Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura: Imihora WhatsApp, Viber na Twitter yakaswe kuri za (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Imihora WhatsApp, Viber na Twitter yakaswe kuri za (...)

Bujumbura: Imihora WhatsApp, Viber na Twitter yakaswe kuri za ngendanwa.

mercredi 29 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Imihora imwe imwe yo ku buhinga ngurukanabumenyi ntiriko irakora, guhera ku muhingamo wo kuri uno wa kabiri, bikaba vyateye impungenge abanyagihugu.

Imihora nka za WhatsApp, Twitter n’izindi zaraciwe ku materefone ngendanwa i Bujumbura, umuntu akaba yashobora kuvugana n’abandi akoresheje imihora yindi atari ngendanwa (Internet fixe ). Ikindi kandi n’uko bigoye kuronka ama unite mu gisagara ca Bujumbura.

Amwe mu makuru akaba avuga ko iyo mihora yoba yaciwe nabo mu kigo kigenzura ivyitangazamakuru ARCT( Agence de Régulation et de Contrôle des Telecoms), bakaba bandikiye inzandiko amwe amwe mu amashirahamwe asanzwe abikora, babategeka imbuga zimwe zimwe bakata. Izo mbuga nazo akaba ari whatsapp, Twitter, Facebook, Tango.

Ivyo navyo bikaba bibaye inyuma yaho insamirizi RPA ikaba yugawe ku munsi wa mbere, inyuma y’umunsi umwe gusa, hatanguye imyiyerekano yo kwiyamiriza ukwitoza ubugira gatatu kwa Petero Nkurunziza. Mukamenya kandi ko n’amaradiyo nka Bonesha FM na Isanganiro zakaswe. Tukaba turiko turondera abo mu kigo ARCT batange umuco kuri ivyo bivugwa.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.