Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibikorwa vy’inama nshingamateka bizingamitswe n’abatowe muri CNDD (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibikorwa vy’inama nshingamateka bizingamitswe n’abatowe muri CNDD (...)

Ibikorwa vy’inama nshingamateka bizingamitswe n’abatowe muri CNDD FDD

jeudi 2 Ndamukiza 2015, par Egide N

Ibikorwa vy’inama nshingamateka biragoyagoya kuva aho habonekeye bamwe muribo bateye umukono ku rwandiko rwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Ibikorwa vyo mu migwi vyari bitegekanijwe kuri uwu wa kane ntivyashoboye kuba, kubera bamwe mu bashingamateka ba CNDD FDD batagitonda.

Mu rukurikirane rw’abagumyabanga ba CNDD FDD babandanya kwerekana aho bahagaze ku kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, amakuru dufise n’uko umukuru w’inama nshingamateka, ari kumwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, umukuru w’inama nkenguzamateka, hamwe n’umuhuza w’abarundi boba baragiye kwirabira umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, bamubwira ko atohirahira yiyumvira ikiringo ca gatatu, kuko biboneka neza ko azoba yarenze amategeko, ibwirizwa nshingiro, hamwe n’amasezerano y’i Arusha.
Abo bategetsi bakomeye mu gihugu no muri CNDD FDD boba babwiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ko n’icuka ari kibi mu gihugu, bamuhanura ko yovavanura n’ivy’ugusubira kwitoza. Ayo makuru amenyesha ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaciye atangura kubaraba ribi, baca baba abansi biwe, ari nakwo kurondera kubakura, ahereye ku mukuru w’inama nshingamateka Piyo NTAVYOHANYUMA.

Piyo NTAVYOHANYUMA, inzira ishika

Kugira umugambi w’ugukura Gerevasi RUFYIKIRI, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu ushoboke, bica mu nama nshingamateka, iyo nayo gushika ubu ikaba irongowe n’uwamaze kwerekana ko avuga rumwe n’ico cegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu mu bijanye n’ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza.
Inzira yonyene ishika isigaye akaba ari uguhera gusubiriza Piyo NTAVYOHANYUMA, umukuru w’inama nshingamateka, agasubirizwa n’uwumva uwo mugambi, kandi ashigikiye ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza. Mu bavugwa bomusubirira, izina riza imbere akaba ari iry’umushingamateka Benigne RURAHINDA, umupfasoni wa Général Adolphe NSHIMIRIMANA yahora arongoye urwego rw’igendereza.
Tukabibutsa ko kugira Piyo Ntavyohanyuma ashobore gukurwa, bisaba ivya kabiri bitatu (2/3) vy’abashingamateka, ni ukuvuga abagera kuri 71, umugambwe CNDD FDD ukaba umaze kuronka abagera kuri 39 gusa.

Piyo Ntavyohanyuma niwe kandi bokwikozeko kugira asaba sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ko yosoma amategeko yemerera umukuru w’igihugu gusubira kwitoza mu kiringo kigira gatatu, ariko muri CNDD FDD bagasanga atohava avyemera kandi yaramaze kwerekana aho ahagaze, ari naco naco gituma hariko hakorwa ibishoboka vyose kugira umugambi w’ukumusubiriza ushoboke, bikavugwa ko n’amafaranga menshi ashobora gukoreshwa kugira abo bashingamateka bakenewe baboneke.

Tukabamenyesha ko muri CNDD FDD bashaka kumukura mu gihe inama nshingamateka na nkenguzamateka zisigaje iminsi mirongo ibiri n’itanu gusa z’ugukora.

Izo mpari ziri muri CNDD FDD zikaba zizingamitse ibikorwa vy’inama nshingamateka isanzwe igizwe n’abashingamateka ba CNDD FDD ku bwinshi, abo nabo bakaba batagitonda bose mu nama nshingamateka. Ibikorwa vyo mu migwi vyari bitegekanijwe kuri uwu wa kane ntivyashoboye kuba, kubera bamwe mu bashingamateka ba CNDD FDD batagitonda.


Egide Nduwimana

Messages

  • Petero Nkurunziza uragowe

  • Bienvenue au CNDD FDD NYAKURI iragi rya ....
    shihane shihane , tubacemwo mwirabire!
    Ariko Piter ivyo wivye warivye bisa abandi barye!
    sinon uzoburiramwo vyose.
    uriko ukoresha ibijuju gusa bitarenze muri 6 ième nkaba dolofo
    nimbonera kure.
    ntamuntu yize akwije mumutwe yojinyuma ya dolofo!
    aba mukurikira bose ni zamujeri ataco zishoboye atari kwiba no kwica!

  • piter nimba ukunda uburudi,abarundi,numuryango wawe rekakwitoza.

    kandi turagukunda .

  • TANGA MIHOHO,IMYAKA UTWAYE IRAKWIYE,NUHE ABANDI,MAI UREKE GUKURA,ABO MUFATANIJE,GUTWARA.REKA NTIBIZOKUGIRIRE INGARUKA,NO KU MURYANGO WAWE,

  • nukuvuga uwuza wese ndamusaBA kurekura abanyororo kurya kwa NDANDAYE .nihamara gutwara BENIGNE, PETER AZOCA AHUNGA IGIHUGU KICE GITWARA ADOLPHE MURAKOZE KANDI NUKONYENE ARIKO NDAGUSABA NYAKUBAHWA BENIGNE KUREKURA ABANYORORO IKIVUNGA.

  • Ariko se ko Petero yatangiye umenga ngo azanye amahoro i Burundi ko mbona ahejeje ashaka kubajyanisha? Mbere ntiyari umushingantahe none ndabona agiye kwitesha agaciro.

    Mbe ntareka ico Mugenzi we w’i Kigali avuga. Yaretse abarundi bakaba aribo bahitamo ko abandanya ariko biraboneka ko uko Abanyarwanda babigaragariza Kagame bidasa n’uko babigaragariza Nkurunziza.

    Aho rero naharire abandi bo mu Mugambwe we naho ubundi umugambwe CNDD FDD nawo uratakaza akaranga utume Abarundi basubira mu ndyane za ya matindi y’amoko.

  • Pita nukuri waratwaye kandi ahaw warageragej kuko warikumwe n’ibisizimwe n’abanywamaraso benshi.ndazi ko ukuri ukubona ninaco gituma wokwumvira impanuro Z’abarundi b’umutima n’amakungu.désillisionna ivyo binywamaraso ubitere surprise

  • Ubu umu cnddfdd azogira imana agatwara azomenyako mu nzego zo hejuru ari ukwitondera abo ashiraho,surtout abagabo bakabanza bakaraba abagore babo ubwoko n’inkomoko yabo,uyo piyo afise umunyarwandakazi,abagore ataco bashobora gufasha mu vya politique canke ngo bamenye aho bahagaze,reka babire icuya,barashitse batangura gukingira ikibaba ibihumbu nka vya onésime,abandi barongora abatutsikazi,reka babanze bace ubwenge,iyo barongora abahudukazi babo bari kuba bayaga rimwe bagafundika rimwe,nta kundi vyari kugenda abo bagore baje kurya gusa ivyo batazi iyo vyavuye,nta gifasha abo bagabo bafise,nimukome!!!!!

  • Sha Peter! vya muzinga bizokurasa warayi! Wewe uratubesha ngo uri Umurokore, vya hehe! Reka uburoho n’ ububandi

  • @Vuganeza

    Wewe ukwiye kuja kwa muganga kuko umugera w´amacakubiri n´ubuhumyi bikugeze kure. Ingorane dufise mu Burundi ihuriye he n´ivy´amako? Barya ba FNL bamariwe mu ruzi ni Abatutsi babishe? None niba abipfuza ko Peter yitoza ubugira gatatu ari abiyumvira nka wewe wumva igihugu bokimarira iki? Nta na hamwe utandukaniye na za nterahamwe zahora zandika mu binyamakuru bimwe vyo mu Rwanda imbere ya génocide yagiriwe Abatutsi.

    INGORANE ZO MU BURUNDI SI UBWOKO SI NA CNDD/FDD, NI AKARWI K´ABANTU BAKE CANE BAHENDA PETER KUGIRA BABE BARIRIRA GUSA BATITAYE KU NYUNGU Z´ABARUNDI BOSE B´UBWOKO BWOSE:

  • Uwu yitwa vuganeza nahumure kuko umuntu ntiyumvikana n’umugore wiw ngo nuko basangiye ubwoko. Mbe ama divorce aba canke ugucana inyuma biba mubadasangiye ubwoki.Oya namba.Ikindi naco arabaza na President abo batutsi uvuga ko atabafise mumuryango.Nn uramukunda ukamwankira nyina.Oya namba urumvako ivyo wiyumvira bitarivyo. Abo nabo ucira imanza sivyiza kuko un intellectuel ne fait pas debat sur les histoires de sous jupe. Ikindi muri democratie nyakuri justement abantu barashira hamwe ivyiyumviro bitandukanye hama hagashirwa imbere ikiruta ibindi.Uravye rero ikiruta ibind si ukunyinyurana.

  • Murahumba mwaba cndd fdd mwe! Aho muhaye muhenda abarundi mubeshera abatutsikazi babatwaye iki? Jewe ko ndi umuhu nkac ndi mumakungu kandi narahunze agacinyizo kagahotoro nubusuma ndakubaze we ubeshera abatutsikazi hamwe documentatiö irongowe na adolphe na nkurunziza peter hamwe yahonya ac fnl ikabica abandi ikabangaza ntibari abahutu? Aho rero ugomba kwihenda yuko ubesheye ubwoko harico mwohanoba urahumba kuko ubu twese twarakanuye twamazekumenya yuko inda atabwoko ifise ubu ico twese tugomba nukuzotora umurundi azotunganyiriza twese nayo ivyamoko wihenze gose ubu twese umutwa,umuganwa,umuhutu, numututsi turikumwe murugamba rwokuzosezerera iyo ntwaro yamunzwe nubusuma nubwicanyi ya peter!:-@

  • @Norris et uwubizi
    Ibi navuze niko biri,abatutsikazi kuva na kera na rindi baja mu bahutu kubera baronderayo amaronko ,nibo nyene bagenda bivugira ko kuja ku muhutu uri umututsikazi uba ugiye gutegeka famille yose kandi ni ko vyagenda,na son excellence monsieur le président nibazako hari ico abiziko surtout ko maman wiwe ari umututsikazi,peut etre ko atariko yari ameze ariko abatutsikazi bicishije abagabo babo 72 ni benshi bakisigarira mu mazu,abana bavyawe n’abatutsikazi bama batukwa na ba nyina ngo ubwoko bwanyu ni bubi,ngo raba uwari ibizuru,aho simvuze ba narume babaturubika,ntimwibaze ngo naho atawubahuka kubivuga ngo siko biri,benshi mugaca mwinyegeza inyuma y’urukundo ariko la réalité ni iyo,abatutsi bo nyene iyo bakubwira ngo nubu abahutu bararongora abatutsikazi ukamengo ni ikintu kidasanzwe,nuko muziko ari ikigwanisho mukunyengetera mu buzima bw’abahutu ata rukundo ahanini rurimwo,jewe nshobora kubana nabi n’umugabo wanje canke tukahukana ariko sinshobora kumwicisha nkuko vyakozwe n’abatutsikazi,ikindi nshobora gusopa mu mifuko yiwe amabanga nsanzeyo mba nziko ari ibituraba,nayo umututsikazi aca abijana muri basazawe kugira yerekaneko ataryamye ariko akorera ubwoko bwiwe,abantu muze muca ubwenge izo mariage interthnique zituma ubwoko bw’abahutu tuguma dusubizwa mu buja tutabizi ngo ni urukundo,urukundo ruja iyo urujanye,rukeneye orientation ,rero abo bashatse nabi nibo batuma izi bombori bombori zidahera,nibo batuma ata banga canke bagasamara ibikorwa bakavyica,abo ba onésime bagiye kwigaramira mu batutsikazi bakoresha amahera abacu batangiye ubuzima,ba nzomukunda kwari uko,,abatwara za sip bitwa ba jean de dieu abo bose birigwa mu batutsikazi,abo bose ba jeremie ngendakumana,ikibabaje peresida abamenye atevye nibo baparanganije ibintu,mwa batutsi mwe reka kwitwengera aha abahutu bafise umutima turababaye,ikitubabaje abahutu nibo badusubiza mu buja ngo ni urukundo,kandi ni urugamba nk’izindi dutegerezwa kugwana,ntirukeneye amasasu ,sinzi n’ingene tuzorugwana ariko tuzoteba dutorere umuti ico kibazo cayo ma mariages mabi cane atwononera,sinumva igituma abahutu n’abatutsi bagira mariage,nta rukundo bafitaniye dukwiye gusangira igihugu gusa,tukagabura ivyo tugabura ivyo vya ma mariages ntibibe!
    Nagire mperaheze mbwira aba banyishuye ko ntakeneye kuja kwa muganga ivyo mvuze ni ukuri,mu kirundi baca umugani ngo umuhushatunga ahusha umugre,mwa bahutu muri mu bibanza vyo hejuru heba iyo ngeso yo kurongora abatutsikazi no kubapangira amazu nimwe mutwicira akazi!!Turabakurikirana kandi bizoteba gusa muzohanwa!!!

  • uyumugabo petr nkurunziza twaridukwiy kumuvirahasi twes kovyase kukivak kuneza muze tumwomor nka compaule kuko ikigihugu sitongo ryas

  • MWA BA CNDD-FDD MWE UBU IVYANYU VYARAMENYEKANYE SHA MWE MURI ABICANYI N’ABASUMA GUSA MBE MWIYUMVIRA YUK6 AYAMATORA YA 2015 ARINDE MUZOHENDA NGO NABATORE KUBERA YUKO MURI ABAHUTU? UBU TWESE TWARABAHINYUYE SHA YUKO KERA MWITWAZAGA IVYAMOKO KUGIRA MWIRONKERE UBUTEGETSI! IRYA OBR,NTIFUKAMYE MUNDA TWESE? MWIHENDA YUKO TUTABONA NEZA YUKO AMAHERA YAYO ARIYO MUGURAMWO IMIDUGA NAMAZU UMURUNDI NYARUCARI MUMUZINGAMITSE NINZARA! SHA BURYA NGUWO BINANIYE ABESHERA IBIRAGO NGO BIRANYERERA NIMWEMANGE AKABIMWAKOZE MURAKUZE MWISHE ABANTU MUBESHERA KAGEGE,NA DOMITIEN HAMA MUKUBITA KADEGE MPAKA MURAMWONONERA AMAGARA MUGA MUMENYE YUKO MUZOVYISHURA NABO BICANYI BANYUNGO NIMBONERAKURE MWAHAYE INKOHO BITWARA NKINTERAHAMWE ZAMARIYE INZIRAKARENGANE KWICUMU MUGA MUMENYE KO IWACU MUBURUNDI ATAMUNTU MUZICA TUZOZIVIRAHASI RIMWE TUZIFATISHE IMINWE TUZÃŒE IGIHANO KIZIBEREYE KUKUBU TWESE ABARUNDI TWUNZE UBUMWE MUKUGWANYA PETER NA CNDD-FDD! NTIHAGIRE UWUHENDWA NGO AKAGWI NIKO KISHE UBURUNDI NI CNDD-FDD KUKWIYABATARIYO AKO KARWI NTIKARI KWICA KAGAKIZA IMYAKA CUMI YOSE MURORERA! MWARI KUKIYAMIRIZA MURI CNDD-FDD IBARA RITARAGWA MWASHIZIMBERE AMARONKO YANYU MWiBAGIRUMUNYAGIHUGU! TWESE HAMWE TWITEGURIRE GuSEZERERA IYI UWARO YABICANYI ,BAKAGAYE, NUBUSUMA,NAKARENGANYO BURUNDI BUZIRA IBITURIRE NAYANDIMABI OYEEE;->

  • We vuganeza warasaze ukwiye kujanwa ka logenti bakakuvura mumutwe kuko urasara! Mbe we uri ngaho kugira uzoje uratoranyiriza aba Cndd-fdd bakurubakuru abagore babahutukazi? Kwubaka ntaco bisabisanako nubwoko kuki umwirabura yubakana numuzungu ?canke umututsikazi ntacinyuma umutusi akarengibingo? Nkuko nabahutukazi bama babirenga cokimwe nabagabo bama barenzibigo kandi basangiye ubwoko! Wewe umenye neza yuko iyo politique yawe iboze ntanumwe azokwumviriza mbe ko nanya mu peter nyina wiwe arumututsikazi ko mumaze kumutora mandats 2 zose wari hehe ntavyo waruzi hahaha canke wihenze yuko iyo propagande haruwo mwoyihendesha sha twamaze kubahinyura mwe muri ibisuma abicanyi ntanumwe azobatora muzomaramara nizo mbonerakure izonkoho mwazihaye nizo tuzozirasisha ntimwihende yuko ubu uye muburundi harinumwe atazi kurasa tuzopima ubunga namazi mwabicanyimwe!

  • uyo n,umufirimasoni ahubwo aja no mukuzimu

  • @ Ubugaboburihabwa
    Reka kwi enerva,kandi ngire ndakwishure,ego ndi ngaha ngo ntoranirize abahutu b’aba cndd fdd bakuru bakuru abo bubakana,nongere ndabibutse ivyo twahitiyemwo,ako kazi bien sur ntako bampaye ariko ntaco reka ndavyandike,wewe kandi ntushobora kubimenyako atawuzonkurikira,ndacari muto ndazi ko bizoteba bikunda nzoba nkiriho pour le voir,burya igikuru nuko ibintu bija ahabona ntivyame mu ntamatama,kandi nagire nkubwire ko iyi atari propagande yotuma dutsinda,aka ni akagohe mvunira abo dusangiye urugamba kugira bamenye abo bashira ku butegetsi ,perezida afata ubwoko bwa se naho nyina ariwe,abatutsikazi baje mu bazungu no kuri rusiferi moi je m’en fou abahutu babigire inyuma,umuzungu ategeka wabonye atwara umwirabure ni nde?Nuwufise diplome appelé noble nka docteur n’abandi abo bose ntawutwara umwirabure canke umunyamahanga,nkuko wambajije ikibazo ngo abatutsikazi bantwaye iki,ntakubesha ntaco duhurira mw’i barabara,ariko tudakubitanira imitwe muri salon de famille,ndababonera kure ntaco bantwara!Ivyo vy’ama couples acana inyuma sivyo ndimwo,izo n’ingorane za buri muntu,aha je te parle de l’intéret d’un peuple pas de quelques couples,abo bahutu barongora abatutsikazi nimwe mwonona avenir y’abana bacu,ikindi naco womenya umugabo wanje aranshigikiye muribi vyiyumviro vyanje kuko ingwano yahitiye i burundi twarabonye ingene abatutsikazi batudandaza bongera badutwenga kandi bitwa ngo dusangiye famille!Abahutu n’abatutsi ntibari hamwe namba,ntimuri umuntu umwe,ntimusenyera ku mugozi umwe,dusangiye igihugu gusa,kandi bitebe bitebuke iyo niyo relation izosigara entre nous,gusangira no kugabura ivy’igihugu gusa!

  • @ubugaboburihabwa
    Mbega hari ico utaramenya,wibazako umuhutu w’umurundi umwise interahamwe ari iki?Ni igitutsi canke?Nico kimwe no kwita ciramunda umu sans echecs,co kimwe n’abanyarwanda bari i burundi,bari aba sans echec batwica,urihenda cane uretseko zananiwe les cons simbona ikibi cazo ntizakoze ibidakogwa muri ino si,rero nizo mbonerakure urazifata n’intoki bonne chance,kandi nimba ubu bose bazi kurasa ça sera la fin uwuzotsinda niwe azotegeka.
    Aho wivugisha ngo nta moko ahari ngo siyo azotuma dutsinda ko mwanka uwuyakoresha yahuye n’abanyagihugu?,mwebwe genda mubasigurire ivy’amahera n’ubukene natwe dukine ikarata y’amako turabe uwutsinda,ko uwuvuze ubwoko musimbira mu kirere,ayo ni amaraso y’abahutu mwanyoye ariko abasaza ,amoko ntakuyasiga inyuma nyabuna twoba turiko dukorera nabi nos enfants!

  • jewakira ningura kumbona ambanumba mbagenda ninzara mbira mbambanje canemuga mbanye imbichiro ok

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.