Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikigo BBIN kigiye gushengezwa imbere y’ubutungane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ikigo BBIN kigiye gushengezwa imbere y’ubutungane

Ikigo BBIN kigiye gushengezwa imbere y’ubutungane

vendredi 6 Ruhuhuma 2015

Amashirahamwe yatsinze ihiganwa ryateguwe n’ikigo BBINmuri " SHIKA AWARDS2014" baridoga kubona bataronswa amahera batsindiye kandi bakaguma bajuragizwa, ntihububahirize n’amasango bahabwa .

JPEG - 44.5 ko
Batatu ba mbere : i Bubamfu "Kana Soya Milk, hagati : Chalk Chain Enterprise", i buryo : Alimentary Company Limited

Ikete ryanditswe ritegwako imikono n’amashirahamwe yatsinze ihiganwa ry’imigambi "SHIKA AWARDS 2014" ryategurwa n’ikigo BBIN , asaba guhabwa amahera batsindiye ku mugaragaro. Amashirahamwe : CHALK CHAIN ENTERPRISE( yabaye iya mbere), KANA SOYA MILK( iya kabiri) hamwe na ALIMENTA COMPANY (iya gatatu).

Ayo mashirahamwe yandika avuga ati :" Turavye uko twitavye ihiganwa rya "SHIKA 2014 ryamaze amezi 8 ( kuva Ndamukiza- Munyonyo 2014), turavye ko ishirahamwe rya mbere ryatsindiye imiriyoni 20, irya kabiri imiriyoni 15 hamwe n’imiriyoni 10 ku rya gatatu, turavye amasango yo gutanga ayo mahera muduha mutayubahiriza, turavye ukuntu mutujuragiza muhindagura ivyo mudusaba kandi twaramaze gutsinda hamwe n’igihe giheze ihiganwa riheze, turagabishije ko mu minsi 8 muronse iri kete mudatanze amahera twatsindiye tuzoca twitura ubutungane".

Mu mpera y’iryo kete, ayo mashirahamwe yandika ati :" Twagira tubibutse ko ihiganwa ryateguwe na BID NETWORK kandi n’amashirahamwe mpuzamakungu yitavye ibirori vyo gutanga ubushimwe yotubera icabona".

Turiko turandera abaserukira BBIN na BID NETWORK bagire ico babivuzeko.

Amwe mu mafoto yafashwe umunsi wo gutangaza abatsinze

Pierre Claver NDUWUMWAMI : BBIN

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.