Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibikorwa vyo gusanura ibarabara Makebuko-Ruyigi bigiye gutangura
Ibikorwa vyo gusanura ibarabara Makebuko-Ruyigi bigiye gutangura
jeudi 9 Mukakaro 2015
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaruguruye ibikorwa vyo gusanura ibarabara Makebuko-Ruyigi,kuwa gatatu igenekerezo rya 8 Mukakaro 2015.Ivyo bikorwa bizomara ikringo c’amezi cumi n’abiri.
Nkuko vyamenyeshejwe n’icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Louis Kamwenubusa,ivyo bikorwa bitanguye ku gice ca mbere kingana n’ibirometero 22 ku gice c’ibarabara Makebuko-Butaganzwa.

Ivyo bikorwa bizotwara amafaranga arenga imiliyaridi zibiri z’amafaranga y’Uburundi,Reta y’Uburundi yatanze ibice 10 kw’ijana mu gihe ibanki ya Afrika ijejwe iterambere BAD yatanze ibice 90 kw’ijana vy ‘uburyo bukenewe.
Iryo barabara ryari ryakozwe mu myaka y’amagume,ivyatumye ridakurikiranwa cane.Ishirahamwe SOGEA SATOM na GETRA niyo azokora iryo barabara.
Umukuru w’igihugu yasavye abanyagihugu kuba maso bagakurikiriana ibikorwa kandi bakaribungabunga,bakerekana uwo wese yokwiba ibikoresho.
Van Naris Mugisha
Messages
9 Mukakaro 2015, 16:27, par DON
NONE GA MANA AHO BADUHARIRIRA IVOMO IBICE 90 MUMIGAMBI BIZOJA BIRAVAHE.MANA UDUFASHE.
9 Mukakaro 2015, 16:47, par nahimana
Nukuri udukuye habi IMANA IGUHEZAGIRE!
9 Mukakaro 2015, 17:19, par Butaganzwa
Papa Madiba president Pierre Nkurunziza, ndagukunda gayemweeeeee!.
9 Mukakaro 2015, 17:40, par karanezereye johny
Nibarabe ibi bikorwa ingene bihimbaye
9 Mukakaro 2015, 19:57, par Désiré
Uragahezagirwa N’imana
9 Mukakaro 2015, 19:58, par RUKUNDO
AHO NAHO UTABAHENDSHEJE 1KG DE RIZ.UKWO NUKURESH ABANYWANY,TURAJUMENYREY.IYO MWIJURU IRUTA IYO HEJURU.
10 Mukakaro 2015, 02:45, par @Cyprien%
naho ariko arakora ivyo, narabe natwebwe abino mumisozi turakeneye utubarabara . nimuri komine gisuru umutumba butarangira.
10 Mukakaro 2015, 07:37, par nahimana
ESE NYAKWUBAHWA NTIWODUHA NAGAKAMINUZA?
10 Mukakaro 2015, 14:30, par NGENDA
IMANA IBAFASHE MUTAMA NTAKINDI BABANKIRA ATARI IBIKORWA VY’ITERAMBERE MURANGURIRA ABENEGIHUGU.MUGIHE ABANDI UMENGO BATUNZWE N’AMAJAMBO AHUKUGWIZA IBIKORWA KUGIRA IGIHUGU GITERIMBERE. DUKENEYE INDONGOZI Z’IMIGAMBI MYIZA YITERAMBERE TUREKE KWAMA TUZERINZE .NTITUZOKWEMERA ABANTU BEREKANA KO UMENGO HAGUSOHORA AMABOKO DUKORE TWOGUMA DUFYUYE AMASO KUMAKUNGU TUKANASABIRA IBIHANO IGIHUGU CACU KUBERA INYUNGU TUBAZEYEKO TUKIBAGIRA KOBUCA BUGACANAYANDI.DUKURE AMABOKO MUMPUZU DUKORE TWOYE KWAMATUZERINZE.
11 Mukakaro 2015, 10:21, par NDAYISHIMIYEROJERI
TURAMUMUSHIMIYEPETERONKURUNZAKWIVYOBIKOGWA,ARIKOARADUKORANASABAYIBUKEIBARABARARYACANKUZORIMANUKAMUCENDAJURURIMEZENABI.AZOBAKOZE.YARIROJERI
11 Mukakaro 2015, 13:48, par npongo
Nkurunziza Imana yamuhaye igihugu Ikwiye kubahwa murivyose.
11 Mukakaro 2015, 19:39, par JE
Ok
12 Mukakaro 2015, 11:00, par olivier
ushatse tuguhe amajwi ganyaguhabwa impimba.rireke kurikora.mbega rizocamwonde kurikinwamaraso’
24 Mukakaro 2015, 13:44, par MONTAGNE FORT
TURASHIMYE UKUNTU UMUKURU WIGIHUGU AGOMBA ADUSANURIRE IBARABARA MAKEBUKO-RUYIGINA GIHAMAGARA-BUHORO ARAGAHORA KUNGOMA.