Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikarata ndangamuntu ihasanzwe niyo izokoreshwa mu matora yo mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikarata ndangamuntu ihasanzwe niyo izokoreshwa mu matora yo mu (...)

Ikarata ndangamuntu ihasanzwe niyo izokoreshwa mu matora yo mu 2015

mercredi 9 Ndamukiza 2014

Harategekanijwe ibikorwa vyo kwandika abazitaba amatora twimirije yo mu mwaka w’2015. Ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’umukuru w’umurwi wigenga ujejwe gutunganya amatora (CENI), Pierre Claver Ndayicariye.

Mu kiganiro umukuru w’uwo murwi yagiranye n’abamenyeshamakuru, yaramenyesheje ko ivyo bikorwa bibaye mu ntumbero yo kwandika abatari bwakwize imyaka isabwa mu gutora mu mwaka w’2010, ariko bazoba bayikwije mu mwaka 2015, harimwo abahungutse inyuma y’2010. Ivyo bikorwa babitunganije kandi mu ntumbero yo kumenya abiyandikishije ico gihe boba barimutse canke bitavye Imana.Umurwi wigenga ujejwe gutunganya amatora utegekanya gutanguza ivyo bikorwa kuri uwu wa 9 Ndamukiza.

Pierre Claver yaboneyeho n’akaryo ko gusaba inzego zibijejwe, ko zotora, kandi zigashira ahabona itegeko rishasha rizogenga amatora, mu ntumbero yo gufasha mu gutegura amatora.

JPEG - 103.9 ko
Pierre Claver Ndayicariye, umukuru w’umurwi CENI

Ku kibazo cerekeye kumenya namba hasabwa ikarata ndangamuntu nshasha kugira umuntu yiyandikishe mu matora yimirije, umukuru w’uwo murwi yaratomoye neza ko hazokoreshwa ikarata ndangamuntu yari ihasanzwe.


Isabelle Simbarakiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.