Accueil > Amakuru > u Burundi > Aberwa n’amatora babandanya kugendera ahariko harakorerwa intonde (...)
Aberwa n’amatora babandanya kugendera ahariko harakorerwa intonde z’abiyandikishije
vendredi 20 Ruhuhuma 2015, par
Bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi basaba umurwi CENI kunyarutsa igikorwa co gushira mu nyabwonko abashoboye kwiyandikisha kugira kize kirangire vuba ntigitume ikirangaminsi c’amatora gihinduka.
- Abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi bishikiye ahariko harashirwa mu nyabwonko amazina y’abiyandikishije
Guhera hagitangura igikorwa co gushira mu nyabwonko abiyandikishije, impande zitadukanye zirabwa n’ikibazo c’amatora mu Burundi, ziguma zikurakuranwa kuja kuraba ahariko harabera ico gikorwa mu nyubakwa CECORES. Inyuma y’abagize Reta y’Uburundi baherukayo, n’abakuru b’imigambwe, kuri uno wa 19 Ruhuhuma 2015, hakaba hishikiye abasanzwe baserukira ibihugu vyabo mu Burundi.
Uwusanzwe aserukira igihugu ca Reta Zunzubumwe za Amerika Down Liberi, yamenyesheje ko ari igikorwa giteguye neza. Yaciye asaba ko intonde z’abiyandikishije zomanikwa hakiri kare. Uwusanzwe aserukira igihugu ca Hollande mu Burundi, Jolke Oppewal, amenyesha ko ico gikorwa gisa n’icatanguye gitevye gato. Ariko arashima ko umurwi CENI uriko ukora ibishoboka vyose kugira ico gikorwa kinyaruke. Ku bwiwe, avuga ko aravye amamashini ariko arakoresha uko angana, birashoboka ko ico gikorwa gishobora guhera ku gihe, nk’uko itegeko rigenga amatora ribitegekanya. Akaba yongeye gushima ka karyo bemereye abatashoboye kwiyandikisha kugira biyandikishe.
N’uwuserukira igihugu c’Urwanda Amandin Rugira, nawe nyene arashima igikorwa c’umurwi CENI.
Kuri uno wa gatanu naho kari akaryo k’abasanzwe barongoye ibimenyeshamakuru n’amaradiyo mu Burundi ko kuja kwirabira aho ico gikorwa kigeze. Igihe c’isaha zitatu n’iminota mirongo ibiri n’itandatu bari bamaze gushira mu nyabwonko abantu bashika ku 1.330.387, muri kino gihe bakaba bafise amamashini amajana atatu na mirongo ine(340) , mu minsi iza naho bakaba biteze amamashini yandi mirongo ine aza yiyongerako nk’uko umukuru w’umurwi CENI abishikiriza.
Floxella Karire