Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibisigarira vy’Umwami Mwambutsa vyoba bigiye gutahanwa
Ibisigarira vy’Umwami Mwambutsa vyoba bigiye gutahanwa
vendredi 13 Ntwarante 2015
Ibisigarira vy’Umwami Mwambutsa vyoba bigiye guhamburugwa kugira bitahukanwe mu Burundi, aho bazomufubana iteka.
Inyuma y’aho abategetsi b’Uburundi basabiye igihugu c’ubu Suisse kugira kibahe uruhusha rwo guhamburura ibisigarira vy’Umwami Mwabutsa yafubwe muri ico gihugu, umwe mu bishwa bw’umwami Mwambutsa, Esther Kamatari, we akaba yari yavyiyamirije, ndetse aranitwara mu butungane. Ku bw’uwo mwishwa, mw’iragi ry’uwo mwami, yari yarasavye ko yohambwa mu gihugu c’ubu Suisse aho yarasanzwe aba.
Imbere y’ubutungane bwo mu gihugu c’ubu Suisse, kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 11 Ntwarante 2015, umukobwa w’umwami Mwambutsa Rosa Paula Irigabiza na Collette Berete Uwimana, babandanije basaba ko ibisigarira vy’umuvyeyi wabo vyotahukanwa i Burundi, ku bwabo umwami n’uw’Uburundi ntakwiye kuguma ahambwe mu gihugu kindi.
Inyumya y’imyaka ibiri ibisigarira vy’Umwami Mwambutsa bihamburuwe, ubutungane bwo mu gihugu c’ubu Suisse bukaba bwamenyesheje ko bugiye kwifatira mu minwe ico kibazo co gutahukana ivyo bisigarira, ko vuba bagiye gusohora ingigo kuko ico kibazo kiriko kiracanishamwo uwo muryango.
Alida Sabiteka
Messages
14 Ntwarante 2015, 06:02, par Nuwera
Birababaje kubona hariho abantu bavugako bakunda uburundi bakavugako mukuvyerekana kobabukundakuruta abandi kwarukujamwibarabara kwiruka bakaba batarigera bajamwibarabara kubwoguharanira ko umubiri wuwari umwami wuburundi usubizwa mugihugu ciwe camavukiro, kandi yabere umwami waco, ekanubwo twamushavuje akavugako apfuye adakwiye kuzofubwa Burundi icocarikiyumvirociwe mugabo natwe yaribereye umwami wigihugu cacu kandi yaru Mwami kubwinezayacu abarundi dutegerezwa kumugirako uburenganzira nacanecane kumufubana icubahiro ntangere tutabikoze nimivumo gusa kuritwebwe abarundi twese. Bimwe murabibona kodusigaye tubonako iterambere rizozanwa mugihugu cacu nokwirirwa turiruka mwibarabara nukwonyene imifumo atangura gufata abantu.
14 Ntwarante 2015, 13:56, par ndiko jonas
wewe wiyita nuwera ivyo uvuga nibiki kandi mwaram,womoye hiiiiiii murondera iki ? murondera amahera urazi ko muyakunda nokugurisha abana nabagore banyu muzohava mubigira.
14 Ntwarante 2015, 21:43, par Nuwera
@ Jonas, guhagaciro uwari umwami wigihugu canje bitumwe ndonka amahera jewenumva ntakosha ririmwo, nakare munyandiko yambere nanditse nababwiyeko kugumiza umubiri wuwari umwami wigihugu cacu numuvumo kuritwebwetwese abatundi muruwomuvumonyene harimwo nubukene ubukenenabwo harimwo nokubura ayomahera, urakozekunshigikira ko kuzana gufubana agateka umubiri wuwari umwami wigihugu cacu ko vyoduha amahera, urumvako yamivumo nakubwira koyobituvuyeko mugihe nawewe ubivuzeko komuzana tukamufuba mugihugu ciwe camavukiro yabereye umwami vyotuma turonka amahera imivumo yubukene ikatuvako.
6 Mukakaro 2015, 06:29, par Jack Ntahiraja
Niyumvirako Bomuzana agahambwa mu gihugu c’amavukiro
11 Gitugutu 2016, 14:46, par si-key
Nuko-yojamugihugu-camavuko