Accueil > Amakuru > u Burundi > Igihugu c’Ubudagi cahagaritse infashanyo cahora giha Uburundi
Igihugu c’Ubudagi cahagaritse infashanyo cahora giha Uburundi
jeudi 3 Nyakanga 2015
Igihugu c’Ubudagi kibicishije ku buserukizi bwaco mu Burundi,kimenyesha ko cahagaritse imfashanyo cahora giha igihugu c’ Uburundi, kizicishije mu migambi yashigikirwa n’ibisata GIZ,Krw na BGR.
Mu rwandiko rwarungitswe n’ubuserukizi bw’igihugu c’Ubudagi mu Burundi,igihugu c’Ubudagi kimenyesha ko Uburundi butakurikije ivyo bwari bwiyemeje mu biganiro vyabuhuje n’ababufasha mu kwezi kwa Gitugutu 2012,busubira kuvyemeza mu kwezi kwa Kigarama 2014,mu nama zabereye i Bujumbura.
Muri urwo rwandiko ,igihugu c’Ubudagi kimenyesha ko Uburundi butakurikije ingingo zokwubahiriza agateka ka zina muntu, ingingo zigenga intwaro rusangi,Reta ishingiye ku mategeko n’intwaro ibereye.
Igihugu c’Ubudagi kimenyesha ko cisunze ivyo Uburundi bwari bwiyemeje,kigaca gifatira aho ibintu bigeze,gihagaritse infashanyo cahora gishikiriza igihugu c’Uburundi.
Mwomenya ko hari ibindi bihugu vyo ku mugabane wa Buraya vyamaze gufata ingingo yo gihagarika zimwe mu nfashanyo vyahora biha Uburundi.Aha harimwo igihugu c’Ububirigi n’igihugu c’Ubuholande.
Van Naris Mugisha
Messages
3 Nyakanga 2015, 15:21, par RUZOBAVAKO Marc
Ivyo bihugu nta gitangaje kirimwo kuko nibo bahereza imfanshanyo abari bateguye cout d’etat nababandi batera ama grenade abanyagihugu ataco bazira na ba police barihenda abarundi tuzobaho nivyo twirimira.
3 Nyakanga 2015, 15:27, par kibwa2
Nimugende!? Iyoba mwazigumana mugatanga na amahoro!! Ubundi bui munsi muhagarika imfashanyo!?!?
3 Nyakanga 2015, 15:41, par ndkn
abose ntibakunda abarundi kuko abene gihugu nibo bahasinzikarira niba bafashe ibihano reta yuburundi nifate nayo ingingo yirukane abambasaderi bivyo bihugu kuko ntaco bariko batumarira abiwacu nabo baze turonderere ahandi m
3 Nyakanga 2015, 15:45, par None?
Basha uwutwe utwiwe muzitege mubinye tubagavyeho i bitero ngonuko mwaretse kwunga ubumwe nu Burundi ahomuzoshakiramuzoza dufashanye kuko ntimuri province itwarwa muburundi kandi nuburundi si province itwarwa mu Budage mwitumvemwo amahoro ikibinukomwarikuvugako muhagarutse imvura ngontizosubire kurwa Burundi nayokuvyogufasha harihabandi baciye babasubirira bishakira gufashanya nu Burundi.
3 Nyakanga 2015, 15:49, par Cikinorisi
Mbega Uburundi Bugiye Kuba Ubwande? Ntaco Hagowe Twebwe Batobato Ariko Imana Iratubon Ntiyanduhevye
3 Nyakanga 2015, 15:56, par Schwazenegger
Erega nayomashirahamwe ya GIZ,KRW,BGR arahomvye none ntiyagavura kwiyomfashanyo yacakuriyo kugirushikire Burundi? Eregahariho nibindi agiyeguhomba bigiye kuzocabihabwa abemeye gukorana nu Burundi.
3 Nyakanga 2015, 15:57, par Eggy
NA KARE HAKORAMWO UBWOKO BUMWE MURI AYO MASHIRAHAMWE.
3 Nyakanga 2015, 16:07, par K
Nimugende ikibinuko mwodusaba kubasubiza ivyomwarimumaze gushira mu Burundi.
3 Nyakanga 2015, 16:41, par Buntu
Birababaje Cane Kubon Igihugu Kirwa Mu Kaga Kand Uburundi Bwari Bufis Incabwenge.Harageze Ko Abarundi Tuba Maso,Tureke Kumaranir Ivy Isi Kuko Tuzobisiga;Tureke Kwicana Kuko Twese Dusanzwe Tur Aba Candidats B Urupfu.Rero Tukiriho Muze Dukor Ivyiza Kugira Nidushik Imbere Y Imana Ntituzomaramare.A Bon Entendeur Salut!
3 Nyakanga 2015, 16:42, par kivuna
arikoturagowe none tubaye abande bucakabirinaho duhungubukene.
3 Nyakanga 2015, 17:25, par eric
nibajane ariko batange amahoro,abandi bazazitanga canke bose bareke ico tunyotewe namahoro.
3 Nyakanga 2015, 17:32, par Justice kuribose
Pole sana nkurunziza naho wikukiy bigiye kukugora.
3 Nyakanga 2015, 17:37, par rutumo jean
nibagende nakare baha akazi abatutsi gusa
3 Nyakanga 2015, 17:58, par laziz
Uwo mu ambassadeur nace ataha iwabo kuko nukuntu twogumana umuntu atatwifuriza neza ni mumuhe 24 heures kuko sumukunzi wuburundi na tuvireho kuko uburundi ntibugizwe na bantu cumi na batanu kwija ivyo bisiguro ko hari icifuzo bafise muguhindura ubutegetsi kunguvu,nu bagende Imana izo tuzigama kuko niyonkuru kuruta ibindi
3 Nyakanga 2015, 18:19, par Jogingi Marahwe
Hehehe Abarundi Tuzotungwa Na Bik Vyiza.
3 Nyakanga 2015, 18:33, par Barumwete
Birababaje kubona ko Petero nkurunziza yahemukiye uBurundi nabarundi akaba ahisemwo kwica abantu n’inkoho abandi bakazokwicwa n’ubukene. Ya Mana yirigwa aratubwira nibazeko itapfuye igihangamye
3 Nyakanga 2015, 18:42, par dieudone
ahubwo mwari mwatevye mwamisega mwe amwratanze imfashanyo kuri buyoya amkuba abarundi twabonye numwana ntazoyibagira twebwe ntamfashanyo yanyu dukeneye muzoyihereze mbonimpa numuryango wiwe.
3 Nyakanga 2015, 18:45, par Jedi
Hari abarundi hano mu Buraya turijumwe women go ubwengebwose bwarabavuyemwo, ugiraguti bumva hariguhugu kivuzeko kiguye gufatura ibihano abarundi benewabo bakacabakora imisimijuru! Bagira baracumvako harumurundi yiciwe muburundi bakaca batambabishima!.
3 Nyakanga 2015, 19:18, par Falcon
Aho muvuga amajambo menshi ngo muriko mutuka abazungu,genda musome biblia umuzungu yarahezagiwe,shigikira nkurumbi muzopfa mwambara ibiraka kunyo hinge turindire gato ubu isukari izogurwa numugabo.
3 Nyakanga 2015, 19:48, par Eric
Ndabona hari jiji zandika ngo bagende
mbega ico gipolice cica abenegihugu kizahebwa na Nkurunziza cnk igisirikare cnk abarimu bamashuri tutibagiye ibitaro harageze ko abarundi muca ubwege mureke kubeshwa na kangwi gato abo nyene bapfukamye igihugu munda abana babo bazabandanya kwigira mu mahanga Hama twebwe dupfe batuziza imisoro, amahera igihugu Cari gituze ya yihariye Rwasa na Gaston imbonerakure ngo nzi mushigikire mandat ya gatatu ubu naho Sri Gonzi gushimira satani amaraso ya benefitingu amaze iminsi ameneka.ndasaba abenegihungu gufatana munda mukukuraho ikonzi zamaraso na kangwi kabajura
3 Nyakanga 2015, 20:41, par barancira
ibi ni SEZIBERA canke ni KAGAME??? uwubizi ansubize kandi bibaye vyiza honsubiza umu cndd fdd
3 Nyakanga 2015, 20:42, par DURHAM
uwutakurusha gusenga ntakagukange! rekatujekumavi dusenge murabingene IMANA iduhezagira. nahabantubose boguheba IMANA ikakwikundira ntacobitwaye.
3 Nyakanga 2015, 20:57, par Gaston
Mpore Burundi Bwa NGozi.Ko Hama Habera AMasengesho Menshi Yo Gushimir,imana NGira Hazovayo AKabizi Kinfashanyo Kaza Gusubirira Iyo Ya Badagi?Nanon Bar Baratevy.Muvyerwa Niho Vyabinyakuzmu Vyamwerets Ko AZornka IVyafashisha Igihugu.ESe Inesco Nayo Yotanga Imihoho Noraba Ko Adaca Yimesa?
3 Nyakanga 2015, 21:55, par Indonda
Uko ni ukwihenda, bahagarika imfashanyo bareka ntakibuza ko uburundi buguma ari uburundi mugihe abanyagihugu tubafashe mumugongo. "ntabutunzi kuruta umunyagihugu"
4 Nyakanga 2015, 06:54, par bazibaza burundi
Akazima Ubushinwa Bwatwemereye Kudukorera Amafranga. Hama Akemegwa.Hama Murazi Nki Mpuzu Ibirato Ama Cetiro Nibindi Vyishi Bikoregwayo Bazoza Baraturungikira Twiyambarira.Baduhe Nama Franga Duhembe Abakozi. Imfashanyo Zabo Nabandi Basigaye Nibashake Bagumye! Uburundi Dufise Imana.
4 Nyakanga 2015, 07:40, par fidelite
@eric
Ivyo usaba ntibishoboka,ntidushobora kuja hamwe twese ngo dukure abategetsi bacu,vyifashe wewe wenyene,ivyo navyo udusigurira ntaco bikurabako wa nyenzi we,wugare.
5 Nyakanga 2015, 20:57, par GEOFFREE
ARI JEW MFATIWIBIHANO N’ABAGENZI NOCA NIHA UBUKI
6 Nyakanga 2015, 13:44, par fidelité ishatse de voa afrique
akimuhana kaza imvurihise.ubu isi iragabuye,uburaya bwashaka nibugende bwose maze twikorere duterimbere.turaziko bashigikiye abatutsi babi.tuzokwibako.ivyo vyose ni kagame na sezibura wiwe.hakubimbwa wobimva.
19 Nyakanga 2015, 13:24, par Bikorimana Joel
Hahah Karabaye Pe!Ariko Imana Iratubona Ntitwihebur Urugamba Rushushe Ruba Rugira Rurangir Kimwe Gusa Abarundi Tworeka Kwicana Kuko Ntawahaye Ubuzima Uwundi Atarimana Gusa Ifise Ububash Kumunt!Dusenge Gusa Ibindi Imana Izobikoro!