IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ICG isaba abegwa n’ikibazo c’Uburundi gusubira mu biganiro

ICG isaba abegwa n’ikibazo c’Uburundi gusubira mu biganiro

mercredi 5 Myandagaro 2015

International Crisis Group imenyesha ko ibihe Uburundi burimwo vyerekana ko ari igihe c’intango y’intambara.

Thierry Vircoulon ajejwe akarere ka Afrika yo hagati muri International Crisi Groupe yavuze kuwa kabiri igenekerezo rya 4 Myandagaro,ko amabi akorwa yahinduye ishusho, aho yavuye mu myiyerekano mw’ibarabara,ubu ikaba ishitse mu bwicanyi bw’abategetsi bakomeye mu gihugu.

Thierry Vircoulon yavuze ko ivyashikiye Petero Karaveri Mbonimpa arongoye APRODH ari ingaruka z’urupfu rwa Lt Gen Adolphe Nshimirimana rwabaye mu gatondo ko kuw’Imana igenekerezo rya 2 Myandagaro.Avuga ko bishobora gutuma igihugu gisubira mu ntambara.

International Crisis Groupe ihamagarira abegwa n’ikibazo c’Uburundi bose gusubira mu biganiro,igahamagarira amakungu kugira ico bakoze mu maguru masha mu ntumbero yo gutorera inyishu ikibazo c’Uburundi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • AMAKUNGU ADAHAGURUTSE NGO ARABE ICO AKORA KU BURUNDI NTAZE AVUGE NGO NTIYABONA KO BISHOBORA KUYANGARA . KANDI BURYA NTA KINDI ATARI MANDAT YA GATATU YA NKURUNZIZA .

  • Tabara Tabara Mana Uburundi

  • Abarundi ni mu rindira amakungu ngo arabafasha mukibazo canyu muragowe abanyarwanda banshize ayo makungu andahari arebera ikibazo mufite abanye politique banyu ntibakunda igihugu bironderera imyanya muri Leta,bakibagira abanyagihugu mbega Rwasa wabariye abaFNL ngo bihe amabarabara ngo ntiyemera I kiringo ca gatatu ubu akaba uwambere kwijira muri Leta akibagira abenegihugu igipolice ca gandaguye,

  • LOLILO nivyukuri wewe ntiwibeshe igikenewe nuko prezida yogifata nkankama niba akunda uburundi nabarundi narabe icakora kuko niwe afise urufunguzo gwavyose, naho amakungu atoza niwe wenyene avyugaye nimpu zohagara murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.