IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ihimbazwa ry’umusi mpuzamakundakungu wahariwe amazi

Ihimbazwa ry’umusi mpuzamakundakungu wahariwe amazi

vendredi 22 Ntwarante 2013

Igenekerezo rya 22 Ntwarante ukwo umwaka utashe, isi yose irahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe amazi. Uno mwaka , icivugo c’uwo musi mukuru ni :
« Umwaka mpuzamakungu wo gukorera hamwe mu gisata c’amazi. ».

Ku rwego rw’igihugu, uwo musi mukuru uzohimbazwa hano i Bujumbura igenekerezo rya 22 Ntwarante, ku civugo gikurikira «Twese hamwe duhagurukire itunganywa ry’amasoko y’amazi ».

Muri iyo ntumbero, harateguwe inganda zo guhanahana ivyiyumviro ku tunganywa ry’amasoko y’amazi rifatiye ku gukorera hamwe, tutibagiye ibikorwa vyo gusukura inkengera z’ikiyaga Tanganyika, bitegekanijwe kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 23 Ntwarante 2013, aho uwo musi mukuru uzoba uriko urahimbazwa.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.