IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Impunzi z’abarundi zifise indwara zikomeye zisaba kwitabwaho (...)

Impunzi z’abarundi zifise indwara zikomeye zisaba kwitabwaho bidasanzwe

vendredi 5 Ruheshi 2015

Impunzi z’Abarundi zifise indwara zikomeye harimwo n’izidakira ziba mw’ikambi y’impunzi ya Mahama mu Rwanda,zisaba kwitabwaho vy’umwihariko,kuko gushika ubu zitararonswa imiti zategerezwa gufata.

Muri izo mpunzi abagendana umugera wa Sida bashika 125,bavuga ko imiti bahunganye yaheze, ko kandi ko mu gihe atacokorwa ngo babandanye kuyironka ubuzima bwabo bushobora kuba nabi cane.

Mupfuyisoni Laetitia,umuremeshakiyago yavuze ko ikibazo nyamukuru ari uko hari abo imiti yamaze guhera ubu bakaba bibaza uko bizogenda mu gihe n’ibijanye n’infungurwa bidakwiye bafatiye ku ndwara bafise.

Yavuze ko indwara ya SIDA ari indwara ikenera ko uwatanguye imiti atayihagarika, ariko ubu abari mw’ikambi nka bose barayihagaritse ari naco gituma avuga ko bashobora no kwitaba Imana.

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe kuraba Ibiza n’Impunzi Ruvebana Antoine,yavuze ko hari ibimaze gukorwa harimwo nko gutanga umusururu ukwije ibisabwa vyo kwubaka umubiri,ibindi bikaba bibandanya gutorerwa umuti bivanye n’inguvu babishizemwo.

Ruvebana yavuze ko kwubaka ikambi y’impunzi ari igikorwa gifata umwanya, ku buryo ibibazo vyose vy’impunzi bitoshobora gutorerwa umuti icarimwe.

Yavuze ko inzego zitandukanye ziriko zirakora ibishoboka vyose kugira hongerwe inguvu mu bice bitandukanye haba mu buvuzi ,indero ,gufungura no mu bijanye n’ibikoresho vy’isuku.

Kugeza ubu Urwanda rumaze kwakira impunzi z’Abarundi zishika 26,796.


Van Naris Mugisha

Messages

  • yemwe nibarabe babafashe babe barabaho ahohose ningaruka mbi ya nkurumbi yanka kurekura na za mbonerakure ze kweli

  • nukuri nugusenga imana kuko imana ntabwo izemerako abantubayo bapha uko ariko kandi abantu mufite umutima wikigorwe mubafashe imana izobashumbusha incuro igihumumbu muvyo muzoba mwakoze ntimurabe ivyo muzoba mutanzo imana iracari kuntebe yimbabaz ariko ndashiye ret yurwanda yakiriye impunzi zabarundi mwarakoze cn

  • U Rwanda rutegerezwa kudufariraneza abarundi rwahanagaye ngobarufashe politike rwatanguye yogufiranganya umugambi wogusangira ubutegetsi bwamikoyose abamugihugu cu Rwanda, ngontirushaka kobaguma barubwirako rukwiye gucanga igisirikare ngonkakurya vyakozwe mu Burundi, uburero Kagame nincutiziwe biyemeje gushiramahera meshi mumugambi wokeonona igikorwaciza abarundibakoze cogusangira ubutegetsi abahutu ,abatutsi, na batwa. Nukuvuga ngobivakundiye Kagame azobatsindiye kugumizaho itwaro yubwiko bumwe, bitabakundiyenaho vyasebikunze Kagame baramwemeza Ko aringimbwako igisirikare kigiramwo igitigiri runaka cabahutu nigitiguri runaka caba Tutsi. Kubwivyorero muntumbero Kagame yogushaka kugumizaho intwaro yubwoko bumwe murwanda abanje kwonona intambwe abarundi bateye yogumuraho ukwingungira kubutegetsi kwubwoko bumwe. Icambere kizobibereka abantu bizeneza umugambi wa Kagame uzosanga batemera abajejwe umutekano bomuburundi ariko bakemera abajejwe umutekano bomu Rwanda. Ivyorero akababona iyo abarundi bakoneje kuvuga ivyoyababwiye vyokuvugako batizeye abajejwe umutekano biburundi ariko bizeye abajejwe umutekano bomu Rwanda, ivyonivyo abonako azoza arabwira amakungu Ko gusangira ubutegetsi nayandimoko yabanyarwanda ntacovyomara ngongirango mwarabonye kwahovyakozwe mu Burundi atacobimariye abarundi ahubwo bishimira kuzagucungerwa umutekano nabashinzwe umutekano banje nibobizeye kuruta abiwabo Burundi.

  • Sinziko ari jewe nasomye nabi,impunzi ko zagabanutse ,mu minsi iheze batubwira ngo hafi 100000 nizo bakiriye!Izindi ziri he?Murabe neza ya mivyimba yo muri kanyaru twumva,ntimwibagire abanyamulnge babakuyemwo 1000 bahungiyeyo!
    ariko izo mpunzi zagiye zivuga ngo zihunze inzara zimwe ,none hariya naho ntibaronka ivyo barya bikwiye?Vya bidollar HCR iheruka gusohora vyagiye he?mwa mpunzi mwe,kumbura mutahe mu matongo yanyu mushobora no kwaha umusoma mugashira mu duharage n’utumesa magafungura umunsi ukaba urigiyeyo,ata gitsure ca bene gihugu!Bien sur il faudra que muba murima,mwahunze igihugu kibavura,muja i Rwanda mwibazango bafise industries zikora imiti yasida,barababeshe bayironka nkatwe twese muri afrika ,barabahenze ba vitali na za RPA ngo imbonerakure zirabica kugira zibabuze amatora,ni mwebwe ba ba nyarucari muronderwa vya bitutsi vyo muri villes vyirigwa vyiyereka imbere ya camera z’abazungu,kandi bikaba bitonda mu ma bureaux,abahunga ni abo bumvisha ko bokora ibishoboka vyose amatora ntabe nobo nyene ni abatutsi bujuje ibifaranga babonye abazungu bugaye ama robinets nabo bati tuvyaranye abo,ko batahunze kare,mwebwe taha musubire mu matongo yanyu mwarahenzwe.Abo bose bashaka kubuza amatora twarabahinyuye ,bigira ngo ni za moralité,abatutsi ntazo mwigeze mureke kwiseka muhenda abatabazi!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.