Accueil > Amakuru > u Burundi > Igiporisi kivuga ko umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA atari mu biziga (...)
Igiporisi kivuga ko umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA atari mu biziga bibiri vyatowe
samedi 13 Myandagaro 2016, par
Mu rukurikirane rw’amatohoza kw’inyuruzwa ry’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA akorera ikinyamakuru IWACU, igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko imyidondoro (identification) y’ibiziga bibiri vyatowe mu ruzi Mubarazi yabaye, kandi ko basanze uwo mumenyeshamakuru atarimwo muri ivyo biziga.
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko amatohoza kuri abo bantu bishwe bagatabwa mu ruzi Mubarazi abandanya akorwa na sentare y’i Muramvya, ahatowe ivyo biziga.
Abaporisi bo mu gisata kijejwe gukinga impanuka nibo bakuye mu ruzi Mubarazi ivyo biziga bibiri vy’abantu bataramenyekana bari batawe muri urwo ruzi, baca babitwara mu buruhukiro bw’ibitaro vya Muramvya.
Kimwe muri ivyo biziga vyakuwe mu mazi nticagira umutwe, bikaboneka ko imbere y’uko uwo muntu atabwa mu ruzi yabanje gucibwa umutwe. Ikindi naco cari kiboshe amaboko, kandi kiboheweko akagunira k’amabuye.
Ikiziga ca mbere cari mu ruzi Mubarazi cabonwe n’abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru IWACU bariko barondeza mugenzi wabo yazimanganiye i Bugarama haraheze indwi zitatu. Basubiriye mu kibanza catowemwo ico kiziga, bari kumwe n’abo mu giporisi hamwe n’umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, babonye ikindi kiziga kigira kabiri, naco nyene kireremba mu ruzi Mubarazi.
IGIHE
Messages
13 Myandagaro 2016, 16:13, par Saïdi Anicet
Sanga Igipolisi Cemeza Ko Atarimwo.Ni Cerekane Aho Ari,ivyo Vyo Nugusamaza Amakungu.
13 Myandagaro 2016, 16:41, par Nyambwa
Mukama dutabare! Hasigaye ahawe. Ataruko turahonye.
14 Myandagaro 2016, 11:40, par Musani
Mana Bohor Igihug Caw Kk Birarenze
14 Myandagaro 2016, 21:32, par Manirampa .Appolinaire
jewe birambabaza kunva hari biziga biguma bitogwa ntihagire uwumenya ukuntu bishwe ,savye igiporis kigiringuvu kimenye ingene bishwe kimwe numumenyesha makuru jaen bigirimana .Iyo bamunyuruje.
15 Myandagaro 2016, 15:04, par JONAS
ICO MVUGA N,ICO IVYO BIZIGA VYARISHWE
16 Myandagaro 2016, 20:25, par kareem
ee mwenyezi mungu 2unakuomba ulinzi wako kwani nchi yetu imekosa mwelekeo ee mola hakika nafasi iliyobaki ni yakwako amin.
18 Myandagaro 2016, 14:21, par KABURA
Ikibazo gisigaye n’iki: Ivyo biziga bibiri vyatowe basanze ari bande? Leur identité! Birakenewe kugira haboneke icemeza ko le journaliste Jean B. atapfuye!
19 Myandagaro 2016, 06:24, par TOTO
NONE UWO MUMENYESHAMAKURU ARI HEHE ??? KORA AMATOHOZA ABONEKE .?!
19 Myandagaro 2016, 22:34, par nkurunziza
IMANA VYOSE IRABIBONA UWICISHINKOTA NAWE NIYINDI.