IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Impusha z’ukugendesha umuduga zikozwe mu buhinga bwa none vyatanguye (...)

Impusha z’ukugendesha umuduga zikozwe mu buhinga bwa none vyatanguye gutangwa

mercredi 6 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Ibikorwa vy’ugukora hamwe n’ugutanga uruhusha rw’ukugendesha umuduga rukozwe mu buhinga bwa none (Permis de conduire biometrique) vyatangujwe kuri uwu wa kabiri. Mu giporisi kijejwe uruja n’uruza bamenyesha ko urwo ruhusha rugiye kuzogurwa amafaranga ibihumbi ijana vy’amarundi, abakoresha impusha zahahora nabo bakaba basabwa kuba baguze izo nshasha, gushika kw’igenekerezo rya 29 Munyonyo 2016.

Ubwo buhinga butiganwa kandi budasubirwamwo buzotuma ibiranga umudereva vyoroha kuboneka, amakosa akora akaboneka hamwe n’amahadabu agenda aratangishwa, nk’uko bisigurwa na Commandant MUSEREMU Alfred atwara igiporisi kijejwe uruja n’uruza hamwe n’umutekano mu mabarabara, aho amenyesha ko uruhusha rwahahora rwagurwa amafaranga ibihumbi mirongo ine vy’amarundi, akavuga ariko ko abazorondera urwo ruhusha rushasha bazobanza gukora ibibazo vyabigenewe.

JPEG - 60.9 ko
Commandant MUSEREMU Alfred atwara igiporisi kijejwe uruja n’uruza hamwe n’umutekano mu mabarabara

Abantu bose bari bafise impusha za kera z’ukugendesha imiduga bagasabwa kuzokwishikira i Bujumbura ahatangirwa impusha nshasha kugira bazihabwe.

Tubamenyeshe ko uruhusha rwa mbere rw’ugutwara imiduga rwatanzwe mu Burundi mu kwezi kwa Munyonyo, umwaka w’1937, rukaba rwahawe umugiriki yaba mu Burundi. Kuva ico gihe, hamaze gutangwa impusha z’ukugendesha imiduga zirenga 290.000 kuva igisata c’igiporisi kijejwe uruja n’uruza kibayeho.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.