Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hamwe hamwe amatora yatanguye atevye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Hamwe hamwe amatora yatanguye atevye

Hamwe hamwe amatora yatanguye atevye

lundi 29 Ruheshi 2015

Mu gihe amatora ategekanijwe kuri uyu wa mbere, hamwe hamwe mu ntara ya Bujumbura abaporisi benshi hamwe n’abasirikare baboneka ku bwinshi mu gucungera umutekano.

Muri komine ya Mugongomanga amatora yatanguye atevye, nko mw’Ijenda amatora yacerewe iminota 30, amasaha abiri nayo i Mugongomanga bari bacubaka utuzu tw’itora. Mu gisagara c Bujumbura naho, inyuma y’inkoho zimaze iminsi ibiri zirara zirasirana mw’ijoro, n’ubu ubwoba buracatekeye bamwe mu baba mu makaritiye atandukanye.

Hari abitivye akamo batewe n’abaserukira amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike n’imigambwe itavuga rumwe na CNDD FDD ko kuguma muhira ntibitabe amatora, n’abandi bitavye akamo batewe n’umugambwe uri ku butegetsi hamwe n’imigambwe icuditse nawo nka UPRONA yo kwa Concilie Nibigira, FNL yo kwa Yakobo Bigirimana,n’urunani COPA ko kwitaba amatora.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.