Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
HCR: Umwaka w’2015 waranzwe n’igitigiri kinini c’impunzi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > HCR: Umwaka w’2015 waranzwe n’igitigiri kinini c’impunzi

HCR: Umwaka w’2015 waranzwe n’igitigiri kinini c’impunzi

samedi 19 Kigarama 2015

Ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR rimenyesha ko umwaka w’2015 waranzwe n’igitigiri kinini c’impunzi n’abata ingo zabo mw’isi.

Mu cegeranyo c’ishirahamwe HCR casohotse kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 18 Kigarama 2015,HCR imenyesha ko abantu barenga imiriyoni 60 kw’isi bataye izabo,umuntu umwe ku bantu 122 bava mu ngo zabo.

Muri ico cegeranyo,ishirahamwe ryitaho impunzi HCR rivuga ko turetse kuva mu bihugu babamwo,amahirwe ku bahunga ibihugu vyabo yo gusubirayo atari menshi haraheze imyaka 30.

Mu gice ca mbere c’umwaka w’2015,HCR yasanze n’imiburiburi amantu imiriyoni 5 barahunze ibihugu vyabo,abandi bahungira mu bihugu vyabo nyene.Ibihugu bibangamiwe cane ni Yemen,Ukraine na Republika iharanira Demokrasi ya Kongo.

Naho biri ukwo,ishirahamwe HCR rimenyesha ko umwaka w’2015 waranzwe n’ubwitange budasanzwe bw’ibihugu vyakiriye impunzi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • abarundi n’abarundikazi turashima akigoro iryoshirahamwe rigira mukwakira impunzi .imana iyihezagire.tusabe izogumane akokigoro kokwakira impunzi nacanecane kukigoro igira mukwakira impunzi zabarundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.