Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Général Major Pontien Gaciyubwenge yasabwe imyidondoro y’abasirikare ba "34e (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Général Major Pontien Gaciyubwenge yasabwe imyidondoro y’abasirikare ba "34e (...)

Général Major Pontien Gaciyubwenge yasabwe imyidondoro y’abasirikare ba "34e bataillon"

mardi 17 Ntwarante 2015, par Egide N

Ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi bwasabwe gukora umwidondoro ukwiye w’abasirikare bari muri bataillon ya 34 bariko bategurirwa kurungikwa kugarukana amahoro mu bikorwa vya AMISOM.

Mw’ikete ryo mw’ibanga riheruka kurungikirwa umushikiranganji w’ukwivuna abansi Général Major Pontien Gaciyubwenge, ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi bwasavye ko bworungikirwa imyidondoro y’abasirikare bose bari muri bataillon ya 34 iriko yitegurira kurungikwa muri AMISOM muri Somaliya, kugira ubwo buserukizi busuzume neza ko imfashanyo ziriko zitangwa mu basirikare b’abarundi barungikwa kugarukana amahoro muri Somaliya, atari izihabwa abantu bafise ivyo bagirizwa muri kahise mu bijanye n’ububisha bukomeye kuri kiremwa muntu.

JPEG - 51.5 ko
Ikete ryarungikiwe Général Major Pontien Gaciyubwenge

Bubicishije mu gisata kijejwe gufashanya n’umutekano, ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi, busaba ko hoba umwidondoro ukwiye w’umusirikare w’umurundi wese ari muri bataillon igira iya 34. Ikete ubwo buserukizi bwarungikiye Général Major Pontien Gaciyubwenge, umushikiranganji w’ukwivuna abansi kw’igenekerezo rya 5 Ntwarante 2015, rimumenyesha ko asabwa ko n’imiburiburi iyo myidondoro y’abo basirikare b’abarundi yoba yashikiriye ubwo buserukizi kw’igenekerezo rya 27 Ntwarante 2015.

Muri iyo myidondoro, umusirikare wese azomenyesha itariki y’amavuka yiwe, aho yavukiye, amazina y’abavyeyi biwe, aho yakoreye hose imbere y’uko aja muri Somaliya, hamwe n’abari bamutwara ku rwego rwo hejuru kuva imbere y’uko arungikwa muri Somaliya. Iryo kete ry’ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi rivuga ko iyo myidondoro izofasha kugira hasuzumwe ko imfashanyo za Reta zunze ubumwe za Amerika zidahabwa abantu bagirizwa kuba barakoze ububisha, mu guhungabanya agateka ka zina muntu muri kahise.


Egide Nduwimana

Messages

  • reka babakorereko nimba bishinga kurungika imbonerakure n’ingene abapolisi bugarijwe n’ubukene aho bobarungitse nabo bakareka kubatuma kubuza abiyerekana kubera ubukene.

  • Iyo nintambwe yindi. Amanyamerika niko bakora. Burya aba DD nibijuju cane, ntibazi ko iyo abo bazungu batanguye ibihano bidahagarara. Nukwirinda ko bitangura ushaka ko mukorana. Ubu rero la suite ngiyi: mu misi mike, mike cane, abantu bamwe bazofatigwa ibihano ntibazosubire gukandagira i Buraya canke Amerika. Munyuma babafate, n’amatungo yabo afatwe.
    Ingorane bafise, bose baracari bato, ni bake bashikana 50 ans. Bazomara imyaka yose basigaje bagowe. Iyo mihimbiri ikibi bakoze, ntaco bobona tukiriho.

  • uko nzi igisirikare cacu ukuntu cubastwe ivyo Amerika isaba ntivyoroshe kuronka ewe cndd fdd reka ugenda twaguhava dusanga dutwagwa naba Al qaida gusa mana fasha ubundi igihe kirageze kora ibitangaza vyaw barundi dufatane munda twikureko abamenja hatarengera cane

  • Voilà. Un bon exemple. Bravo USA.

  • Isaha yo guhindura ibintu yamaze kuvuza ihoni barundi bene wacu.Aho i somariya wumva ngo n’imbonerakure zirajanwayo mu ntumbero yo kuzorohereza ngo zironkere udufaranga kandi ngo zongere zikore ibikorwa vyo kudoriya nkuko bakunze kubivuga. Burya rero Nkurunziza ngo yari yamaze gupanga ko atazokwigera akivako , ngo kugira bishoboke , atanga amahera menshi mu rwego rw’iperereza ariyo yahavuye atuma adolphe yifata nk’ikimana akaborwa ubutegetsi mbere kugeza aho yibagira ko ubuzima bw’umuntu ari katihabwa ( la vie est sacrée) .Ntarahishurirwa ko IMANA YIHANIKIRIZA KWICA.YO NYENE N’AKANWA KAYO YAVUZE KO UWICISHIJE INKOTA AZOKWICISHWA INKOTA NAWE. Bantu muborezwa n’ubutegetsi, hanurwa mwumve muvavanure n’ukwica!!!!! Amararoso ya bene wanyu hazogera igihe abahumire kandi atari kera.Abishe mu 1993 bigira ngo ni aba "sans échec" ubu yaba muzi uko basa n’uko bamerewe , abagitambuka , abo bigira ngo n’imbonerakure botekereje bakareka ibihinduka bigahinduka kuko atawuzibira amazi menshi ngo amukundire.Igihungu n’ibenga, kandi igihugu si icana.Mubimenye mwa mbonerakure , mwa ba dd mwe, nawe ba sebuja babo mwe kuva kuwo mu gacimbiri , isaha y’ihinduka irashitse kuko uburundi atari icibare c’imiryango yanyu gusa .Emera musangire n’abandi barundi nimwaronka bike muryame kare kuko ivyisi bidahezwa n’ubundi mwophuye mukabisiga .Tabaranya mwikize kandi mureke abarundi twidegemvye , kuko umuruho mwagize mugwana mwarashoboye kuwikanda uravye ingene mwivye mugashika abarundi twese tugubamye turorera uwuvuze muca izosi abandi mugata mu mvuto.CE N’EST PAS CA LA DEMOCRATIE!!!!!

  • Hanoharihabantu imitimayaboyose yatwa nokuvuhako ikibayecose ari CNDDFDD ehendabafashe harigihuha kimaze igihe kitariguro kivugako hariho abasirikare babarundi barimuri AMSOM bobabaratorotse, ariko mwitangazo ry’Amerika murumvanyene iyobabicishije barundi nimucubwenge kandimumenyeko izombonerakure mubonako aribobanyagupfa umwanayankwa niwakura kandindabasabamumenyeko Imbonerakure nabanabanyu,nibenewanyi nibashikibanyu, bishwabanyu, nkigihe bosebogirirwanabi amariramworira yokwuzura igihugucose.

  • I say congatulations to USA. Any way, they may pay attention to the feed back information because the cndd-fdd people are lyers, killers, thieves, .......but they are not clever.

  • I say congatulations to USA. Any way, they may pay attention to the feed back information because the cndd-fdd people are lyers, killers, thieves, .......but they are not clever.

  • Nibaza ko abatanze iyonkur barihenze caaane kuk niyo batayo ya 34 ntiranabaho muri Somalia kuk bagez kwi batayo ya 31 nicogituma mub mukwiye kuvuga ivyo mwatohoje neza ntimuzoze murabona ivyanditswe ngomuce mupfakuvuga amajambo mutatohoje.erega abanyamerika bakorera kunkur zitazwe naba Rundi non iy batayo kwitarabaho wumva uwatanze inkuru atabeshe????? abarundi muzisamburirako mwibaz k muriko mururbaka Nubu genda mutohoze neza usanga iyo Batayo itaranabaho kuk ub ntaho mwimiriwe amarembo yigisirikare aruguruye.

  • MIEUX VAUT TARD QUE JAMAIS,LA PROCHAINE FOIS,CE SERA PEUT ETRE UN AUTRE PAYS QUI DEMANDERA DE VERIFIER SI NOS GENEREAUX SONT CLEAN

  • Nzobandora,you are very stupid you don’t know what u are talking about,you are talking shit man!!wewe ivyo uvuga wotuma uja kunya ucishije mukanwa!!CNDD wewe uyishira mumajwi nkuko,don’t u see somehow u lost ur mind?watch out!!

  • @nda Fiacre, ko umengo kuri rurya rukaratasi handitswe 34 th bisobanurwa 34 ième mu gifaransa.Ngirango rero ni urwa magendu?

  • NONE ABOBAZOSANGA BARI MUBIGEZE GUHUNGABANYA AGATEKA KA ZINAMUNTU BAZOMUGIRA GUTE?HOHO BAZOBAMENYA GUTE?NTAMANYANGA AZOBA MUMYIDONDORO?

  • Tugiye kuzohinyukanabi mubotwahinduye abakunzibacu gusumba abotwose rimwe (abarundi) ndababwirako mumisi igiyekiza ivyotwakabeshe ayomakungu bigiye kwibonwkeza kobwari ububeshi gusa bacumugani mukirundi ngouruciramukaso rugatwaranyoko atikandi ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka hakabahoko imisiyigisuma ntirenga 40 Imana nayo ngwivyomurabikora nkihorera mukibaza kompanyenamwe . Ndababwirako mumisi abagize umwuga ububeshi bagiyeguhinyuka kandi abazobabarihanze yu Burundi bazorushaho kwanjurunuka uburundi ndavuga abobabeshi, nayo abazobabarimugihugu bazogisohokamwo nkabahunga intambara kubera ubumaramare bwamarementanya bazobabaribamazemwo imyaka nimyaniko, kandibamaze kujahanze yigihugu nigisuma kizojakwiba umuntu kigasiga kimujomerekeje bazokwishima bakorenimisimikuru kubera umurundi arimugihugu agiruwenabi bazokwaba babanze amatwi bategereje ikibi coba muburubindi.

  • Iiiiiiiiii birakaze ntivyoroshe sizi unkuntu nobivuga huuuuu mwafashe abishe babikira mubarungika muri somalie mwibaza ko bitazomenyekana rindira babaridiriye muvekubutegetsi bazoba nobesha intoke akataraza kari inyuma

  • bagiye kuzobona ibara abadashaka kugendera munzira z uhoraho.mbeg bazobona ubugingo nibaguma uko?IMANA Ibafashe,

  • nivyiza cane kwidondora

  • Nibaza ko nimba ubushikiranganji bubona ko atacobwikeka nje mbona ko boshikiriza ayo mazina. Hama ibikogwa bikabandanya

  • Biblia iti ntamahoro kumunyavyaha ayo na maraso bamenye aguma abakurikira igikwiye nukwihana gusa

  • Ahubwo nibasabe umwidondoro wa president n’abashikiranganji bose na Gaciyubwenge arimwo. Hama baje Kuri ba Pacifique n’abandi bo mu ma societés civil. Aho rero imfashanyo yabo izoba ifasha abantu ataco bakoze.

  • "@delvie" : sinshobora gutukanira kuko jewe nararezwe kandi nta bunyamaswa mfise. Ahubwo you you are stupid n fois! ico navuze kitati uc’ukuri ni ikihe??? Kinyereke! ndagusubiriremwo? Aba cndd-fdd muri abicanyi, abasuma,ababeshi, ....ariko kandi mukaba ibijuju. Ehe ndagusigurire : 1) muri abicanyi kuko mwagiye mw’ishamba e data ngo mushaka guhabuza agateka k’abahutu, mwica abatutsi mu buhungiro, mu mihana, mu mabarabara. 2) muri abasuma, kuko kuva mutwara iiki gihugu, igihugu carasubiye inyuma cane muvy’ubutunzi, murakinunuza gushika uyu musi: raba itangwa ry’amasoko, ibiturire;........3) muri ababeshi, kuko mwama muhenda abarundi ngo bibuke iyo bavuye n’iyo bageze, ngo mwaragarukanye amahoro, naho ari mwe mwayahungabanya. 4) muri ibijuju kuko, ivyo mwiyemeje ivyaranguwe ni bike cane : tolérance zero pour la corruption, umutekano ntawuhari, mwirigwa muhenda abantu ngo ama devises aruzuye ariko igitoro kikaguma ari umuzi w’ibuye, mukubaka amashura agaca asambuka; .....mbandanye????? TU VIENS DE RATER L’OCCASION DE TE TAIRE.

  • "@delvie" : sinshobora gutukanira kuko jewe nararezwe kandi nta bunyamaswa mfise. Ahubwo you you are stupid n fois! ico navuze kitati uc’ukuri ni ikihe??? Kinyereke! ndagusubiriremwo? Aba cndd-fdd muri abicanyi, abasuma,ababeshi, ....ariko kandi mukaba ibijuju. Ehe ndagusigurire : 1) muri abicanyi kuko mwagiye mw’ishamba e data ngo mushaka guhabuza agateka k’abahutu, mwica abatutsi mu buhungiro, mu mihana, mu mabarabara. 2) muri abasuma, kuko kuva mutwara iiki gihugu, igihugu carasubiye inyuma cane muvy’ubutunzi, murakinunuza gushika uyu musi: raba itangwa ry’amasoko, ibiturire;........3) muri ababeshi, kuko mwama muhenda abarundi ngo bibuke iyo bavuye n’iyo bageze, ngo mwaragarukanye amahoro, naho ari mwe mwayahungabanya. 4) muri ibijuju kuko, ivyo mwiyemeje ivyaranguwe ni bike cane : tolérance zero pour la corruption, umutekano ntawuhari, mwirigwa muhenda abantu ngo ama devises aruzuye ariko igitoro kikaguma ari umuzi w’ibuye, mukubaka amashura agaca asambuka; .....mbandanye????? TU VIENS DE RATER L’OCCASION DE TE TAIRE.

  • @delvie (suite) : hanyuma rero mumaze imyaka n’imyaka muniga, muturira, mwiba, mu viola abatutsi, ngaho murateba murashikira intwaro. None ndakubaze : 1) none abatutsi mwasanze barahonye? 2) mbega ko mwe mutwara muri abahutu canke abahutsi (né des parents d’ethnies differentes selon la pièce de theatre de Patrice FAYE) hamwe n’abatutsi bataye umurongo, ubu kuva mutwara iki gihugu ni bande baguma bicwa? si abahutu mwavuga ngo muriko murahabuza??? Aba cndd-fdd ivyabo ntawobivuga ngo abimare, amabi mwakoze ni agasenga kayo, ARIKO MURATANGUYE KUVYISHURA. AKATARAZA KARI MU NYUMA.

  • ariko hari abantu bibaza ko bizofata abahutu gusa bakibagira ko abatutsi aribo bafise ibibi vyishi bakoze guhera muri 1972 bataillon nibo buzuyemwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.