Accueil > Amakuru > u Burundi > Imodoka y’ishirahamwe « Horizon » yahiye n’ibidandazwa vyarimwo (...)
Imodoka y’ishirahamwe « Horizon » yahiye n’ibidandazwa vyarimwo vyose
mardi 15 Ntwarante 2016, par
Imodoka yo mw’ishirahamwe ryunguruza abantu « Horizon » yahiye hamwe n’ibidandazwa vyose vyarimwo igeze i Bujumbura. N’aho Imana yakinze kuko ata muntu n’umwe yahasize ubuzima, kabaye agahombo ku badandaza baburiyemwo ivyo bari bavuye kurangura muri Uganda vyose.
Ingenzi zari zije ziva mu gihugu ca Uganda zerekeza i Bujumbura zamenyesheje ko zatanguye kubona ko iyo modoka ifise ikibazo bakiri i Mbabala mu gihugu ca Uganda, ariko umudereva akaba yaciye arondeye umufundi (Mécanicien) yagenda arayikora mu mihingo itandukanye.
Iyo modoka igeze i Bujumbura aho bita kwa Busigo, abari muriyo bumvise ikintu giturika mu mapine, ariko bakavuga ko umudereva yabandanije urugendo barimwo. Bageze muri zone ya Kamenge, aho bita IWABO W’ABANTU, iyo modoka yatewe n’umuriro abarimwo batamenye aho uje uva. Abantu bari muri uwo muduga bagize amahirwe y’ukurokoka, ariko ibidandazwa vyose bikaba vyahiye.

Abo badandaza bavuga ko ari agahombo gakomeye cane kuribo, bakamenyesha ko bagiye kwitura iryo shirahamwe « Horizon » kugira basabe ko boshumbushwa, vyanse naho bakavuga ko bazoca bitura ubutungane.

IGIHE
Messages
15 Ntwarante 2016, 22:32, par Niyonahabony clovis
Nanon vyarivyaratevy gush.ereg birashaj! bigend birakutir. uburer karashizingan abarund tugum dutez amabok? nn muburund harabuz ishirahamw ryo gur bus nkiry? yunguruz abant?
15 Ntwarante 2016, 22:33, par Niyonahabony clovis
Nanon vyarivyaratevy gush.ereg birashaj! bigend birakutir. uburer karashizingan abarund tugum dutez amabok? nn muburund harabuz ishirahamw ryo gur bus nkiry? yunguruz abant?
16 Ntwarante 2016, 11:20, par koko swing
ubwo na nyamitwe muzavuga kwadateGA ibisasu kandi ariwe bashinja ufupfu rwa ADOLPHE?
16 Ntwarante 2016, 11:31, par turaje
VOLCANO mwarayituriye none raba , nabado mtaona
16 Ntwarante 2016, 17:38, par jean
u rwanda rwabatizaga indege zo kuzimya isoko none nta na kizimyamoto mufise?
16 Ntwarante 2016, 18:03, par Arakaza Inès
Kuvyukuri Turahojeje Abadandaza Bose Baburiye Ivyabo Mwiyo Modoka Tukaba Twosabako Iryoshirahamwe Horizon Ryoba Shumbusha.
17 Ntwarante 2016, 11:42, par ALAIN-WHITE NIYOMWUNGERE
MBANJE KUGIRA NTI MWIHANGANE ABAHUYE NISANGANYA KANDI NTI DUSHIMIRE IMANA KUBONA MWARAROKOTSE HANYU JE NUMVA IRYOSHIRAHAMWE RYOSHUMBUSHA ABAHABURIYE IVYABO KUKO BAMAZE KWUMVA AHO IMBABALA IFISIKIBAZO BARI GUCA BATELE4NA IYINDI MODOKA NTIBARI KUBANDANYA BAGENDA IMODOKA IDAKIZE AHUBWO NIBASHUMBUSHWE VUBA
17 Ntwarante 2016, 12:54, par turaje
OK na nkurumbi nawe ashumbushe ababuriye ivyabo mwisoko rikuru rya Bujumbura kuko niwe yarituriye . 1-1