IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nkenguzamateka yemeje izina ry’icegera c’umukuru w’igendereza

Inama nkenguzamateka yemeje izina ry’icegera c’umukuru w’igendereza

mardi 8 Ntwarante 2016, par egide

Intwazangabo Yozefu Ndimunkwenge niwe yemejwe n’inama nkenguzamateka kugira ashikire amabanga y’ukuba icegera c’uwutwara igendereza ry’Uburundi.

Iryo zina ryemejwe n’abakenguzamateka bose, iyo ntwazangabo yo mu giporisi c’Uburundi, Yozefu Ndimunkwenge akaba ariwe agiye kuba icegera c’umukuru w’ibiro bikuru vy’igendereza ry’Uburundi.

Uwo yatowe yavukiye mu ntara ya Mwaro, muri komine Kayokwe mu mwaka w’1962. Yize muri Kaminuza ya gisirikare (ISCAM) aho yaronkeye urupapuro rw’umutsindo muvyo bita Sciences fondamentales.

Yamaze imyaka cumi mu gisirikare c’Uburundi, mu nyuma yinjira mu giporisi c’Uburundi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.