Accueil > Amakuru > u Burundi > Igisagara ca Syrte kigenzurwa n’abasirikare ba Libiya
Igisagara ca Syrte kigenzurwa n’abasirikare ba Libiya
vendredi 12 Myandagaro 2016, par
Igisirikare ca Libiya catangaje ko icicaro c’umugwi c’abagwanyi ba Reta ya Kisilamu, gisanzwe kiri mu gisagara ca Syrte, ubu kiri mu minwe yabo. Ni mw’itangazo ryasohowe n’igisirikare ca Reta ya Libiya.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika yarakoze ibitero vy’indege kuri ico gisagara ca Syrte gisanzwe gihana urubibe n’akarere abagwanyi ba Reta ya Kisilamu bakoreramwo ibitero. VOA yamenyesheje ko abategetsi ba Amerika bavuga ko itigeze ikoresha abasirikare basanzwe bagwanira hasi ku butaka.

Gordon Trowbridge, ajejwe kumenyekanisha amakuru mu biro vy’Umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yabwiye abamenyeshamakuru ko ivyavuzwe na benshi ku bijanye n’uko abasirikare ba Amerika bagwanye iyo ntamabara, atarivyo.

Trowbridge yavuze kandi ko uruhara rwa Amerika rwabaye urwo gufasha mu buhinga bujanye no gutumbereza ibigwanisho vyo mu kirere, igihe igisirikare ca Libiya kibibasavye, hamwe n’ibijanye n’iperereza, no kwiga urubuga rw’intambara uko rumeze.
IGIHE