Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibikorwa vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU birashimwa mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibikorwa vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU birashimwa mu Burundi

Ibikorwa vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU birashimwa mu Burundi

vendredi 25 Gitugutu 2013

Ihangiro ry’umunsi wahariwe ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ishirahamwe mpuzamakungu kwumviriza abanyeshure, ari naco catumye uwo munsi uhimbarizwa muri kaminuza y’Uburundi, mu kigo kiri ku mutanga.

Kuri uyu wa 24 Gitugutu rero ibihugu bigize ishirahamwe mpuzamakungu ONU bikaba vyari baramutse bihimbariza hamwe umunsi ugira 68, uhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe iryo shirahamwe mpuzamakungu. Kuri uyo munsi hari hatumiwe ibisata vy’amashirahamwe mpuzamakungu nka BNUB, OMS, UNESCO, UNICEF, ONU Femmes n’amashirahamwe yo mu Burundi, nk’umurwi w’igihugu witaho agateka ka zina muntu CNUDH, FOCODE, hamwe n’abanyeshure biga muri kaminuza y’Uburundi.

Ku bw’umupfasoni Beatrice Nibogora ashinzwe kumenyesha amakuru mw’ ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burunndi, batoye kaminuza y’Uburundi kuko icivugo c’uyo munsi gihwanye n’ukwumviriza abanyeshure ; bo Burundi bw’ejo. Muri ivyo birori kandi, icegera c umuyobozi wa kaminuza y Uburundi, yarashimye ibikorwa vy ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ndetse aranakenguruka kubona iryo shirahamwe ryatoye kuza guhimbariza uyo munsi muri kaminuza y’Uburundi.
Abari bitavye ivyo birori rero bakaba bararonkeyeho akaryo ko kuvuga ibikorwa bisanzwe birangurwa n’ishirahamwe mpuzamakungu mu bisata vy’amagara y’ abantu , indero, agateka kazinamuntu, intwaro ibereye, n’iterambere.

Eka n’abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi barashima igikorwa c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ndetse bagasaba ko ivyo bikorwa vyofasha; bigashigikira cane ubumenyi aho muri iyo kaminuza. Twobibutsa ko ivyo birori vyariko bibera aho muri iyo kaminuza, mu gihe hari icuka kibi ku bijanye n’amatora y’abarongozi b’abanyeshure.

Ikindi ni ukwo abanyeshure bari ngaho baneguye imvugo y’icegera c’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi, aho yavuze ko abanyeshure batarongowe, ivyo Paul Banderembako akaba yabishikiririje imbere y’abategetsi batandukanye b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU . Ku bw’abo banyeshure rero bavuga ko ivyo vyerekana n’ubundi ukwisuka kw’inzego za kaminuza y’Uburundi mw’itunganywa ry’ibikorwa bibaraba; aho gushika n’ubu amatora yananiranye.

Ibirori vy’uwo munsi bikaba vyarangijwe n’ukuraba amareresi co kimwe n’ibibazo vyishurirwaho.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.