Accueil > Amakuru > u Burundi > Igisirikare c’Uburundi cemera ko abasirikare b’intwazangabo batorotse bagera (...)
Igisirikare c’Uburundi cemera ko abasirikare b’intwazangabo batorotse bagera kuri 11
vendredi 19 Myandagaro 2016, par
Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi aremeza amakuru avuga ko hari intwazangabo z’Uburundi zatorotse igisirikare c’Uburundi, ariko akabeshuza abavuga ko abatoroka ari ari abahoze mu gisirikare ca kera gusa.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatatu, Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, yatanze igitigiri c’abasirikare b’intwazangabo cumi n’umwe batorotse.
- Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi
Abo batorotse, nk’uko vyashikirijwe na Colonel Gaspard BARATUZA, ni intwazangabo zitanu zahora ziga mw’ishure Kaminuza ry’igisirikare c’Uburundi, intwazangabo zine zari zihejeje ivyigwa mw’ishure rya gisirikare ryo muri Ethiopie, hamwe n’intwazangabo zibiri zahora ziga kw’ishure rya gisirikare ryo mu Bubirigi. Ku bivugwa ko hatoroka abahora mu gisirikare ca kera gusa, Colonel Gaspard BARATUZA yasiguye ko bitagira ishingiro kubera nk’abo batorotse bava muri Kaminuza y’igisirikare c’Uburundi binjiye ico girikare kimaze guvangwa, hatakivugwa abakera hamwe n’abahoze mu mirwi irwana.
Muri abo bavuye mu gisirikare c’Uburundi, harimwo na Colonel Adolphe MANIRAKIZA yahoze ari umuvugizi w’inteko za MINUSCA zarungitswe kugarukana amahoro muri Centrafrique. Uwuvugira igisirikare c’Uburundi yasiguye ariko ko Colonel Adolphe MANIRAKIZA adashirwa mu batorotse igisirikare c’Uburundi, kuko yanditse ikete ry’uko atanze imihoho.
Colonel Gaspard BARATUZA amenyesha ko abavuga ko bahunze kubera umutekano wabo, bahenzwe n’abanyeporitike. Ku bwiwe, umusirikare ntiyari akwiye gutinya ibivugwa ku mbuga ngurukanabumenyi.
IGIHE
Messages
19 Myandagaro 2016, 20:19, par xxxxxxxx
uretse n’abo bari hanze n’abari mu gihugu bari gutoroka muvugishe ukuri
19 Myandagaro 2016, 21:57, par 7,ajd
ndunva tugowe abategetsi guhunga nihatari
19 Myandagaro 2016, 22:05, par Ernest
Bose Bazohera Bigira
20 Myandagaro 2016, 08:25, par Ndabarusimana
Nones Un Ntaco Ivyibazako Intwazangabo Zihunge Mbega Umunyagihugu Naw Bizogerahe Raba Turahonye Twebwe Abanyagihugu Batobato
20 Myandagaro 2016, 12:02, par Marie Merci
Erega n’abandi bazigendera.Barapfira iki ko nta ntambara barwana.Uzi kumva nyoko yishwe ufite intwaro nta kintu wakora?Nkurunziza natange imihoho!Atazasoreza I La haye!
20 Myandagaro 2016, 12:09, par Jhon
Oya
20 Myandagaro 2016, 13:28, par EL.....ZIGUYE
IVYOBIBANZA NIMUBIHE IMBONERAKURE ZISHOBOYE AKAZI. JEWE NDAGIRA INGABOYIYEMERA IGWAKURUGAMBA!!! KAGOME YARABATUMYWEKO. (AMAHINYU TWARABAHINYUYE.)
20 Myandagaro 2016, 14:24, par Bugatti
None bahung’iki? Ko umutekano ari wose mugihugu? Reka gukinira kubuzima bwamene gihugu:(
Nivyo muriko mubicira muzobisiga ho. Nimwiyunvire
20 Myandagaro 2016, 21:10, par XX
MURAGABA
21 Myandagaro 2016, 10:19, par Mob
Eka my Burundi ntakigenda arabasirikare tuganira Hank I Bangui wumva nabo badashaka gutaha!!!
21 Myandagaro 2016, 17:05, par Ex FAB
Abari muri USA kwatabavuga bashika 10!!!! Kumbe muri G1 (Personnel) na BCM (Coopération militaire) akazi karabananiye!
22 Myandagaro 2016, 18:47, par J clo2
Jew nibazako umuntu afise uburenganzira bwo kuba aho ashatse hose mugihe afise uruhusha arekurirwa n’amategeko. abo rero ntibatorotse ahubwo bahinduye
milieu de vie. kanatsinda harimanza zibarondera?
22 Myandagaro 2016, 21:08, par Gilbert
Nukuri,kubwanjembonakobahenzwe,kukontakuntubarigucabata,akazi.Cankebirashikabakababarimubahemukiye,igihugu.Kukontibitahuritsekumusirikare,akorakandi Akabihemberwa.Ahubwamurarabentibaducemuryahumyengobifatanye,nababisha.Bipfuzakudusubizamwihubi,twaridutekanye.murakoze
22 Myandagaro 2016, 21:10, par Xxx
Nukuri,kubwanjembonakobahenzwe,kukontakuntubarigucabata,akazi.Cankebirashikabakababarimubahemukiye,igihugu.Kukontibitahuritsekumusirikare,akorakandi Akabihemberwa.Ahubwamurarabentibaducemuryahumyengobifatanye,nababisha.Bipfuzakudusubizamwihubi,twaridutekanye.murakoze
26 Myandagaro 2016, 14:40, par Silverstone
Abo basirikare barahenzwe nta mpamvu nimwe bafise yo guhunga. Ababosha ngo bahungé nabagomba kuguma berekana ko ata kigenda mu Burundi kandi atarivyo na gato amahoro ari yose mu gihugu. Ntibaryoherwa no kwumva umutekano wagarutse mu gihugu kuko ntibaba bakironse ico bakamishe kugira amakungu abumve bashobore gushika ku migambi yabo yo guhirika ubutegetsi.
18 Munyonyo 2016, 21:10, par villa
ntaco mvuze