Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nkenguzamateka yemeje izina ry’icegera c’umukuru w’igendereza
Inama nkenguzamateka yemeje izina ry’icegera c’umukuru w’igendereza
mardi 8 Ntwarante 2016, par
Intwazangabo Yozefu Ndimunkwenge niwe yemejwe n’inama nkenguzamateka kugira ashikire amabanga y’ukuba icegera c’uwutwara igendereza ry’Uburundi.
Iryo zina ryemejwe n’abakenguzamateka bose, iyo ntwazangabo yo mu giporisi c’Uburundi, Yozefu Ndimunkwenge akaba ariwe agiye kuba icegera c’umukuru w’ibiro bikuru vy’igendereza ry’Uburundi.
Uwo yatowe yavukiye mu ntara ya Mwaro, muri komine Kayokwe mu mwaka w’1962. Yize muri Kaminuza ya gisirikare (ISCAM) aho yaronkeye urupapuro rw’umutsindo muvyo bita Sciences fondamentales.
Yamaze imyaka cumi mu gisirikare c’Uburundi, mu nyuma yinjira mu giporisi c’Uburundi.
IGIHE
Messages
8 Ntwarante 2016, 22:57, par manariyo
naze afashe uburundi bwogorore hakiri kare
9 Ntwarante 2016, 05:31, par Waldens
N’umuhutu Cank’umututsi?Ava Mumugambw Uwuhe?
9 Ntwarante 2016, 09:21, par Mpyisi
Waldens urababaje.
Niba ari umuhutu cg umututsi birakumarira iki?
9 Ntwarante 2016, 09:36, par CUMA
nazafashe.kumbure,ubwicanyibwohagarara.canke,agaterigitsur’abicanyi
9 Ntwarante 2016, 12:59, par NTABINTU
EMWE
10 Ntwarante 2016, 15:32, par tari
Akazi kizengo ziperereza ntanumwe atakazi kwarako gutikiza inganda ahubwo jewe simbona nico urworwego ruhabereye igikwiye nuko rwofutwa kuko ntaco rumariye abanyagihugu nigihugu uretse guhekura abarundi Hama abobakenguzamateka nibareke kwidigadiga baraziko atawabatoye iyo namankeguzamateka abakeguzamateka bemewe Ni buyoya ntibantunganya ndayizeye bagaza abandi Bose nibigarasha vyibihahiranda abobane icobazemeza tuzogishigikira mugabo abandi urworuyogoyogo rwabo ntarwo dukeneye
12 Ntwarante 2016, 08:13, par M
Nkurunziza arakazi kokwongereza abicanyi.