IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gabriel RUFYIRI yashikirije ivyokorwa ku bibazo biri mu Burundi

Gabriel RUFYIRI yashikirije ivyokorwa ku bibazo biri mu Burundi

vendredi 13 Munyonyo 2015, par egide

Mu mubonano umukuru w’ishirahamwe OLUCOME Gabriel RUFYIRI yagiranye na Gaston SINDIMWO icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu kuri uwu wa kane, baganiriye ingene amashirahamwe adaharinira ivyicaro vya poritike yofasha kugira igihugu gitere imbere, n’umutekano usasagare mu Burundi.

Muvyo baganiriye muri uwo mubonano, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO yamenyesheje ko Uburundi bukeneye inguvu z’abantu benshi, harimwo n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, aca asaba mbere ko ayo mashirahamwe yoterera ivyiyumviro mu biganiro vyimirije. Gaston SINDIMWO yamenyesheje kandi ko muri ivyo biganiro hazoba harimwo ibijanye n’ubutunzi, imibano hamwe na poritike, akavuga ko n’umuhuza yamaze kwumvikanwako, kandi ko n’ivyo bazokora vyose bizoba vyumvikanyweko n’umuhuza.

Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME nawe yarashikirije uko abona ingene ibiganiro vyoba bimeze, akaba yavuze ko yipfuza ko ibiganiro vyohuza abantu vyitwa ko bafise ivyo badahurizako, abafise ivyiyumviro bidahura.
Gabriel RUFYIRI yabwiye icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ko ibiganiro vyo mu Burundi ari vyiza, ariko yibutsa ko abantu batari bake mu Burundi no mu makungu babona ko umenga ni Reta yoba igomba kwiganiriza mu gihe vyobera mu Burundi.

Umutekano wagarutsweko

Gabriel RUFYIRI arongoye OLUCOME yarashikirije ikibazo c’umutekano ubandanya guhungabana, bigatuma abantu bo mu gisagara ca Bujumbura bagira ubwoba kubera abantu babandanya kwicwa. RUFYIRI ati : "Nta terambere rishoboka ata mutekano."
Kubwa Gabriel RUFYIRI, ibibazo vyose bijanye n’umutekano muke hamwe n’ibiriko biraba vyose bizobazwa Reta, agasaba Reta ko yogarukana umutekano mu Burundi, ariko kandi ikubahiriza agateka ka zina muntu.

Reta y’Uburundi yasabwe ko abatwaye amatunga ya Reta boyasubiza, n’icuka ciza kikagaruka hagati ya Reta n’abatavuga rumwe nayo, ntibasubire gufatwa nk’abansi b’igihugu. Icipfuzo c’umukuru wa OLUCOME akaba ari uko kutavuga rumwe na Reta bitoca bisigura kuba umwansi.

Ku bijanye n’ikibazo c’ububiko bw’amafaranga ya Maragarita Barankitse n’ikigo Shalom vyahagaritswe, Gabriel Rufyiri yamenyesheje ko iyo ngingo ari nk’ukwihora, agasaba ko ubwo bubiko bwokwugururwa atakibanje gusabwa. Umukuru wa OLUCOME ariyamiriza kandi imvugo zimaze iminsi zikoreshwa, zimeze nk’iz’ukubiba urwanko, agasaba ko abantu bose bokwumvikana.


IGIHE

Messages

  • ICOGIRA IKIMAZI NUKWIHUTA KWIBIGANIRO TURARUSHE

  • Babwire mutama Rufyikiri iyo mikoma y’intumva ya dd.

  • Ingorane iri mu Burundi ni ukutagira indero.wise abandi imikoma nawe woca witwa iki?

  • Mbega ako kagabo ngo nirufyiri kinyegeje hehe? uzikuntu twakarondeye tukakabura mugabo ntaco burya ntiharagera nabikomagu yarakosowe kandi yarumusoda ndetse iyo mujeri idakwiye numutamiro

  • Mbega ivyo biganiro mw’ihutira kuvuga, mwibaza ko vyotorera inyishu y’ikibazo, siyo inyishu y’ikibazo c’iburundi. n’uko ubutugane butigeze bukora mu Burundi ninaco gituma Uburundi bugeze ngaha. Ntankuntu umuntu ashobora gusigura kubera iki les génécidaires ba les années 1965, 1969, 1972, 1988, 1991, 1993 bacidegevya abo génécidaires ntibigeze bitaba ubutugana ngo bacirwe urubanza hama mukibaza yuko uburundi bwogira intambwe gute?

  • IMVUGAKURI IRAGAYITSEMUBURUNDI mbewewewiyitagakomeye, umuntuyatanzeiciyumvirociza, nkarufiri, yaciyabakagabo? murabenezaizomvugo, ibihebihibindi !!!! kraziragutukana tereraicifuzocubakaigihugu manatabaraigihugukweri, wenawewifuzakwica, umenyenawekuzofa nibuyerirafiseikirimena mbeganiwewamuremye? urucirumukaterugahitanivoka nabafuyeturacabaririra imanaizomukurinde? urikaini, ntacouzovamwo nahomwomwicantimwomugya ikibigusanicokibuzuyemwo!!!!!!nihataripe

  • Bacemwo, Wavuzenabi, Iyomvugosiyo, Uruciraumukaterugahitanivoka Farikoniwewenisawa , Apanicogifu, Ngonibacemwo, Nahoyofantiwomugrya, Kandintiwotoranaiwe, Nuwomuhoraiciyumviroyatanze, Arakavumwanimanayamuremye Kukoyahanuyeneza, Izonyungumwisinga, Nizozisubizaigihuguinyuma Nigusengacane, Abantubarononekayemumitwekweri!!!!

  • UBURUNDI TURAKWIYE KUMENYA YUKO ARI UBWACU TWIRINDE GUSANZAZA UBUTUNZI BWIGIHUGU CACU KOKO ABO KUBU SAHURA BAMEREREJE REMEMBER LIBIA NUBU BARACIRUKA BITWA NGO BARAFASHIJWE NAMAKUNGU(nirwo rudandazwa bafise rukomeye .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.