Accueil > Amakuru > u Burundi > Imodoka imwe yunguruza abantu yahiye iratokombera
Imodoka imwe yunguruza abantu yahiye iratokombera
vendredi 5 Ruheshi 2015, par
Imodoka imwe yunguruza abantu yahiye iratokombera mu gatondo ko kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 5 Ruheshi.
Iyo modoka yahiye nk’igihe c’isaha zibiri muri quartier 9 ya komine Ngagara mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura,kw’ibarabara Kivumu,hafi y’ikambi y’abasirikare Camps Ngagara.

Amakuru ava aho mu Ngagara,amenyesha ko gushika ubu uwaturiye iyomodoka ataramenyekana,ariko bamwe bakavuga ko yoba yavuye mu gisagara hagati isanzwe ifise ikibazo.
Abandi bari hafi y’aho iyo modoka yahiriye,bavuga ko boba babonye umuntu ayinjiramwo,amaze gusohoka igatangura gusha.Ariko ibibazo ni vyinshi kuko hafi yaho hari ikirindiro c’abasirikare.
Igipolisi kijejwe gukinga impanuka cahashitse kuzimya,naho nyene casanze iyo modoka yamaze kwononekara cane.
Iyo modoka igize kane ituririwe muri iyo komine kuva imyiyerekano y’abiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza itanguye.






IGIHE
Messages
5 Ruheshi 2015, 11:12, par Bucumi
Vyoba vyiza bagaturira imiduga yabanse kuva k’ubutegetsi canke yabo bica ababo mugabo namba arizabanyagihugu kugira zibafashe kurondera urudagara rw’abana ntabwo vyoba arivyiza.
5 Ruheshi 2015, 11:27, par KAMWEMWE
MUGABO GA MWABANTU MURAGOWE UGIRANGO UWO MUDUGA WITURIYE?MBEGA IMIGUMUKO ITARATANGURA KO TUTARI BWUMVE IMODOKA ZAHIYE.EWE MWABANTU NIMUTIHANA MURAGOWE NACANECANE ABO BAHAMAGARIRA ABANTU KUGUMUKA KANDI MANDA YABO ITARAGERA.
5 Ruheshi 2015, 11:42, par mutabazi
Izo ngegera nimuzihate inkoni zivuge uwayituriye.
5 Ruheshi 2015, 11:45, par Thomas
jew nabona ko nkurunziza yarakwiye ko izina riba ryo muntu mbeg hoho abariko baturirigwa ivyabo bazira mandat yiw ariteguye kubariha nagire ikigongwe cabapfa
5 Ruheshi 2015, 11:58, par JADO
we wahijije imodoka wihangane kandi ntuzewigere utegwa ubwoba nabarinyuma ya peter nkurunzinza imbonera kure nabandi mumuhunge mwese tuzobasange hamwe tubahe imbunda tumurase nimbonerakureze kandi imodoyawe ntushavure iyaguhaye iyo uzabona niyindi
5 Ruheshi 2015, 11:59, par Irakoze Melance
Mbega yemwe ibibintu bizohagarara ryari?ndasavyantu barinyumayayamabi bayahagarike hanyuma bagiranire ibiganiro kuko nivyovyamye biranga abarundi.
5 Ruheshi 2015, 13:35, par kami
Mwasubiye guturira se kandi!? Mwiyemeje kuba inkoramabi ngo muri abamanifesta, abazungu barabashuka!!
5 Ruheshi 2015, 13:37, par DESIRE
KO VYOBAVYUKURI BISHOBOKA KO NUMUNTU YAKWA UBURENGANZIRA BWOMWIBARABARA YEZU YADUCUNGUYE NAVUGE IJAMBO RIKWIYE KUBURUNDI
5 Ruheshi 2015, 13:38, par DESIRE
KO VYOBAVYUKURI BISHOBOKA KO NUMUNTU YAKWA UBURENGANZIRA BWOMWIBARABARA YEZU YADUCUNGUYE NAVUGE IJAMBO RIKWIYE KUBURUNDI
5 Ruheshi 2015, 14:20, par KADARA
haha!!!! none izobazwa bande
5 Ruheshi 2015, 14:34, par Nahimana Vianney
Mbe Peter Nkurunzinza Ko Tuzi Yuko Asenga Cane Ntiyoheba Ikikiringo Ca 3 Turabona Katubesha Ko Asenga Ahaa
5 Ruheshi 2015, 15:45, par MISSIONAIRE EVENGÉLIQUE
NTAKUBIDEHA IYO YATURIWE N’ABARUNDI BAHAYE IMITIMA YABO ABANYE POLITIQUE NA MA SHIRAHAMWE AHARANIRA INYUNGU ZA POLITIQUE ARIKO UTA BIHISHURIWE WO KWIBWIRA NGO N’ABAKOZI B’IMANA ARIKO SIVYO!KUGEZA AHO UMUNTU ATURI IKINTU C’UMUBANYI ARIKO SATANI AKAMUTAHUZA KO KIZOBAZWA UMUKURU W’IGIHUGU OYA !SENTARE Y’IMANA NTIHENGAMA UMUNTU NICO YAKOZE 2KOR 5:10 ABAROMA 14:10-12 MWIHANE
5 Ruheshi 2015, 16:34, par BUTOYI ERIKE
Turahoje nyenumuduga ivyovyama vyabaye ntakundi niwigumye imana izoguha iyindi ntakundi tubandanya tugusengera
5 Ruheshi 2015, 16:37, par KADARA
muburundi ahubwo harateye isoni ntibokwicara bakabiheza none bagomba tujehe duhunge nihagire uwuhebera abandi kuko turagowe raba abantu baraheze nimiduga iraheze none bizogendagute.
5 Ruheshi 2015, 17:56, par Mafya
umv ikint yanka nikimw nuko arekuy hariho ikibaz agira kubamushigikiy
5 Ruheshi 2015, 18:04, par vital
shikara muturire mugwize ivyaha icomugamije twarakibonye mwabagomemwe mushaka tujehe?nabagiye bateranye ikigongwe vyose ni pacifipue
5 Ruheshi 2015, 18:14, par NDIKUMAGENGE CEREUS
NUKURI NYENIMODOKA YIHANGANE.KIMWE GUSA IMANA NIVYOSE
5 Ruheshi 2015, 20:39, par MUGABONIHERA
MBABAJWE NABOBAVANDIMWE BARIKWONONA IVYABANDI KUBERA INYUNGU ZA BANYEPOLITIPUE IYOBABA ABIBUKA BARIKWIBUKA ABO BUYOYA YASHIZEHO ICOYABAHEMVYE IYO SINKURU MBARIRANO NARINDIMWO BADUHEMVYE KUDUFUNGA KUMUSAGA JEWE NUKO NAGIRIWE UBUNTU NGATOROKA NTARASHIKAYO VENDAME NTIMUMUZI KWARIWE YADUHIGA BAMWE AKABARASA NAMWE MURINDIRE NICO MUZOHEMBWA INGOMA MUBURUNDI NIZIMWE HAVUYEMWO BAGAZA
5 Ruheshi 2015, 20:41, par MUGABONIHERA
MBABAJWE NABOBAVANDIMWE BARIKWONONA IVYABANDI KUBERA INYUNGU ZA BANYEPOLITIPUE IYOBABA ABIBUKA BARIKWIBUKA ABO BUYOYA YASHIZEHO ICOYABAHEMVYE IYO SINKURU MBARIRANO NARINDIMWO BADUHEMVYE KUDUFUNGA KUMUSAGA JEWE NUKO NAGIRIWE UBUNTU NGATOROKA NTARASHIKAYO VENDAME NTIMUMUZI KWARIWE YADUHIGA BAMWE AKABARASA NAMWE MURINDIRE NICO MUZOHEMBWA INGOMA MUBURUNDI NIZIMWE HAVUYEMWO BAGAZA
5 Ruheshi 2015, 21:21, par vyamungu
nikuki haturirwa imodoka haciye akanya izindi zikaca zihahagarara atamwanya uheze abajejwe umutekano nibahakanurire jewe mbonako imodoka ziturirwa arizabantu bashigikiye umugabwe uri kubutegetsi kuko ntakuntu boturira imodo mungagara ubwonyene izindi zigaca zihahagarara atabwoba ntimwunva ko abo baca bahagaruka bazinanye nabo baziturira?.
5 Ruheshi 2015, 21:29, par Chretien
Imana yonyene niwe mucamanza kuko vyabaye igisirikare kibona
5 Ruheshi 2015, 21:33, par jean paul
Ariko. Ntimubona ko abarundi turi kwinjira mugihombo kinini rwose? Kuki mutabarira inzego zishinzwe umutekano zigakemura iki kibazo .
6 Ruheshi 2015, 06:04, par Muhirwe leonidas
kubwukwihangana kw abarundi imana igiye gutabar igihugu.Maz ivyo bizibagirwa twubak uburundi busha!Murakoze.
7 Ruheshi 2015, 03:27, par vuganeza
@thomas
Wewe ivyo wyumva vyumvikana?Ni ubukozi bw’ikibi bw’abatutsi bajingitwa kubona umuhutu afise akantu badafise,ubu ils en profitent pour montrer leur vrai face,izo modoka na mandat bihuriye he?Izo modoka nizo kwa peter?Canke abahutu bose ni aba cnddfdd par consequent ba nyagupfa?Mbe nkiyo abahutu muriko musinzira,mubakorera,mubakurikira i la haye,mwese rindira umunsi batanguye guturiza utuzu twanyu turi hano mu burundi niho muzokoma ,aho mwibaza ngo ni abantu muri kumwe?Ikintu cose c’umuhutu ubu baraturira aba umu FNL n’uwundi wese ,ntawe bareka,rero murindire!
Mbega iyo uvuga abapfa ni bande?bamwe bicwa na benewabo kugira igitigiri co kwerekana pour confirmer un genocide soit atteint?Erega turazi ko au moins 15 tutsis par jour bategerezwa gupfa biswhe na benewabo harya mu ma quartiers,reka kuza murabaza ivyo muzi!Za uraraba ama video urabe montage z’abatutsi bo ku mutakura baturira udutebe twabo twaboze bagaca bavuza amaruru imbere ya wa mu journaliste wa RFI ngo polis ibatuririye inzu,bashaka intebe nshasha!Raba ingene umukobwa na nyina nimba atari mwenewabo baca bagenda batwenga après iyo montage,raba kuri site yitwa gahuza!
Nimwidagadure ku tuntu abahutu biguriye,pour l’instant mwumva muhambaye,ariko bburya muzovyishura.
8 Ruheshi 2015, 09:39, par captain
poor leadership,don’t blame any one,first think the source,ugwanko niko rumera,bitegwa numuyobozi mubi abandi bakazira ubusa.
8 Ruheshi 2015, 12:33, par Giti zumbi
Ni akamuna
8 Ruheshi 2015, 16:19, par nkurunziza
Gusambura ntibigoye nkokubaka,murarabe neza