Accueil > Amakuru > u Burundi > Imirima y’ibikaju vy’umurwizatunga Nahum BARANKIRIZA yatewe n’umuriro
Imirima y’ibikaju vy’umurwizatunga Nahum BARANKIRIZA yatewe n’umuriro
lundi 29 Myandagaro 2016, par
Imirima y’ibikaju y’umurwizatunga Nahum BARANKIRIZA iri mw’ishamba rya Rukoko muri komine ya Gihanga intara ya Bubanza yatewe n’umuriro kuva kuri uwu w’Imana. Uwo muriro wari ucibonekeza gushika mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, abakozi b’ishirahamwe Tanganyika Business Company ry’uwo murwizatunga bakaba bari bakiriko barazimya mu mpande zikobonekamwo umwotsi.
Uwo muriro wadutse ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana, ahahiye hose hamwe hakaba hataramenyekana, kuko abakozi ba Tanganyika Business Company batarinjira ahari iyo mirima y’ibikaju, bakaba kandi batamenye ahazananye uwo muriro.
Buramatari w’intara ya Bubanza yaheruka gutanga itegeko ko umuntu wese azoba ashaka kwinjira mw’ishamba cimeza rya Rukoko azobanza kuba yabisabiye uruhusha.
Abakunda kuja muri iryo shamba ni abanyagihugu barangurirayo imirimo itandukanye yaba uburimyi, ubworozi, abaja gucanayo amakara, abasenyayo inkwi n’ibindi. Bose babwiwe ko uwuzofatirwayo atabisabiye uruhusha azohanwa bikomeye.
Mu nama y’umutekano yaheruka kugirisha, Buramatari w’intara ya Bubanza yamenyesheje ko iyo ngingo ifashwe ku mvo z’umutekano, inyuma y’aho bibonekeye ko hari imirwi y’abantu bitwaje ibirwanisho bahungabanya umutekano, mu nyuma mu gusubira inyuma bagaca muri iryo shamba cimeza rya Rukoko.
Abakozi b’ishirahamwe Tanganyika Business Company bararira ibikaju biri mw’ishamba cimeza rya Rukoko bagirijwe ko boba bakingira ikibaba abo bantu bitwaje ibirwanisho bahungabanya umutekano, kuko boba binyegeza muri iyo mirima, abo banyezamu ntibabivuge. Abo bakozi bakagirizwa kandi ko boba bakorana n’imirwi y’abitwaje ibirwanisho iva muri Congo ije guhungabanya umutekano mu Burundi. Abo bakozi bakaba bari baheruka gukurwa muri iryo shamba cimeza rya Rukoko.
IGIHE
Messages
29 Myandagaro 2016, 18:42, par Musaga
Na bado,leta niyo ibiri inyuma,erega Shetani araganje muri CNDD FDD, mukanya baratubarira ko ari u Rwanda,hhhaahh genda Burundi ugeze kumangw
29 Myandagaro 2016, 21:18, par thierry
ivyo buramatari yavuze nivyo,vyofasha gucungera umutekano wigihugu.
29 Myandagaro 2016, 23:38, par .
Iyi mujeri yiyita Musaga, ndayizi.
30 Myandagaro 2016, 07:00, par Gahugu Kanje
Wewe wiyita Ivyiyumviro uzohindure izina wiyite ntavyiyumviro
30 Myandagaro 2016, 08:53, par Ntabwenge
Burya guturira ibikaju bigabanya isukali mu mubiri. Mugabo abarundi dukeneye isukali yo kudandaza mumakungu. Mbe abafise amatomate ari kubaborerako mubabwira iki? Isukali ni nziza mugabo iratera indwara ya Gisukali (diabete).
30 Myandagaro 2016, 11:56, par Mob
Musaga ivyo uvuga n,ukuri
30 Myandagaro 2016, 21:24, par Ernest Munezero
Vyababuriye Abobakozi Bironderera Ikibabeshaho Bakorana Nimigwi Igwana? Ibikajunavyo Azotera Nibindi.