Accueil > Amakuru > ishirahamwe > HCR:Igitigiri c’impunzi cariyongereye ku rugero rutari bwaboneke (...)
HCR:Igitigiri c’impunzi cariyongereye ku rugero rutari bwaboneke kw’isi
vendredi 19 Ruheshi 2015
Icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kw’isi kimenyesha ko,isi yashitse ku gitigiri c’impunzi imiliyoni 60, kitari bwigere kiboneka.
Nkuko biri mu cegeranyo cashizwe ahabona n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kw’isi HCR kuwa kane igenekerezo rya 18 Ruheshi,intambara,indyane n’ubwicanyi,nivyo bituma hari igitigiri kinini c’abantu barondera ubuhungiro ,n’ahoba amahoro.
Icegeranyo caheruka kuja ahabona c’ishirahamwe HCR cerekanye ko mu mpera z’umwaka w’2014,abantu imiriyoni 59,9 aribo barondera ubuhungiro,mu gihe mu mwaka w’2013 abantu imiliyoni 51,2 aribo barondera ubuhungiro.
Ico cegeranyo, cerekana cegerana ko ibitigi vy’impunzi vyatanguye kuduga kuva mu ntango z’umwaka w’2011,kuva hatanguye intambara mu gihugu ca Siriya,aho abantu bava mu miryango yabo bahunga bari ku rugero rutari bwaboneke kw’isi.
Muri ico cegeranyo,ishirahamwe HCR rivuga ko mu mwaka w’2014, abantu bababa 42500 aribo babaye impunzi,basavye ubuhungiro canke bahungiye mu bihugu basanzwe babamwo,ni ukuvuga incuro zine bafatiye uko ibintu vyari vyifashe haraheze imyaka ine.
Umuntu umwe ku bantu 122 ni impunzi kw’isi,canke uwusaba ubuhungiro hanze canke mu gihugu asanzwe abamwo.
Komiseri ajejwe ikibazo c’impunzi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Antonio Guterres,avuga ko ishirahamwe akorera ari icabona c’ibiriko biraba,aho abantu bava mu bihugu vyabo bahunga ku rugero rutari bwaboneke kw’isi.
Antonio Guterres,akavuga ko ari ibintu biteye ubwoba, kubona hari ukudahanwa kw’abakora amabi atuma abantu bahunga ku ruhande rumwe,ku rundi ruhande ugasanga amakungu ntashobora gukora kugira ahagarike intambara,mu ntumbero yo gutuma haba amahoro.
Mwomenya ko igihugu c’Uburundi kiri mu bihugu kw’isi biriko bivamwo impunzi nyinshi,muri uno mwaka.
Messages
19 Ruheshi 2015, 14:07, par Jeremi
None se NKURUMBI mwomuboha ingorane zigahera.
19 Ruheshi 2015, 15:36, par Melchiade
Ewe Jeremi Wewe Uzosanga Wishwe N,akarimi Kawe Mbesha Kumenga Ufis,ihababu Ca Cane Cabowemera Nabo Ukabumenga Ntamahirwe Bafise Abandi Bagereye Iburaya Abandi Aho Bafatiy,ubutegetsi Bikanka Baciye Banyikana N,isi. None Aho Ntiwokingiragatwe Ng,uburamaze Kabiri Ushishikaye Naho? Mvuge Witabira! 1komeraa -guba Nkurunziza Ntibakorako? Wishura Uti ;ntibishoboka
19 Ruheshi 2015, 15:42, par Bucumi
Ivyanditswe ningombwa bishike,ati muzumvintambara nimpuhwa zintambarakw’isi yose none ikibatangazza n’iki? Jewe sinotangara kuko nivyagezwe.
19 Ruheshi 2015, 17:49, par Bakari
@Bucumi
"Jewe sinotangara kuko nivyagezwe."
Vyagezwe na nde ga Bucumi? Uhava uvuga ngo nivyo wandika ngo ni ivyagezwe!
Tera imbere mu vyiyumviro nk’abandi! Kuko umenga uracari kure nk’ukwezi! Mugabo umenga niho ugeza!
19 Ruheshi 2015, 18:18, par MOUSTAPHA
Mbega Umuntu Y’ipfuje ahantu koyoja kwibera yo, mbega bohava bahamutwara yo? canke ntibomutwarayo? nashaka ko mwondonsa akanyishu muzoba mukoze.
19 Ruheshi 2015, 18:43, par Charles. mbonankira
Twebwe.abarundi.dufiseingorane.zubukene.nayahandihoho.abarundi.turakundana.ilindi.kibazo.ubunebwe.nokugomba.kuronka.ivyo.umuntu.atabiriye.icuya
19 Ruheshi 2015, 18:57, par Charles. mbonankira
Umwicanyi.IMANA.izomutuma.umwicanyi.abubaha.IMANA.birinde.gutunga.intoke.abicanyi.niko.IMANA.yambwiye.ngombwire.abantu.ico.umuntu.ateragira.nico.azokwimbura
19 Ruheshi 2015, 21:36, par KAMARIZA Laïssa.
Mb Mukagira Ntibigoye Cane, Huhunga Uwufise Iyaja Yognda Kuko Intambara Ntibanza Guteguzwa, Eka Ntantambara Isumba Gutwagwa Nabi, Mubuken Budahra, Abantu Bama Bariko Barapfa Kumusi Kwisaha....Nahuwiteka Kugira Icakoze Kuko Abantu Can Can Uburundi Burarushe Can!!!Leta Y’ibujumbura Ntiyotba Ikiyumvira Pe!!!
20 Ruheshi 2015, 06:17, par levis
abarundi nimubareke
bahunge bishobotse,mubaki
re hanyuma reta yuburundi iryoherwe
kuku ibateyeguhunga
ariko imana izobibabaza.
20 Ruheshi 2015, 19:56, par Antony
nubukene bwugarije igihugu buratuma abantu bahunga.
21 Ruheshi 2015, 08:41, par Edouard Douglas
none ga yemwe ntimubona kwarigihe ciherezo?mwiyeze
21 Ruheshi 2015, 09:14, par WIZEYIMANA
NDABASAVYE.ABAHUNZE.MWIGUMIRE.YO.MUZOBAMURA.ZA.BIHEZE.
21 Ruheshi 2015, 09:21, par UWIZEYIMANA.
NIHAGERA.MUZOCEMUBARUNGIKA.
21 Ruheshi 2015, 21:53, par Twizeyumukiza Odiphax
Yemwe Reta Irakwiye Kwikubita Agashi !!!
22 Ruheshi 2015, 09:31, par Noel Niyonzima
basha solution yavyose nugukomeza guhanga amaso Imana yo atakiyinanira