IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igihugu ca Kowete cahaye ingurane Uburundi

Igihugu ca Kowete cahaye ingurane Uburundi

lundi 1er Ndamukiza 2013

Ikigega co mu gihugu ca Kowete kijejwe iterambera ry’ubutunzi bw’abarabu gihejeje guha Uburundi ingurane y’imiliyoni cumi z’amadolali azokoreshwa mw’isanurwa ry’ibarabara Bujumbura-Nyamitanga ry’uburebure bungana n’ibirometero mirongo itatu, risanzwe rikoreshwa n’abantu ,rikongera rigacamwo ibidandazwa bivuye mu mihingo myinshi y’igihugu.

Ivyo bikorwa bizotanga akazi mu kiringo c’imyaka itatu gushika rihejeje gukorwa.
Ayo masezerano y’ingurane yahuje umushikiranganji Tabu Abdallah Manirakiza, w’ikigega ca Leta hamwe na Hicham Al-Waqayan, icegera c’umuyobozi mukuru w’ikigega c’iterambere ry’ubutunzi bw’abarabu.

Uburundi bwijukiye gusanura amabarabara, inyuma y’intambara yatikije ubutunzi bw’igihugu, ikanahitana abarundi isinzi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.