IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Abashingamateka ba EAC bahuriye mu nama igira gatanu

Bujumbura : Abashingamateka ba EAC bahuriye mu nama igira gatanu

mercredi 18 Ntwarante 2015, par Egide N

Ibikorwa vy’inama nshingamateka yo muri Afrika y’Ubuseruko vyatangujwe icese mu gisagara ca Bujumbura.

Ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 17 Ntwarante 2015, mu ngoro y’amakoraniro yo mu Kigobe, umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza yuguruye icese ibikorwa bigira gatanu vy’Inama nshingamateka yo muri Afrika y’Ubuseruko.

Mw’ijambo ryiwe, Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza akaba yakiriye yongera arakeza Umukuru w’Inama nshingamateka yo muri Afrika y’Ubuseruko, Daniel Alfred Kidega ku mabanga mashasha aheruka gushigwa, yongera akeza abagize Inama nshingamateka yo muri Afrika y’Ubuseruko kuba barashoboye gutorera inyishu ibibazo vyahora vyibonekeza muri uwo muryango. Petero Nkurunziza yarijeje ko amatora yimirije azoba meza kandi yizewe, aranahamagarira ibihugu bigize umuryango w’ibihugu bigize Afrika y’ubuseruko ko borungika umugwi w’abarorerezi.

Inama shingamateka yo muri Afrika y’Ubuseruko niyo ifise urufunguzo rwo gufasha ibihugu bihurikiiye mu muryango w’ibihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko (EAC) kugira bironke akarusho mw’iyinjira muri uwo muryango, nk’uko vyashikirijwe n’Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza.

Mukamenya ko muri ivyo bikorwa bizomara indwi zibiri, abagize Inama nshingamateka yo muri Afrika y’Ubuseruko, bazokwigira hamwe amategeko amwe amwe, nk’iryo gukuraho inzitizi zigeramiye ubudandaji mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, itegeko ryorohereza ubudandaji ku mipaka hamwe n’itegeko rigenga ihiganwa mu budandaji muri Afrika y’Ubuseruko.

Abanyecubahiro batandukanye bakaba bari bitavye ivyo birori, aho tukavuga umukuru w’inama nshingamateka yo muri Afrika y’Ubuseruko, Daniel Alfred Kidega, Umukuru w’inama shingamateka y’Uburundi Piyo Ntavyohanyuma, abashingamateka bo muri EALA, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abashikiranganji n’abandi batangukanye.


Alida SABITEKA

Messages

  • Basezere iyo niyo yanyuma wakiriye nkumukuru w’uburundi izindi uzozitaba nkumu kenguza mateka kuva mukwezi kumunani 2015.

  • Kuraho inzitizi mu migenderanire nibindi bihungo, kurondera impapuro zinzira biragoye. KENYA, RWANDA na UGANDA bashitse kure. Bandanya wishinga TANZANIA ntuzi ko ABARUNDI uriko urabagirira nabi. Globarisation wewe ntacikubwiye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.