ngo wite igipawa ikiyiko kinini. Muncabwenge wavuze harimwo abo wibeshe ko kubera woba utabazi, ndavuga ko woba utaragira chance yo kwicarana nabo ngo muganire. Uriya mugabo agira5 ntabucabwenge bumurimwo.
    Kandi niba atarahinduka (kuko ndamuheruka kera, kandi Kiremwa muntu kirahindagurika: mwiza uyu munsi ejo ashobora kuba mubi, nayo umubi uyu munsi ejo ashobora guhinduka mwiza kuruta abandi), naheruka n’ijambo n’ubushingantahe vyiwe atari ikirenga.

  • @ndimaso parfait
    Uri umusazi genda kwivuza,ivyo vyiyumviro n’imvugo y’abahima b’i bururi biriko birasendwa bita valeur ntibigitera ubwoba umuhutu,u Rwanda nimba ruteye imbere,genda ubeyo uhe amahoro bene burundi ubwoko bwanyu muri les descendants de kayini muri ibiyererezi ,hari igihe ndabumviriza muvuga ngo igihugu cacu,aho mushitse nukwiba no gusahura no kubaga abantu musanzeho babakiriye,bandes de peuples maudits,nugupfa mwangara gusa,ariko murindire gato abatutsi muriko muramenyekana muzoteba mwishura ivyo mwakoreye abanyafrica,hanyuma nawe ubwo butegetsi batoye mu nzira ugende nawe ubutore turabe,murahumba iyo mvugo y’agasuzuguro yakangana kera,ubu ntaco izobaha nukugwana gushika ku wa nyuma ngira urumva ico nshaka kuvuga,nizo mpenekazi z’abakobwa banyu hazogera igihe zitazosubira kutwinjirira mu buzima rindira gato ubu ntituryamye!

  • Ababipfa ni ababisangiye. Petero nkurunziza yaravuze yuko uwuzotanguza ingwano,izotangurira iwe hama iherere iwe.noneho abarundi twamaze kubibona iryo umukuru w’igihugu yavuze yuko biriko biraba.ukuntu umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi waguma utoteza iyindi migambwe mu gufunga canke kwica abatavuga rumwe noneho ubu naho abavuga rumwe ubu naho baratanguye gusubiranamwo.biratangaje pe!yatangujwe nabo none igira iherere iwabo.Nyakubahwa umukuru w’igihugu yararivumereye.

  • Mana wewe urumuncamanza w’ukuri manukanwa no gutabara uburundi .jewe nagomba mpanure nyakubahwa sebarundi nimba yoba agisoma bibliya asome muri 1 samweli igice 8 inkuru zivuga ingene abisilaye babwiye samweli ko batakimushaka ngo yobatoraniriza uwundi wo kubatwara .nagomba ndamwibutse ko buri mwaka yamwa ategura ibikorane vyo gushima imana mbega yoba acemera ububasha iyo mana yoba imufiseko? Canke iyamwimitse ntakiyemera nomusaba ko yokurikiza iragi rya samweli wewe yagiye kumavi aseng’imana imwereka uwo yokwimika .nawe nimba koko na madame wiwe bagisenga imana y’ukuri imwe yamurindira mw’ishamba abandi bagapfa nawe agasigara ayisabe uwo gutwara abarundi areke kunigana n’abamubwira ko batakimukeneye .kandi nimba nahonyene ariwe yatoranijwe nareke kugira ubwoba kuko iyo Mana yari yamutoye muba CND DD benshi barikumwe nunu nareke kw’icira inzira ,areke gutoteza abatifuza ko yosubira gutwara aririre YESU KRISTO YAMUBAMBIWE KUMUSALABA AZIRA IVYAHA VYIWE N’IVY’ABARUNDI TWESE ABE ARIWE AMURWANIRIRA NIMBA AKIMWEMERA NKUWAMUCUNGUYE MURAKOZE YESU KRISTO W’ INAZARETI AKOMEZE KUKUBAHAFI KUKO URAHIJWE NIVYIYUMVIRO VYABARUNDI

  • yitoza nkande?erega igihugu si can se canke nyina.ntitumukeneye twigombera Mutama Rwasa Agathon emwe yemera yanka tuzomukurako kunguvu.

  • aramanza avyitondere koko vyomufasha

  • Yooo peter arateye akagongwe nukuri!!!none logiquement yibazako arushu ubwenge abo bagabo booose naweno niyikebuke!! si non ashaka kuzohasiga agatwe!! emwe uwuramvye azobona.Mais nukomvuga ngo uwuramvye kandi hageze!!

  • ariko ga Président Nkurunziza ntiwokwibuka numusi numwe wakoresheje ibikorane ukavuga ngo Imana niyo cabona? je ndaguhanuye hamwe amaraso yoseseka bikuvuyeko iyo Mana wacishije mukanwa ukayivuga ukwitari izokumaramaza kandizogutera amagorwa namaruswha muzokwamana ibihe vyose.je ndagusabiye ugaruke ku MANA umenye ko mukurema umuntu yamwishushanijeko.

  • Nkukondabibona Umukuru W’igihugu Yoraba Inyungu Z’umtnyagihugu Ntarabe Inyungu Za Politike.

  • Ndabaramukij.Non Uwomugab Ntiyoreker Aband!Kuberik Uwuvuz Ukur Ahinduk Umwas Wiw?Piyo Nabo Murikumw Nimukomer Mukur Kwany Siw Yabaremy Kand Siw Yabigishij.Akaz Muzoronk Akandi.Murakoz.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.