IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gatumba : Ikibanza cahora gikwega ingenzi cabaye umusaka

Gatumba : Ikibanza cahora gikwega ingenzi cabaye umusaka

mardi 20 Myandagaro 2013

Harakenewe ko ikibanza cahora kigenderwa n’ingenzi gisubira gukorwa neza kugira bahamagarire ingezi kavukire na mvamahanga kuhagendera. Aho ni muri zone Gatumba iri muri komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura Rural.

Ikibanza cubatswe umunsi Uburundi buhimbaza imyaka 50 ihaciye bwikukiye, ikibanza citiriwe « Cercle du Cinquantaire de Mutimbuzi », ni ukuvuga icibutso cerekana imyaka 50 ihaciye twikukiye, muri komine Mutimbuzi, ntikigikorerwa isuku. Ni ikibanza cagenderwa n’abatari bake kuko kiri hafi y’inzira ija ahitwa « Ku karago », ikibanza gikunze kugenderwa n’abavuye mu gisagara ca Bujumbura, eka n’abaje bava mu gihugu kibanyi ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Ubu hatakigirirwa isuku, uwushitse kuri ico kibanza yakirwa n’ibishanga n’ivyondo vyahatenze bivuye kw’ivomo rusangi. Ntanuwokwiyumvurira ko hari icibutso gihari c’iratiro cotuma ingenzi zihagendera. Harakwiye gusubirwamwo, hagakorwa neza kugira ico cibutso gitere iteka zone Gatumba. Ikindi naco, gikwiye gukorwa mu ntumbero yo gukingira iryo ratiro.

Abakenyezi baza kuvoma ku gito kiri muri ico kibanza bakwiye kwirinda kuvoma mu buryo butabereye kugira amazi ntasubire guseseka ahariho hose na cane cane ntasubire gutemba yerekera ico kibanza c’iratiro.

Buramatari w’intara ya Bujumbura, Jacques Minani, akaba yarihanikije umuntu wese wo muri iyo zone Mutimbuzi gushiraho inyubako zitari iza kijambere.
Ubutegetsi bwari bukwiye kwitanga gusumba kugira ico kibanza kirushirizeho gukwega ingenzi nyinshi. Akarorero, nk’umukuru wa zone Mutimbuzi, akwiye guhimiriza abanyagihugu ba zone arongoye kugira bakore ibikorwa bizonatuma n’ico kibanza c’iratiro gikingirwa, mbere n’ingenzi zibone kuhagendera ku bwinshi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.