Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikibazo c’umutekano mu Burundi kimwe mu vyashikanye umukuru w’igihugu i La (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikibazo c’umutekano mu Burundi kimwe mu vyashikanye umukuru w’igihugu i La (...)

Ikibazo c’umutekano mu Burundi kimwe mu vyashikanye umukuru w’igihugu i La Haye

dimanche 30 Ntwarante 2014

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ari mu rugendo mu gihugu c’Ubuhollande, aho azomarayo iminsi itatu.

Muri urwo rugendo, bikaba bivugwa ko umukuru w’igihugu c’Uburundi aza kubonana n’umwami w’igihugu c’Ubuhollande co kimwe n’abashikiranganji harimwo uw’imigenderanire n’ibindi bihugu hamwe n’uw’ubudandaji. Petero Nkurunziza rero, bikavugwa ko afise n’ubutumire bw’inama nshingamateka y’ico gihugu, aho azosigura ibijanye n’amahoro n’umutekano. Ikibazo c’abaporisi barashe ingoro y’umugambwe MSD co kimwe na bamwe mu banywanyi b’uyo mugambwe barashwe n’abaporisi, bikavugwa coba kitazohara.

Mwomenya ko urwo rugendo rubaye rwari rutegekanijwe kuba mu mwaka w’2013 mu kwezi kwa Munyonyo, ariko bica birahinduka bivanye n’urupfu rwa Nelson Mandela wo mu gihugu ca Afrika y’Epfo, yabaye ndetse n’umuhuza mu biganiro vy’abarundi vyabereye i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, aho haciye habonekera n’amasezerano hagati y’abarundi yo gusangira ubutegetsi ata wandya wangura.

Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu Denise Nkurunziza

Aristide Nizigire

Messages

  • Yaaaaa izonkuru muvuze zitahuze ne

  • Nuko nuko nagire urugendo rwiza esubona boca bakamushiramwo agasanga abandi nkawe bakozibibi.

  • ubwenge burahurwa nibagende barabe ahandi uko intwaro rusangi imeze niyubahirizwa ry’amategekon

  • Mbega i La Haye siho hari Tribunal ? Baraca bafatari aho nyene !!!

    Abo barundi bo mu Buholandi umengo n’abasavyi. Nizere gusa ko ari aba diplomates atai diaspora.

  • muravanze basi,none iyo viste yari muri decembre 2013,MSD yagakoze ibyo yakoze koko.ntimukavange amasaka ni amsinde mubeshya abasomyi

  • Huyu ni president of neighbor country Burundi, mimi namupenda saaaaaana because he is better than my?.............

  • Ahubwo jw nagira yishikanye muri CPI atawiriwe araja kumurondera.Nagenda abe araharaba azojayo mu minsi iza.

  • Uyumuntu yashizeko iyinkuru nadutohorezeneza aduhinkuruyuzuye haribikibura ahubwonibabe bamubitseyo aba FNL adasibaguta munzuzi ibizigabidasiba gutorwa mugisagara ivyimigambwevyo nakayoberabahinga abavuze ngonomubi hugubiteyimbere nahonyene barapfa.

  • Mumureke uyo musaza yikorere akazi .ntaco mumurenza urwamo. Ahubwo batera amanyanga mubagirira akantu ntakwijajara.

  • Ewe kimana urikijuju,ninde yakubwiye kumukuru w,igihugu yishikana.umu president atangwa nabenegihugu aba yakozemwo amakosa.none rero ico womenya nyakubahwa presidant NKURUNZIZA ntakabi kiwe,abanyagihugu tumwiyunvamwo 100%,kiretse bamwebamwe ba bintagondwa batiyunvamwo ubutegetsi twitoreye twebwe nyene abanyagihugu,nayo uyu yashizemwo ivyo KWASINDUHIJE mwiki kinyamakuru,namba yashatse kuba aratuzurira akaboze conyene,ivyo kwasinduhije nabanyamahanga barabiteye ivyatsi,ivyo MSD yakoze nakamuna kumutemere,icambu ca kiranvu Domitil.umwana wigito nanyina aramwanka ncuti zanje.

  • Rekaaa ntanama shingamateka babonana azakubonA nabagore babiri nabantu basazwe ncane .Ankie broeker et Anouchka van miltenburg reka kuyica imirya ,umwami nawe siwe yamutumiye ni nkurunziza yavyisabiyeubu shamwe kera abakurubibihugu batubeshA ivyo bagiyemwoatarivyo

  • Arahita araramutsa bagenzi biwe bapfungiwe i La Haye amenye n’ingene bahaba kuko nawe ari mu gushikirwa!

  • Zemuratubwira ababizi ahasigaye turindire inkuru irambuye zankinamicoziwe ashike ahendabantu yuko niryasentare imushigikiye akereturabandi arahuba bose batangiye kumwiyama

  • aba dd bandika ama commentaires ni bagire une vision nationaliste nimba bafise niveau mbona bandika ngo banezereze peter ariko mauvaise gouvernance ifata twese ntimwihende,,,aba mwakiriye ni abantu bari taillees sur mesure ahandi ho ambassadeur yoca ataha le meme jour ...nikaba ari agatutsi ho umugani wa Ntanyungu aguma avyibutsa tutazi ico ashaka ,,,!!!!

  • Jewe ndipfuza kubonana n’impumyi zinyegez’amazina ngo kabizrya ngo nwarnwa nibareke kunyegez’amazina yabo baje habonakuri kuri Facebook ndabigishe kuvuga imvugo n’indero runtu kuko M’urukiko guidera kubwicanyi Se wa KURUKIMFASHE,Dossiers,RWAGASORE,MIREREKANO,NGENDANDUMWE,BAMINA,NDADAYE,NTARYAMIRA,BIMAZUBUTE,KARINWAMI,CIZA, SINGOYE, KARENZO,SIMBIZI, KABUSHEMEYE,NDAYIKEZA J. N’izindi ntore nyiiiiiiinshi cane nzovuga hageze,kirazira guc’igitu ng’uhere m’amuse!uhera mumizi _INGUMB’ITAZ’IKIBI IRIGAT’ISHENYO,UMUNANA W’ISEMA UTEMBAGAR’UDUGA,URUCIRA MUKASO RUGATWARA NYOKO, INKUBISI YACANE YAKUBIS’IGITI MUMAZIRANTOKE,REKA GUKUBIT’AGATI MUNTOZI,Umuntu weeeeeese izi ko har’ico yiyagiriza naho yoba yarapfuye nka HITIMANA na J.NZEYIMANA abasigwa babo intah’izobokera IMBWA YAHIYE K’UMURIZO NGO BURAKEYE TUHEREK’ABASHINGANTAHE, NTIYAMENYA KW’ISHAVURYATO RIHERERA M’UMURIZO,imvugira kuyamara y’umugabo ikundwa na bake murakoze vyiza mwokwihana Umukama ataraza Ngw’atang’impera kuri twese.

  • Umuntu yitwa GAHEZO yama atuka abantu ngo ni ibijuju ahubo niwe ari ikijuju nkabo ashigikira

  • Nibyiza mugabo bibuke gusura bagenz’abo Laurent Gbagbo na simone gbagbo babaz’uko life yifashe kuko vuba barabasangayo.

  • Araca kuraba aho azokwimukira mu misi iza,I mean laye muri CPI

  • umukuru w igihugu turamwizey koyoshoborakubisigura neza cane ivyumutekano w igihugu .

  • mbega utwo tuntu twifatira mu gahanga uwo mu dd peter,twibaza ko atagira ubwenge?

    mbe iyo CPI y’i La Haye muharaza,mwibaza kw’ari kwa ba so na ba nyoko?

    Nta ho mwomutanga kwinjira aka gasho k’i La Haye?

    Teshwe mute,kuko burya urugerera muka so rugatwara nyoko.

  • mubemuvugivyomuzi.ivyomutazimuhore.kukontimuzi.ingeneumukuruwigihuazobisigura

  • Uyo mugabo ahendya nabo atwara kugira babe baramwihishije inyuma burakeye ntibugira umutima nze ndabe abazomuherekeza niyamara kwinjira mukibanza citeka categuriwe abantu nkawe.yaba yokoze ibindi akareka kwihisha inyuma y’ijambo ry’imana.aramenya ko uwicishije inkota nawe bitebe bitebuke iramukorako tu.

  • Abarundi bararushe.canke abo baholande baramushigikiye.

  • ariko sha pergo uragira ngo nkurunziza niwe yishe se wiwe canke niwe yishe dadaye ngo ibihumbi vyabantu bitikire canke wiba ko cpi ariwe yubakiwe wenyene aho azoshikirigwa haraho nawewe yozogusangayo canke mukugwawe mbona muburundi abaseshe amaraso ari beshi cane igihugu ndemera ko gifite abarundi bumutima bemera jkubana baricanye umuntu akategeka uwamwiciye se nanyina ntiyihore abantu nkamwe muzopfa murushe

  • utora nabi ugatwagwa nabi. aba dd baratuntuye muga ntibavuga kubera ubwoba bwo kwicwa n’imbonerakure.marapfuye mubabaye kubera akagwi kabantu ba ba dd. Ubu hatwara abavuye mwishamba turavyumva ko abandi atajambo bafise birababaje. Ntimugire ubwoba intwaro mbi niyo yihenura. Peter nawe afise illusion ngo baramukunda naho shwi. abo yahaye kuguguna igihugu nabo nyene bakunda ico bahanoba ntibakunda we n’umugore wiw

  • @ Rumuri canke Mico, mbona wiyit’amazina menshyi kur’ uru rubuga and so biragoye kumeny’iry’ umunt’aguhamagara, ariko singorane. Ati mbon’ariwe yishye se ,ndandaye canke izindi million zabarundi???

    Mbe wumva nomenya gute nimb’atarabigize mw’uruhara? Mbe muri decade FDD imaz’itwara har’uw’urumva batunz’urutoke bamubaz’ibya 1972,Ntega namarangara,Ndadaye ,Ntalyamira etc. ???? Ah’ubon’utab’urikubaz’ibibazo umuntu afite 5 senses yategerezwa gushakir’ibisubizo Muri FDD???

    Gend’ubaze abakuriye DD n’interahamwe zabo,nak’Imbonerakure igituma niba ntaruhara babigizemo,bomara 10 years batwara nta ni nyon’irabibazwa. batiny’iki??? Ko twari twabatoye twibaza ko nabo twaburiy’abacu hamwe baz’ingene bibabaza kubur’uwawe mubulyo twabuz’abacu guhera 1972 bakaba barashyiz’imber’inda. Ibyo kubimbaza nukundenganya kabisa byiza wamwibariza.

    Ubu mumnsi mike muraje mutangure kubivuga kugira tubatoere. HAHAHAHA. Twaramaze kubona ko ntaco yishoboreye. Mbe waramwibukije gusura bagenz’abo Bagbo na Simone bagbo? aho bafungiye kwariyo yari. Uze kumwibutsako abarundi tutakimwiyumvamo. Ijoro ryiza mwene mama (Rumuri).

  • ahubwo CNDD Ntiyarikwiye Gutwara Kk Kumva Ahobatwariye Izara Yabayenyish Mugihugu.Ukwiba Amatungo Yareta Vyimonongoje.Ivyo Muri Ntega Namarangara Ntacobabivugako!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.