IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibiziga bibiri vyahora mu ruzi Mubarazi vyakuweyo

Ibiziga bibiri vyahora mu ruzi Mubarazi vyakuweyo

jeudi 11 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abaporisi bo mu gisata kijejwe gukinga impanuka bakuye mu ruzi Mubarazi ibiziga bibiri vy’abantu bataramenyekana bari batawe muri urwo ruzi. Ivyo biziga vyatwawe mu buruhukiro bw’ibitaro vya Muramvya, mu kurindira ko ababijejwe batangura ibikorwa vy’ukurondera imyidondoro yabo (identification)

Ico gikorwa c’ugukura ivyo biziga mu ruzi Mubarazi cakozwe kuri uwu wa kane, imbere y’abaserukiye umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, hamwe n’abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru IWACU bariko barondeza mugenzi wabo akwije indwi zitatu yaraburiwe irengero.

Kimwe muri ivyo biziga vyakuwe mu mazi nticagira umutwe, bikaboneka ko imbere y’uko uwo muntu atabwa mu ruzi yabanje gucibwa umutwe.

Ikiziga ca mbere cari mu ruzi Mubarazi cabonwe n’abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru IWACU bariko barondeza mugenzi wabo yazimanganiye i Bugarama. Basubiriye mu kibanza catowemwo ico kiziga, bari kumwe n’abo mu giporisi hamwe n’umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, babonye ikindi kiziga kigira kabiri, naco nyene kireremba mu ruzi Mubarazi.


IGIHE

Messages

  • nibabikureyo ingwara ntizifate abanyagihugu hama bapime neza

  • Iciza mbonyemwo nukobabikuye mumazi akuzegufasha abasigaye nayo agapfuye kabazwa ivu nobandondagurira abomumuryango wanje nincutinabagenzi bamaze kwicwa ukobangana mwokwubirwa. Rekanigoreze imiryango yabanyarwanda yabuze.

  • Mbega izirakarengane imana ibakire mubwami bwayo naho Nkurumbi Na Bunyoni Na Nyamitwe umusi Wabo urahari mbega Nkurumbi ikimunezera nizina president mandat yiwe igomba guhera acinyegeze muri province inama zose bakuru bibihungu bakora tanyeguruka NGO azijimo sha zabakureba iherezo ryawe iherezo rya satani nu muriro

  • KWERI IMANA IDUFASHE IHINDURE AMATEKA YIGIHUGU CACU.

  • IMANA IRAKUNDA ABARUNDI IBIZA BIBA VYOSE HASIGAYE IGIHE GITO BIKAGARAGARA KANDI BAZOBIBAZWA DUPFIK?MANA NUTWIBUKE

  • Imana ibabarire ababikora kuko nabo sibo ni satani abaganjemwo.

  • Barundi bashingantahe ibi ni akamaramaza bifise ibyabiteye, umunsi umwe bizohera, burya aba bazize iki ubikora wewe azogumaho igihe cose azobibazwa ni abandanye mugabo.

  • mana data watwese uri mwijuru izina ryawe ryubahwe ibyo usha byose ko biba bibe mbere yabyo ndagushimye uburyo wandinze wandinze abagizi banabi bamvutsa ubuzima wampaye icyubahiro nicyawe none mana imbabazi kubicumuro byanjye byose none rero mana ndakweretse abana bawe bishwe urwagashinyaguro warabibonye uri mwijuru ndetse nabo warababonye abo babishe mwami wanjye ndazi uzaca urubanza rubereye gusa ubahe uruhuko ridashira gusa birateye agahinda kubona umuntu yicwa rubozo menga wafatikanyije nabo kubarema imbabazi zawe zibabeho urakoze ko wummvishe gusenga kwanjye Amen

  • Mwabanyagihugumwe Reka Nkurumbi Abate Munzuzi Nimwe Ahenda Ngo Na Mahoro Namwe Ngwime Ubitse Ikara Mumpuzu Ibikurikira Uravyumva Nyabu ONU ninyarukane othani nayahandiho imana yimwumba iratumara,

  • Kagame yaraduhenze ngotugitagure benewacu abarundi ngovyovyobizomufasha kwaga igihugu Nkuru naba DD none tubuzevyose nkingata imenye. Ntakundi .

  • Ehe sha ibikorwa biraje ishinga DD ivyo nivyo yazaniye abarundi! mbe Pascal Nyabenda na Nzobonariba ko ntaco baravuga?n’ubu ni U Rwanda?hhhahah

  • None Mubarazi nayo iri hafi n’u Rwanda?hama ngo Rweru ibi n’ibi,ntimubona ko uwubica akabata mumazi ari DD niyo imaze abantu ntawundi

  • turahojeje.imirya.yabo.nayo.uwo.yiyita.bosi.ntabwenge.afise.yashatse.kuvuga.ko.perezida.arisatani?..wewe.numweranda.?umucamanza.niyesu.

  • Abarundi mube abagabo rwose mureke kuba abaswa.
    Kuvuga umuyobozi wi ikindi gihugu ngo niwe wabateje
    kwicana. Ufite ubwenge yumva ko mudashoboye kwiyobora.
    Ahubwo rero mureke kwicana rwose kuko sinzi ibyo ziga2 mwakuye
    mu ruzi mwafashe uwabyinshe ? Niba yafashwe se mwasanze uwo
    mubeshyera yageze iburundi? Icyaha cya abarundi se cyabazwa
    Urwanda? Urwanda ruramutse rwabazwa ibyo nta buyobozi mwaba
    mufite. Niba mubufite se bwo bwa zabazwa iki se? Kujya mu nsengero
    gusa? Igirikare igipolice abashizwe iperereza ry’igihugu byazabazwa iki?
    Na amayobera kubarundi. Izo nzengo zaba zikora? Niba zikora yaba ari ikibazo
    zifite yaba ari Baringa mufite

  • Jewe kabisa ndumu DD ariko haheze indwi ndayihevye kuko sinoguma ndikumwe nabicanyi kabisa nagombasabe benewacu basigayeyo bumvakamo ndabateye nimuhebe mute muve murakokajagari kumugambwe ngoni DD kuko uyumunsi ni opposition ejo abatari muri opposition bazoshikigwa, igihugu cu brndi nigito kandi tuvugururimi rumwe ndibazako hamwe twidondoranye twosanga bamwe bariko barihekura kandi abobatuma kwica babe babibatuma mufise itike mumufuko ryokubahungana kuko ndikondaraba birafise ahobizoherera

  • @ Nyamivumbi, narikugushavurira iyoyaba utarimusi y’Ijuru, kuko ahobukerara ibivyaribimaze imisi mu Burundi bizoshikira abo uriko uravuga ngoturabarenganya kandi icohihe nicagera niryozina wakoresheje mukwandika uzocurihindura.

  • NONE AMATOHOZA AGEZEHE KUBIJANYE NURUPFU RWABO BANTU

  • NONE UWOMUMENYESHAMAKURU BAMUHORAIKI?

  • Mamaw ivyi Burundi biragoye kweli mugabo tuguma dusaba Imana idufashe muri vyose kandi turizera ko izobikora.

  • PORE;IMANA IBAKIRE;IREMESHE BENE BO N’ABAGENZI BA BO

  • Yo"o Emwe Ighugu Cuburundi Nidukovye Gusenga Nayo Ahndi Ho Vyoyangara Arko Imana Niyo Nkuru

  • Yo"o Emwe Ighugu Cuburundi Nidukovye Gusenga Nayo Ahndi Ho Vyoyangara Arko Imana Niyo Nkuru

  • Mpore Imana Ibakir Neza Mbega Ubwicanyi Buzohera Ryri

  • MPOJEJE UMURYANGO WABUZE ABO BATANKA.IMANA IBAKIRE .

  • Turahojeje,imiryango yabuze.abagabo ngabo barabamaze,eri iri ni ihonyabwoko.ko batumariye abagabo bacu,tuzoyabirwa nabande?uburero nibwo bugabo buriko burahayagizwa.erega mwe mubigira harico mutazi,so ariwe satani arabahenda,ndazi ntazobatabara.ntimuzosubire kuza gutukimana ngo mugiye gusenga,nasoni,muza gusenga iki gende gusega satani,vyanditsehe aho uwanka mwene data yoza gupfukamira imana?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.