Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikigo c’igihugu kijejwe abakozi n’akazi kigiye gushirwaho
Ikigo c’igihugu kijejwe abakozi n’akazi kigiye gushirwaho
samedi 22 Munyonyo 2014
Inama nshikiranganji y’Uburundi yaremeje integuro y’itegeko rishiraho ikigo c’igihugu kijejwe abakozi n’akazi. Ico kigo kizotanga amakuru yose ajanye n’akazi ku rwaruka rwahejeje amashure, ariko rutagira akazi.
Iyo nteguro ijanye n’ishirwaho, hamwe n’itunganywa ry’ikigo c’igihugu kijejwe abakozi n’akazi yashikirijwe n’umushikiranganji w’abakozi n’akazi, Annonciate Sendazirasa, mu nama nshikiranganji yakoranye kuwa 19 Munyonyo 2014, iremeshejwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.
Iyo nteguro y’ugushiraho ikigo c’igihugu kijejwe abakozi n’akazi ikomoka ku mugambi w’igihugu wemejwe na Reta y’Uburundi, mu bijanye n’ukurwanya ubushomeri mu rwaruka. Intumbero y’ico kigo, azoba ari ugutororokanya ubuzi buhari, hamwe n’ugutunganya intonde z’ababusaba, bigashirwa ahabona. Muri uwo mugambi, bazokwegeranya uburyo bw’abafasha mu kurwiza ubuzi, n’inyigisho z’imyuga zitunganwe ku rwaruka.
Iyo nteguro y’umugambi wo gushiraho ikigo c’igihugu kijejwe abakozi n’akazi yaremejwe n’inama nshikiranganji, bikaba bitegekanijwe ko hashirwaho umurwi uzobikurikirana.
Egide Nduwimana
Messages
22 Munyonyo 2014, 15:39, par hasani
hama,mureke,guhakazi,abasongambere,iyabamwabikorananumutima,mwiza,hagahabwakazi,uwariwewese,bibaarivyiza,murereke,amachakubiri.chanke,mgatangisha,amahera.nyamushomeri.adashoborakuronka.niyoyitanze,agagirishatanga.nanyakazintanakaronke.muburundi.azobarimbonekarimwe,hatanzwakazi,atamachakubiri
22 Munyonyo 2014, 21:15, par REKAREKA
Ahubwo hasani,vyari bikwiye ko abo uvuze bohabwa akazi nkimyaka hafi murongine nkimwe mwagahabwa mwenyene mukumiriye abandi,abo mwita abamenja,kuko nubu uzokwitonde urabe abenshi mubuzi bwareta nimwebwe nyene,nkibice 80%nimwebwenyene,komwari mwaracikebeye.ahubwo nibi wandika wewe uyuba uwundi ntuba unavyubahuka,kuko ntimumaramara,muranashirukanya kabisa.ariko nimukuramaboko mumpu dukore twese,duteze igihugu imbere,mugabanye kurondera inyota nakayabagu mwayo ma sport mwamamwo.mwarimenyereye basha.
23 Munyonyo 2014, 07:17, par Iragiryagahuturemi
Igikuru nukwarabarundi none abobasongambere nibabamariramukazi tweho tutari abasongambere ntituzoca twisangamwo!?
23 Munyonyo 2014, 17:27, par Jean-marie
Ko Inama Nshikiranganji Ko Yakoranye Ikiga Ivyi Co Kigo Ntibige Gukuraho Ubusumbasumbane Bw’imisahara Uravye Ukuntu Ibintu Vyaduze Nibikubite Agashi