Accueil > Amakuru > u Burundi > Impunzi z’Abarundi ziri mu Rwanda zigiye kwimurirwa mu bindi (...)
Impunzi z’Abarundi ziri mu Rwanda zigiye kwimurirwa mu bindi bihugu
vendredi 12 Ruhuhuma 2016, par
Reta y’Urwanda yatangaje ku mugaragaro ko igiye gutangura gukorana n’abo basanzwe bafashanya mu muryango mpuzamakungu, mu ntumbero y’ukurondera uburyo buteguwe neza kandi bukwiye bw’ukwimurira impunzi z’Abarundi mu kindi gihugu.
Umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu, Louise Mushikiwabo, yamenyesheje ko Urwanda rukurikiza ivyo rwiyemeje mu kurinda no kwitaho impunzi, ariko ko ikiboneka mu karere k’ibiyaga binini, ari uko ukwo kuguma kw’impunzi mu gihugu cegeranye n’ico zaturutsemo, bigira ingaruka zikonekeza ku mpande zompi.
Umushikiranganji Mushikiwabo Louise yagize ati : "Bijyanye n’impamvu zizwi neza z’umutekano muke mu Burundi no gukomeza kwiyongera kw’impunzi, biteye ikibazo. Binatuma impunzi zihura n’ibibazo bitandukanye baterwa n’abaturuka mu gihugu cyabo, bikabangamira kugerwaho kw’igisubizo kirambye cya politiki. Ku ruhande rw’u Rwanda, ibibazo bikomeje kwiyongera ku mutekano w’igihugu biterwa n’Abarundi, no kutumvikana mu mibanire yacu n’amahanga ntabwo twabyihanganira.”
- Louise Mushikiwabo, umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu akaba n’umuvugizi wa Reta y’Urwanda
Mu mezi aheze, Urwanda rwasavye abo basanzwe bafashanya, hamwe n’imiryango mpuzamakungu, kwakira Abarundi baba mu makambi hamwe no mu bisagara vyo mu Rwanda.
Urwanda rushize ahabona iyo ngingo rwafashe, inyuma y’aho abategetsi bo mu bushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu, bamenyesheje ko bafise ivyemeza ko Reta y’Urwanda ifise uruhara mu mabi amaze imisi akorerwa mu Burundi.
Muvyo Amerika yagirije Urwanda, hari ugutanga inkoho n’imyimenyerezo ku mpunzi z’abarundi zahungiye muri ico gihugu. Abo bategetsi bo mu bushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu bemeza ko inkuru bafise bahawe na bagenzi babo bakorera mu makambi y’impunzi mu Rwanda, zivuga ko Urwanda rufise uruhara mu ntureka zibera mu Burundi, impunzi z’abarundi harimwo n’abana, bikavugwa ko baronswa imyimenyerezo mu makambi ya gisirikare c’Urwanda, kandi ko bamaze gutana mu mitwe na Reta y’Uburundi hakoreshejwe inkoho.
Abicishije ku muhora wiwe wa Twitter, umushikiranganji Louise Mushikiwabo yamenyesheje ko Urwanda rudashobora kubandanya kwihanganira ibibazo vya poritike bishirwa mu kibazo c’Uburundi.
Urwanda rwahaye ubuhungiro impunzi z’Abarundi zirenga ibihumbi 75, zatanguye kwinjira mu gihugu c’Urwanda ku bwinshi muri Ndamukiza 2015, igihe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatangwa n’umugambwe wiwe CNDD FDD kugira yiyamamaze mu kibanza c’umukuru w’igihugu.
IGIHE
Messages
12 Ruhuhuma 2016, 09:47, par ndikuriyo alexis
REKA SHA KWIGIRISHA. MBE UYO MUSHIKIWABO AHENDA NDE AFISE IMVUGO NYINSHI KUKO UNO MUSI AVUGA UKU EJO AKAVUGA UKU. JEWE NDUMVA BIGIYE KUBAKOMERANA. NUMWANA YOBONA KO U RWANDA ARIRWO RURI INYUMA YINTAMBARA NI MIVURUNGANO IRI KUBERA MU BURUNDI.
12 Ruhuhuma 2016, 09:48, par eric
mushaka kwere mutera . barababenye ko murababeshi bambere.
hari reta isaba kwimura 50000 refugies.kuberiki mutabasubisa iburundi aho bavukiye? mubabesha ngo bazoja iburayi
12 Ruhuhuma 2016, 09:53, par kamaro
uko niko urwanda ruhora rukanga amahanga, ejonaho bazoja mumihanda bigaragavye ngo bababesheye!. kuki hatavurwa CONGO ,TANZANIA nahandi nahandi? urwanda rukwiye kureke tukabana neza. baragize neza kwakira impunzi ariko kuca bazikoresha mubikorwa bibi sivyiza!, ico utashaka ko bagukorera ntugikorere uwundi. nuko bavandi mwihangane muhagarike ivyobintu dusubire guturana neza, ndibuka igihe nyakwubahwa nkurunziza yarahira muri 2010 umukuru wurwanda KAGAME yaraje iburundi mubirori......ibi binzarangira dusubire tubane neza uko nukuri.....
12 Ruhuhuma 2016, 10:00, par Burundi Jean
Ndatangazwa Nabategetsi Bamwebamwe None Kwigisha Impunzi Ikiroberi Bari Bazi Ko Atawubabona ? Nanone Yasatelite Ibona Ibinogo Vyahambwe Abantu Benshi Ngira Ntiyaribwo Itangure Gukora Nico Gituma Nubu Ibisasu Biguma Bihekura Abarundi Arimwe Mwabitanze. Izoteba Yerekane Ababitera Ingabo Zaco Nazo Zigumane Molale Ndazi Ko Arintagoheka Zikora Ijoro numurango
12 Ruhuhuma 2016, 10:01, par Burundi Jean
Ndatangazwa Nabategetsi Bamwebamwe None Kwigisha Impunzi Ikiroberi Bari Bazi Ko Atawubabona ? Nanone Yasatelite Ibona Ibinogo Vyahambwe Abantu Benshi Ngira Ntiyaribwo Itangure Gukora Nico Gituma Nubu Ibisasu Biguma Bihekura Abarundi Arimwe Mwabitanze. Izoteba Yerekane Ababitera Ingabo Zaco Nazo Zigumane Molale Ndazi Ko Arintagoheka Zikora Ijoro numurango
12 Ruhuhuma 2016, 10:04, par eric
you failed to remove nkurunziza and all knows you even if the one(america)which send you to do that is returning against you.
you now find excuses to shine by asking 50000 refuges out of your country .THEY BELONG TO BURUNDI AND IS SAFE FOR THEM WHILE THEIR LANDS ARE SAFE.DO NOT WASTE THEIR GENERATION TIME BY SENDING THEM ANYWHRE. LIFE IS NOT EASY.
The best people who knows rwandeses are burundian.You have created so much enemy quatly
12 Ruhuhuma 2016, 10:14, par Evariste
Imana Niyo Mucamanza.Ivyo Ukora Wihishije Bizoja Ahabona
12 Ruhuhuma 2016, 10:24, par che
Gouvernement y’u Rwanda iraba kure kabisa. Yanse gukomeza isigwa iceyi.
12 Ruhuhuma 2016, 10:37, par matana
mbega aho bavuga ngo bigisha inkoho mwikambi abo babeshe nibaba vuge tubamenye jewe nzi ko atarivyo .nagato izo nimbonerakure zahawe amahera ngo zirementanye .muGA IMANA IRATUBONA TUZOTEBA DUTAHA IWACU IBURUNDI.
12 Ruhuhuma 2016, 10:44, par kaka
Komera mushiki wacu Turebe urundi rwitwazo bitwaze mu mabi abera iwabo
12 Ruhuhuma 2016, 11:00, par bebe
Nizere ko interahamwe ni mbonerakure mwishimye Sawa Imana ihora ihoze sha.
12 Ruhuhuma 2016, 11:01, par Kabango
@ None uzongera kuvugiki ku rwanda?
12 Ruhuhuma 2016, 12:06, par Mahoro
Iyo leta y’urwanda y’abicanyi mu karere des grands lacs niyo yabujije amahora muri ako karere nyene ariko Uburundi buzobera ifuro ry’igiti. Mwiyorobetse kera mwigira abera ariko muri amabingira,mwiririsha ngo jenocide kandi arimwe mwayiteye mukongera mukayiko, mwibwira ngo amakungu nta maso agira!Imiliyoni zitanu z’abanyarwanda ku butaka bwa Kongo zariyahuye?Umuhutu mu rwanda asigaye ari sous-homme, mukigira ngo amakungu ntabona, ntiyumva.Modèle yanyu ya jenocide ntiri exportable. Ni mugumye itungo ryanyu.Uburundi buzobatangaza.
12 Ruhuhuma 2016, 12:18, par General RUTATINA
Izo mpunzi nibazijyane muri ETHIOPIA cyangwa SOMALIA
12 Ruhuhuma 2016, 13:13, par karorero
Louise ndabona ibyuvuga nivyo ukora usanuwarushe,rero bwira uwagutumye akokazi kibi,yoma uti akira ivyawe nsanze abarundi arabagabo babushitse badakangwa nimbundege nkatwe.
12 Ruhuhuma 2016, 15:15, par rurenzangemero
jewe mushikiwabo ndamureba kuri screen nkasaba imana yomumpa noca ndamwica. peeeeeeeeeee kwinziza abana mugisoda uwo numuntu? uwo numuvyeyi? ico wumva ari igihugu?
12 Ruhuhuma 2016, 18:18, par Ruterana
Ubwo se Mushikiwazo (inkoramaraso) aragira ngo tumenye ko ariwe uvuze!!!? Uwamutumye ni Inkoramaraso izisumbya intambwe (kagame).
12 Ruhuhuma 2016, 20:04, par burundi
nibagaruke tubavyareko imbonerakure umurundi wumutima nahungumuyaga ugwanda rusubiye tuzorufatanya nuburundi bibe ivyacu,
12 Ruhuhuma 2016, 21:09, par Iribuka
ARIKO HARABANTU BAGIYE GUSARA MBEGA UMWUBAHWA KAGAME MURIBWA MUNDA NINTAMBWE ITANGAJE YAGEJEJE KURWANDA RWIWE MUGIHE NKURUMBI WANYU YAGERAGEJE KUMWIGANA BIKAMUTA KUWAMAZI KARACABARYA BASHA POLITIKE YUMWUBAHWA KAGAME NUKUGEZA KUNTAMBWE IBONEKA KURWANDA NABANYARWANDA MUGIHE NKURUMBI WANYU POLITIKE YIWE ARIYO KWICA ABANTU GUSA, MBEGA IMBURAKIMAZI ZIRIRWA ZIVUGA AMAJAMBO ATAGIRA AGACIRO NGO ampire hima MBEGA HIMA NIGIKI SHOBUJA VYAMUNANIYE NTAKUNDI NIMWIHANGANE MUTAMA KAGAME NAWE YIBANDANIRIZE
12 Ruhuhuma 2016, 21:55, par MASTA
NONE KO TWUMVA NGO BAGOMBA KWIMURA IMPUNZI BAZOZIMURIRA HE ?
13 Ruhuhuma 2016, 01:55, par M
Nibagerageze nkuko babishikirije babaronderere ikindi gihugu,kuko zambonerakure zocengetera zikihinkumbi ngaho murwanda.abacigaye nabo turaheze.
13 Ruhuhuma 2016, 07:40, par nice
Emwe uru rubuga ruriko ubushyo bw’intozo nyinshi. Nta soni mufise muriko muratuka uyu mupfasoni? Ibihugu biri hano biri mu mahano kweri. Erega si abantu ni imbwebwe zigendera.
13 Ruhuhuma 2016, 09:21, par amisi amiri
iyi ni mitwe yo gushaka gucecekesha amakungu kugirango yumve ubwoba ko niyabandanya gushinja n’ ukotsa igitutu reta ya Kagame ko none impuzi reta izaca izirukana. ariko ukuri kuguma hahandi.abarundi bumutima tugume dufatana munda kwakundi nyene dutsinde Kagame wu Rwanda aduhungabaniriza amahoro yacu i burundi. gusa natareka bizamugira ingaruka...
13 Ruhuhuma 2016, 10:11, par karit
ahubwo ndabonye ko leta y’ uburundi igwa neza ubundi ubu yakabaye itanga ikirego munkiko zikomeye urwanda rukishura abapfuye in vyangiritse vyose. vyaba nangombwa bakarufatira ibihano. ariko abarundi muravuga cane kuruta ibikogwa,burigihe muba mushaka ababafasha.
13 Ruhuhuma 2016, 11:31, par Ndayisenga betty
Ego nivyo nibabimure babakure ngaho impande y’uburundi barya baja muri tanzania aho imahama ntibohashika mvuga imbonerakure
13 Ruhuhuma 2016, 18:36, par Mukristumurugendo
At Iribuka, urukundo rusumba ivyovyose wihaya, Yezu nawe yaye ahantu bamusanganiza kumubwira ngo mwigisha raba iyinyubako ukwimezeneza, Yezu yishuyengo wewe urareba ivyinyubakwa ? Yezu aravug’ati ntabuye rizosigara rigeretse kurindi ridasamburiwe yasi. Icotwobasaba twebwe abemera imbereyavyose shirimbere urukundo nkandi mwene kiryakintu utifuza kobagukorera ntukagikorere uyundi/abandi. Muvyukuri ndaziko mubizi nubwowogira ibintuvyishi utagira urukundo vyose ntacobibabimaze kuko mukanyagato wokwihangana muyindi situation. Nimugerageze nimiburiburi mwibuje wamutunzi dusoma muri bibiriya ayoyaboye ahoya takambira uwoyatutse. Amen?.
13 Ruhuhuma 2016, 21:15, par DIPINE
MWOBAMUGIZENEZA
13 Ruhuhuma 2016, 22:24, par samara bakwogoshe
Kabisa izompunzi nibazimurire mumakungu kuko cndd fdd itavuye kubutegetsi ntibazosubira mugihugu ahubwo icombona ku rwanda muragabe kuko nkurunziza ateye ubwoba arashobora kuzokwihora kuvyomwamukoreye
15 Ruhuhuma 2016, 07:59, par nkdn
turazi kwarabanyarwanda bari barigumije muburundi ahubwo urwanda nirubahe amatongo babemw barashitse iwabo abo batutsi birwanda nibo batwiciye igihugu abatutsi na bahutu biburundi babanye neza bafatanye munda reka bajane mumahanga niyo porituke ya kagame murabona ko no murikongo abanyarwanda babanyamurenge ukuntu bigumije murikongo ngobikunde ampire hima ikunde twarabahinyuye
15 Ruhuhuma 2016, 11:47, par ibigoyemakungu
impunzi zabarundi zihunga iki
impunzi zabarundi zihunga iki,iburundi ntantambara ihari ahubwobamenyereye kurya ibyubusa, urwanda rugomba kubasubiza iwabo.1994 impunzi zabanyarwanda barazirukanye twaratashye ,twubaka igihugu, ndizerako abarundi ntakintu nakimwe bamara irwanda,ahubwo muhambirize, mubahe impamba, bagende bubake igihugu
15 Ruhuhuma 2016, 20:23, par Umutunzi
Abarundi bahungaiki??perezida wumukristo.nibatahe mubahe amasahayokuva kubutakabwurwanda. Nibamushikiwabo bikunaniye wiyambaze.zimbabwe. 1972batahe bubake igihugu?utazi umurundi arunda munzu. Muzaba mubo a . Africa nini.niba babuze umutekano.irwanda bagenahandi
15 Ruhuhuma 2016, 20:26, par Manu
Impunzi zabarundi ??ziteye iseseme mumakungu. Kuki zitajya mubindi bihugu by Africa, bamenyere ibyubusa
16 Ruhuhuma 2016, 13:29, par BUTOYI
EGO NIBABIMURE URWITWAZO RUHERE
17 Ruhuhuma 2016, 09:33, par ntakirutimana
Nkurunziza yabonye iturufu yo kwitwaza urwanda kandi ico kinyoma ntikizotinda kumutekurukana nabe ararondera abandi avyegekako rero
11 Rusama 2016, 21:17, par EL BOBO
AHUBWO BOVA NGAHO BAKAJANA NKOMURI AMERICAN
14 Rusama 2016, 16:24, par Joseph Habonimana
AHUBWO HAKO BABUNGURUZA MU BINDI BIHUGU ,NIBATAHE IWABO MU BURUNDI KO HARI UMUTEKANO NTANGERE, ARIKO BAPFE BANGARA BAFISE IWABO?BARUNGIKE BATAHE.
25 Ruheshi 2016, 19:49, par J.B
AHUBWO NIBATAHE MUGIHUGU CABAVYAYE BAZE TUCUBAKANE HAKUBUNGURUZA MUBINDI BIHUGU
2 Ruhuhuma 2017, 20:14, par Havyarimana Pierre
nibazitware kure y’uburundi nturube ugwitwazo gwabanye poritike kuko ndumva ntivyoroshe
21 Ruhuhuma 2017, 04:50, par Niyonzima Diomedi
Reta Yu Rwanda Niyakire impunzi ariko ireke kwivanga nivyo mu Burundi. Kuko nayonyene ntiyorohewe mbona abanwagihugu bayo bari hanze y’igihugu.Umwanyanumwaya umucanwa wokwaka tugeze mugihe c’iherezo,ariko mumenye niyodusesa amaraso kotwaremwe n’Imana mureke gupfa ubwoko,imigambwe,intara,ibihugu,amatongo,nibindi,kuko Imana yaturemye mwishusho yayo.
18 Ruheshi 2017, 20:55, par Hatungimana Pascal
none Leta y’urwanda yoba yiyumviy gukura impunzi z’aburundi mugihugu cayo kuko amerika yavumbuye ko bagize uruhari muguhungabanya umutekano muburundi? biboneka yuko urwanda rufise ico rubiziko kuko ntakoboca biyumvira gukura impunzi mugihugu cabo atacobabiziko ntibishoka ,ntawikang’abinga atayarway