Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibiganiro vy’i Kampala vyatanguye gutegurwa
Ibiganiro vy’i Kampala vyatanguye gutegurwa
jeudi 22 Gitugutu 2015, par
Ubutegetsi bwa Ouganda bumenyesha ko ibiganiro ku bibazo vy’Uburundi bizotangura vuba, imyiteguro hamwe n’intonde z’abazotumirwa bikaba biriko birategurwa.
Ofwono Opondo, umuvugizi wa Reta ya Ouganda amenyesha ko amanama y’ukwitegurira ibiganiro bizohuza abarundi yatanguye kuva kw’igenekerezo rya 19 Gitugutu 2015, bikaba bitegekanijwe ko ivyo biganiro bizotangura mu mpera z’ukwezi kwa Munyonyo. Amakuru atangwa na Ofwono Opondo, umuvugizi wa Reta ya Ouganda amenyesha ko muri iyo myiteguro, harimwo n’ugukora intonde z’abazotumirwa, abariko barabitegura bakizera ko mu mpera z’ukwezi kwa Gitugutu izo ntonde bazoba bahejeje kuzumvikanako.
- Ofwono Opondo, umuvugizi wa Reta ya Ouganda
Izo ntonde zihejeje gutegurwa, bitegekanijwe ko zizoca zirungikirwa abo vyega bose kugira bazisuzume, mu nyuma ubutumire buce busohoka. Umuvugizi wa Reta ya Ouganda akemeza ko impande zose zamaze guhuriza ku muhuza Kaguta Yoweri Museveni.
Naho Ofwono Opondo, umuvugizi wa Reta ya Ouganda amenyesha ko imyiteguro yatanguye, amakuru ava i Bujumbura amenyesha ko Reta y’Uburundi ataco ibiziko.
IGIHE
Messages
22 Gitugutu 2015, 10:55, par Falcon
Bitegure mwebwe ahanyu muzoba muhejeje,uyu musega Nkurumbi nakarwi kiwe banse kuvyitaba tuzobatoza iminwe.
22 Gitugutu 2015, 11:00, par Mutima
Ivyo Biganiro Nibinyaruke Abarundi Turonke Amahoro Ivyo Biziga Bireke Kuguma Bitorwa Kuko Bose Nabarundi
22 Gitugutu 2015, 11:02, par Mutima
Ivyo Biganiro Nibinyaruke Abarundi Turonke Amahoro Ivyo Biziga Bireke Kuguma Bitorwa Kuko Bose Nabarundi
22 Gitugutu 2015, 11:07, par Fardon
nimudufashe mwebw muri abagabo...
22 Gitugutu 2015, 12:01, par harabagabo
Ivyo ari vyo vyose, igihute cahiye; mu minsi kigiye guturika hanyuma ikinyoma gikubitirwe ahakubuye!
22 Gitugutu 2015, 13:13, par kazobavamwo
Honyene.museveni.afise.ingorane.mugihuguiwe.imbereyogutoshora.ikigiga.kimujishoryamugenzawe.banza.ukure.iryawe
22 Gitugutu 2015, 15:39, par Laziless
Nukwitoza utunyoni hoho yoweli museveni ntazorara abahagaritse ngo baronderwa na reta y’uburundi nkuko bari bagize Omari bashil wa Soudan muri afika yepfo? Ahaaaaaaa babirabe neza kuko na museveni numwe mubadashaka kuva kubutegetsi
22 Gitugutu 2015, 15:40, par kamaro
hagarika ivyobiganiro, tubanze tuvungurane nizonkozi zikibi, kugirango ziboneko zifise inguvu zidashika. babanze bateri igihugu Hama tubatoragure nkakurya inkoko itoragura intete zibigori. yayayaya!! turabinginze batama. tubanze tubamomagure ndakurahiye....
22 Gitugutu 2015, 19:32, par karorero
ivyo umushingantahe KAMARO avuze nivyo nukuri nibabanze babareke babagir nkuko babagiz ikabarore hamw no muri bukinanyana.Kamaro urumshingantah utaryumunwa.nibabareke.muzoba mukoze.
22 Gitugutu 2015, 19:33, par karorero
ivyo umushingantahe KAMARO avuze nivyo nukuri nibabanze babareke babagir nkuko babagiz ikabarore hamw no muri bukinanyana.Kamaro urumshingantah utaryumunwa.nibabareke.muzoba mukoze.
23 Gitugutu 2015, 04:47, par INTAGOHEKA
NDAATANGAZWA NAKAGABO KIYITA FARCON UBWENGE NTIKAGIRA NUBWO KUJAKUNYA,NGONIYORETA YUBURUNDI ITITABIGANI,NGOBAZOBATOZINTOKI MBE NDAKUBAZE UBU AHO NKURUNZIZ ABA NTAHO MUZI CAMBU CAKAKA,NIMUREKE GUTABAZ AMAKUNGU MUZE TUBACAKIRE KANDI MUMENYEKO INKONITARUZWA
23 Gitugutu 2015, 04:49, par INTAGOHEKA
NDAATANGAZWA NAKAGABO KIYITA FARCON UBWENGE NTIKAGIRA NUBWO KUJAKUNYA,NGONIYORETA YUBURUNDI ITITABIGANI,NGOBAZOBATOZINTOKI MBE NDAKUBAZE UBU AHO NKURUNZIZ ABA NTAHO MUZI CAMBU CAKAKA,NIMUREKE GUTABAZ AMAKUNGU MUZE TUBACAKIRE KANDI MUMENYEKO INKONITARUZWA
24 Gitugutu 2015, 02:30, par #Bongo#
24 Gitugutu 2015, 11:35, par Nishimwe Nathan
Nahimana Kuko Muburundi Atarimani Yikoreye Ibiganiro Ntacobibabyiye Umengo Nugusuk’amazi Kw’ibuye
26 Gitugutu 2015, 16:56, par MUNUNI
AAAAA MWAKABAYEMUMEZUKO, MUGUKOKEZA, NTANYUNGU? MUZOKURAMWO, RABA, UWAKOKEJEIMYIGARAGAMVYO, NTIYAFUYE, NYANGOMANTIYAFUYE, NIZEREMWEBWEKO, MUTABARUSHAUBUBASHA, ABOBAGABO2, TEKANA, KAROREROWEWE, UBWONUBUTOBUGUHENDA, JENDAKUZI, ZURARABAIVYUKORA, HARIHIBIDAKOGWA URUMWANAWEJO NTUZUSUBIREGUKOKEZA, NDAGUHANUYEMWANAWE