IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imodoka y’ishirahamwe « Horizon » yahiye n’ibidandazwa vyarimwo (...)

Imodoka y’ishirahamwe « Horizon » yahiye n’ibidandazwa vyarimwo vyose

mardi 15 Ntwarante 2016, par egide

Imodoka yo mw’ishirahamwe ryunguruza abantu « Horizon » yahiye hamwe n’ibidandazwa vyose vyarimwo igeze i Bujumbura. N’aho Imana yakinze kuko ata muntu n’umwe yahasize ubuzima, kabaye agahombo ku badandaza baburiyemwo ivyo bari bavuye kurangura muri Uganda vyose.

Ingenzi zari zije ziva mu gihugu ca Uganda zerekeza i Bujumbura zamenyesheje ko zatanguye kubona ko iyo modoka ifise ikibazo bakiri i Mbabala mu gihugu ca Uganda, ariko umudereva akaba yaciye arondeye umufundi (Mécanicien) yagenda arayikora mu mihingo itandukanye.

Iyo modoka igeze i Bujumbura aho bita kwa Busigo, abari muriyo bumvise ikintu giturika mu mapine, ariko bakavuga ko umudereva yabandanije urugendo barimwo. Bageze muri zone ya Kamenge, aho bita IWABO W’ABANTU, iyo modoka yatewe n’umuriro abarimwo batamenye aho uje uva. Abantu bari muri uwo muduga bagize amahirwe y’ukurokoka, ariko ibidandazwa vyose bikaba vyahiye.

Abo badandaza bavuga ko ari agahombo gakomeye cane kuribo, bakamenyesha ko bagiye kwitura iryo shirahamwe « Horizon » kugira basabe ko boshumbushwa, vyanse naho bakavuga ko bazoca bitura ubutungane.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.