IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibiro vy’umukuru w’igihugu birabeshuza amakuru y’itangwa ry’ibirwanisho

Ibiro vy’umukuru w’igihugu birabeshuza amakuru y’itangwa ry’ibirwanisho

jeudi 9 Ndamukiza 2015

Ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi, birabeshuza amakuru amaze iminsi avuga ko hari abirwanisho biriko biratangwa mu gihugu.

Nk’uko tubisanga ku rubuga ngurukana bumenyi rw’ibiro vy’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, handitseko abariko barakwiragiza ibihuha ko mu Burundi bicika, bategerezwa kumenya ko amahoro n’umwitwarariko w’abarundi bitegerezwa gutsinda kandi imikenyuro ya poritike ya kera iriko irakoreshwa. Reta y’Uburundi rero ibicishije ku nzego zemewe n’amategeko, ikaba yariyemeje gutsimbataza amahoro n’umutekano mu gihugu, yaba imbere y’amatora, mu matora n’inyuma y’amatora yo muri uyu mwaka w’2015.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu bikaba bihumurije mu gihe imwe mu miryango imaze guta igahunga, ivuga ko itinya kwicwa n’Imbonerakure za CNDD FDD, aho imwe muri iyo miryango yemeza ko urwo rwaruka ruhurikiye mu mugambwe uri ku butegetsi rubatera ubwoba mu gukoresha amajambo nko gupingura ibipinga n’ibindi, eka kandi bamwe muri abo bahunze bakaba banavuga imwe mu mitumba yigirwako inkoho n’urwo rwaruka ruhurikiye muri CNDD FDD.

Tukabamenyesha ko muri ayo makuru nyene y’ivyo bivugwa ku Mbonerakure z’umugambwe CNDD FDD, n’ivyo vyitangwa ry’ibirwanisho mu ntara zitandukanye z’igihugu, vyatumye bamwe mu bamenyeshamakuru batumwako mu butungane, aha tukavuga nka Yvette Murekasabe umuyobozi wa RPA Ngozi yitwariwe n’uwutwara urwaruka rw’Imbonerakure mu ntara ya Ngozi, na Serges Sindayigaya umumenyeshamakuru wa Bonesha FM mu ntara z’Ubumanuko, aho nawe yabajijwe ku bijanye n’inkuru yahaye urunani rw’amaradiyo kuri uyu wa 8 Ndamukiza uwu mwaka, ajanye n’itangwa ry’ibirwanisho mu ntara ya Makamba.

JPEG - 25.2 ko
Yvette Murekasabe umuyobozi wa RPA Ngozi
JPEG - 29 ko
Serges Sindayigaya umumenyeshamakuru wa Bonesha FM mu ntara z’Ubumanuko

Aristide Nizigire

Messages

  • ahubwo,biteyamakenga.ntamuntuashoboraguhunga atakimwirukanye dufatiyekuvyumukuru w’umugambwe wa CDD.FDD.ngo abaterekwaikiringoca3 c’umukuruwigihugu nkomwishamba baca babica vyumvikana komwakomej uwomugambi ubishe nibindi muzobivuga ahubwo mubona vyabananiye tumako mvamakungu bafashegukura ivyobirwanisho amabombo30 yatowe mugakungwe mushakakuvugako arubutare bwahabonets tumako ababucukura nabanyagakungwe bohabonerakaahubwo,biteyamakenga.ntamuntuashoboraguhunga atakimwirukanye dufatiyekuvyumukuru w’umugambwe wa CDD.FDD.ngo abaterekwaikiringoca3 c’umukuruwigihugu nkomwishamba baca babica vyumvikana komwakomej uwomugambi ubishe nibindi muzobivuga ahubwo mubona vyabananiye tumako mvamakungu bafashegukura ivyobirwanisho amabombo30 yatowe mugakungwe mushakakuvugako arubutare bwahabonets tumako ababucukura nabanyagakungwe bohabonerakarusho

  • nta mwonga utagira isato barimo barabyiyemerera ubwo ese ibyo birwanisho bizitsa bande ? si abarundi?

  • ntimugira nisoni ryo kuvuga twarabahinyuye.

  • Mwa bahutu mwe tangura muze murakanura kandi mugumize ku muzirikanyi ihonyabwoko ryakorewe abahutu,aho mvuka abahutu bagiye bicwa ngo bafise imipanga mu mazu ari ukubabeshera,ubu ni inkoho zigezweho,icobatangaza ico gihe abatutsi nibo bari bafise inkoho mu mazu bazigendeza ahabona bagiye kutubagira abacu aho baba babakoranirije,nubu rero nobamenyesha ko arivyo bashaka imana irakinga gato ntibigenda uko babishaka,muzompinyuze ibigwanisho muzobisanga mu mazu yaba MSD n’abo bantu ba société civile uretse ci karavera baragihenda,abo ba vitali bari aba sans echecs,ba pacifique bamaze abanyeshuli,abo nibo babifise be n’abandi batutsi,mbe inkoho zari mu batutsi bo mu kinindo muri za 98 barazibatse?Mwa bahutu kenyera mwirarire bariko baradusamaza,murazi ko twamye twigwanira amakungu ataco adufasha ,n’ubu mutegerezwa kwigwanako,abo bahutu mukirota ngo mufise abagenzi b’abatutsi ndabarahiye ntimuzotangare musanze ari mwebwe mufise ivyo bigwanisho mu mazu mutazi ingene vyahashitse,ni akazi kanyu mutagavye,abo ba journalistes nabo raba imitwe yabo n’imyungu ya rwa ruyuzi nta kintu gishobora kubava mu kanwa kivuga neza umuhutu!

  • Birababaje kubona umuntu afata akanya yipfuza guryanisha bene burundi. Yaba umuhutu, umututsi canke umutwa eka ndetse n uwatse indaro mu gihugu cacu abwirizwa gukiBAKOKEZA RERO BAVYOROHEngirwa, akishira akizana mu biwe no mu vyiwe.
    Bikaba ari vyo izo mbonerakure ziriko zirahabwa ibigwanisho vyo kwica bene wabo ntibagire ngo hari akunguko bazoronka, mu minsi mikeyi bazotangura kwicuza ababibatumye bahunze canke bapfunzwe canke na bo bahitanywe n iyo ntambara.
    Ngahanura umuntu aziga inyungu mu ntambara ko yobiheba kuko izana amarira mu miryango no mu gihugu.
    Musubize inkota mu rwubati mwiyumvire imirimo mwokora iyo nzira ntishika, bamwe biyumvira ngo barafise inguvu ariko ni igihe giyoyi gusa uzosanga zaheze kuko buraca bugacana ayandi.

  • Mbe wa muhimbiri we wiyita vuganeza aho uvuga ibisunitswe n’umuyaga urya yafatanywe ama bombe 30 wasanze ari umuki ? urya wo muri cndd-fdd ko yaraye yivugiye ko kare ata birebire barinda kugira baca bica ubwo nyene urya none womenya ari umuki ? wewe rero wiyita vuganeza uragapfa utiyise vuganeza ahubwo uri vuganabi ! urabona ingene umutima wawe wuzuyemwo ibintu Bibi gusa ! ukamengo ntuzoja mu kuzimu iyo abandi baja ! IMANA IZOBIKUBAZE KANDI URAZI NEZA KO YAMAZE KUBASHIRAKO IKIMENYETSO NKA GAHINI, aho muzoba muri hooooose bazobone ico kimenyetso mwashizweko n’Imana nka GAHIN ko muri ABICANYI !

  • abo bamenyeshamakuru ubona atari abatutsi gusa,twarabahinyuye sha. ntakiza kigera kiva ku mututsi

  • We vuganeza urasubiriye kuvuga nk,inanga ishaje? Abo batutsi wanka we wibaza ko uzobamara? Ubwanwa buri kumunwa wawe bwovuga ikibiriti urakavuga indiga

  • birakwiye ko mu Burundi amoko akurwaho nubwo bavuga ngo ntaco bitwaye kuko commentaire bonye hano bigaragaza ko abantu bagifise divisionisme muri bo.umutware mwiza azotwara uburundi azokureho amoko kuko nta kamaro ni uguteza amatati mu bantu ubu mu gihe cya none ntabwo ikiraje ishinga ari amoko ahubwo ni ugutera imbere.murakoze

  • @rupande et ndimaso parfaite
    Murakicako ntimumpitane mwa bagesera mwe,ivyo mvuga ni vyo mwa bicanyi mwe,arya ma bombes ni mwe mwayinjije munzu yiwe turabazi,abasaka bahamenyeshejwe n’iki,ntimuzosubira kutumarira mu ma fosses communes nka kera mwa biryabantu mwe,abo bahutu nabo nyene bariko badukorera nabi babura guhera gusaka mu batutsi arimwe mufise ibigwanisho kuva igisirikare gitangura mu burundi,ça peut t’étonner rupande ntabo nshaka kwica no kumara kuko ntawumara ubwoko namwe ntimwatumaze mwadusohorerako vya muzinga,za napalmes,n’ibindi vya ruhonyanganda mwimbuye imyaka 40 ariko ntitwaheze,muriko murisaza ngo ihonyabwoko,ntimuze murishima burya imana ihora ihoze vyoshika mukarikoregwa n’abandi atari abahutu ,muva amaraso ntimuva diamants,ntimuze muradutamba ku muvyimba twebwe mwamariye abacu tugifise ibikomere bitazopfa bikize!!!

  • Mana yange Abarundi miracari muribyo? muve ikuzimu muje ibuntu, mureke amatati mutumbere iterambere ry’ igihugu canyu. Amoko ntaco azobashitsako

  • ukabona abakinyi ba politike batanguye kuzana ivy’amoko,amadini,intara,ibitsina... ico n’ikimenyetso co gutwaza umukazo kuko atanyungu bashakira igihugu n’abeneco bagerageza kwikundwakaza kubobagira ngo harico bahuzako naho ari uguhuma amaso.abantu rero ben’abo uzosanga intwaro zabo zirangwa n’ubwicanyi guhonyanga agateka kazina muntu,ububeshi,ubusuma...

  • Sha ninkayo maradiyo yivyaduka burya nka Yvette ntabona ko bamuhenze?jewe ndemeza ko atabirwanisho biriko biratangwa kuko ntawe ndabona babihaye ahubwo jewe ico nibaza kubwivyo abo bagabo bari mumashirahamwe yigenga hamwe nabo mumaradiyo amwamwe nibo boba bariko barabitanga kugira bambikibara imbonerakure nko mugihe boterakajagari bace bavuga ngo n’imbonerakure ,mba mwibuka neza muribuka dosiye ya kiriba none ntimwabonye ukuntu baza mu cibitoke ?ingabo zigihugu zikabavugutira umuziranyenzi babandi nyene bari mwayamaradiyo na yamashirahamwe bagatangura kuvuza urwamo kubera harimwo abana babo,bene wabo.... .

  • NTABIGWANISHO NGAHO!!!!!!Mwe!

  • IVYOBIRWANISHO NDABIBESHUZA GUKOJEWENTAVYONDABONA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.