Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu gishikiriza abantu barenga 40 (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu gishikiriza abantu barenga 40 (...)

Igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu gishikiriza abantu barenga 40 bahohotewe

jeudi 6 Myandagaro 2015

Igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu kimenyesha ko abantu barenga 40 bamaze guhohoterwa n’abandi baharurwa mu majana bamaze guhagarikwa bidakurikije amategeko.

Cécile Pouilly ajejwe kumenyesha amakuru mu gisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe agateka ka zina muntu,amenyesha ko ihohoterwa rikorwa mu gihe abajejwe umutekano bariko barahagarika abantu,ivyo navyo bigatera ubwoba abantu bose bose abari mu gisagara ca Bujumbura canke hagati mu gihugu.

Cécile Pouilly avuga ko abategetsi mu gipolisi no mu biro bijejwe igendereza.Avuga kandi ko hari abategetsi benshi bavugwa mu guhohotera abantu,bakaba bariko baravugana n’abategetsi b’igihugu kuri ivyo,kuko bakurikiranira hafi abapfunzwe.

Kubijanye no kumenya nimba hari abamaze guhanwa kubera bahohoteye abantu,uwo ajejwe kumenyesha amakuru mu gisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu avuga ko,ubutegetsi bw’igihugu atawe barahana yahohoteye umunyagihugu.

Igisata ca ONU kimenyesheje ivyo,inyuma y’iminsi itatu,umumenyeshamakuru w’iradiyo y’abafaransa RFI ahohotewe,aho yari mu kazi kiwe ahari hahejeje kugandagurirwa Lt Gen Adolphe Nshimirimana.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.